IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rumonge: Umugabo n’umugore wiwe bafashwe bariko biba amatora

Rumonge: Umugabo n’umugore wiwe bafashwe bariko biba amatora

lundi 24 Myandagaro 2015

Umugabo n’umugabo wiwe bafashwe bariko baragerageza kwiba amatora y’abajenama b’imitumba,ku mutumba wa Kizuka,komine n’intara ya Rumonge mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015.

Abo bafashwe ni NdikuriyoAlexis umuyobozi w’ishure nshingiro rya Nyamibu,n’umukenyezi wiwe Yvonne Vyisinimana umwigishakazi.Bafashwe bariko bashira amakarata y’itora arenga ayo bategerezwa gushira mw’isandugu ryo gutoreramwo.

Amakuru ava aho mu Rumonge,amenyesha ko bashitse ku biro vy’itora batorerako hakiri cane,kandi umwe wese yari mu kibanza ca mbere mu gutora.Ariko kubera abari bacunze ayo matora bari maso,igihe bariko bakora ivyo baciye babafata.

Inyuma y’impari,bahavuye bumvikana,uwo mugabo n’umukenyezi wiwe baca bashikirizwa inzego z’umutekano,baca bajanwa ku birindiro vyegereye aho batoreye.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.