IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Hoba hari umugambi w’uguhagarika Rwasa Agathon imbere y’amatora

Hoba hari umugambi w’uguhagarika Rwasa Agathon imbere y’amatora

lundi 24 Munyonyo 2014

Umugambwe FNL utemewe n’ubushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu uragabisha ku mugambi woba uhari wo guhagarika Rwasa Agathon, umukuru w’umugambwe FNL, agatabwa mu mvuto, imbere y’uko amatora aba. Muri uwo mugambwe bamenyesha ko ari mu ntumbero yo kumukura ku rubuga rwa poritike, bakagabisha abarundi n’amakungu ku ngaruka vyozana.

Mu gihe Uburundi buriko bwitegurira amatora mu 2015, ubutegetsi bw’i Bujumbura bwagirizwa ko buriko bukora ibishoboka vyose kugira bukure ku rubuga rwa poritike umuntu wese yiteguriye guhiganwa n’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Mu mugambwe FNL utemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, mu rwandiko basohoye kuri uwu wa gatanu, bavuga ko muri abo bariko bategurirwa ivyo bita "amarementanya", harimwo umukuru w’umugambwe FNL, Rwasa Agathon atemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Muri uwo mugambwe bemeza ko kuva kw’igenekerezo rya cumi Munyonyo 2014, bafise amakuru yizewe ko igendereza ry’Uburundi ryahawe igikorwa c’uguhagarika Rwasa Agathon, bamwagiriza ubwicanyi bw’Abanyamulenge bwabereye mu Gatumba mw’ijoro ryo kuwa 12 rishira iryo kuwa 13 Myandagaro 2004, bagatangazwa n’ingene iyo dosiye y’Abanyamulenge yama igaruka uko amatora ageze, ahubwo bakabona ko ari icitwazo c’ukugira umugambwe CNDD FDD ntuzoronke abo bahiganwa b’igihagararo mu matora.

Nk’uko tubikura muri iryo tangazo, umugambwe FNL uvuga ko bitumvikana ingene mu bwicanyi bwose bwabaye mu Burundi, ubutungane bwoguma bugaruka ku bwabereye mu Gatumba gusa, kandi mu masezerano y’i Arusha bumvikanye ko ubwicanyi nk’ubwo buzokwigwa na sentare idasanzwe ijejwe ubwicanyi bwabaye mu Burundi.

Mu mugambwe FNL baragaruka ku bundi bwicanyi bwakozwe imbere y’ubwo mu Gatumba, abatwara igihugu ubu bakaba baravyiyemereye, ariko ubutungane bukaba butabakomakoma. Aho bakavuga abanyeshure bo mw’isemirari y’i Buta bagandaguwe n’abarwanyi ba FDD ku genekerezo rya mbere Rusama 1997. Inyuma y’aho gato, mu kwezi kwa Mukakaro 1996, abanyagihugu amajana baragandagurwa n’abarwanyi ba FDD i Bugendana (muri abo bapfuye harimwo na Musenyeri Yohakimu RUHUNA yari arongoye diyoseze nkuru ya Gitega), aho hose, NDIHO Jérôme yari umuvugizi wa FDD akaba atahengeshanije kwimera ko abarwanyi ba FDD aribo bakoze ubwo bwicanyi.
Muri iryo tangazo bati :"Ntivyumvikana ingene hokurikiranwa uwutigeze yiyitirira ubwicanyi bwo mu Gatumba", bakibutsa ko umugambwe FNL utigeze ubwemanga, bagasaba ko uwabwemeye yokurikiranwa ku gatwe kiwe (Pasteur Habimana, uwari umuvugizi wa FNL). Nk’uko tubandanya tubikura muri iryo tangazo, mu mugambwe FNL basaba ko uwo mugambi wo guta mu mvuto Rwasa Agathon wohagarara, bakibutsa ko mu masezerano y’uguhagarika intambara yateweko umukono, Rwasa Agathon hamwe na Petero Nkurunziza yari yaciriwe urubanza rwo gupfa, bahawe ubudahangarwa vy’agateganyo, mu kurindira sentare idasanzwe ku Burundi, ari nayo izosigura ubwicanyi bwakozwe mu Burundi kuva mu 1962 gushika mu 2006, nk’uko biri mu masezerano Reta y’Uburundi yateyeko umukono hamwe n’imirwi yahoze irwanya ubutegetsi.

Muri tangazo baragabisha ku ngaruka zoshika mu gihe Rwasa Agathon n’abandi bashaka guhiganwa na CNDD FDD bokurwa ku rubuga rwa poritike, bagasaba inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko yokora ibishoboka vyose, kugira Uburundi ntibusubire mu ndyane zivuye ku muntu umwe gusa "adashaka gusubira ubutegetsi", kubera ubwoba bw’uguhiganwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • Rwasa ntugire ubwoba wewe bwira abantu bawe baje hamwe nabandi gusa tukubite izimbwa za ba DD hamwe cni yoshaka kugira ivyo igomba ,turabe imbwa numugabo izombonerakure zabo zitagira nikareso?buca tuziboha hamwe na cni

  • Jamwe mwese mugire umugambwe umwe duhenure dd na cni yayo ntumiye imigambwe yose .nakare umutwe umwe ntiwigirinama ubumwe ninguvu ntidushirinda imbere ariko ukuri nikigorwe.cuburundi bwa ndadaye nabasokuru.

  • Nyakubahwa Agatho ntibagutere ubwoba imigambi bafise yose kuriwewe yaramenyekanye nibihende babikore barabe ingene igihugu gisigara kimeze bigira ngo nibobazi kurwana ahubwo baratwibagiye abobajeje igengendereza bivyimvya kutwo du pistoli ukamengo isi niyabo tuzokwirabira kubera twabihoreye nimbonerakure zabo ubuho ni final niho bazobona kumu FNL ariho muburundi nibabikore ribakore

  • simezako uyuyita ntwari kwari umu fnl kuko nuwogira ingeso yoyihisha ntamuntu atukana ukuraho mbona yogira ijambo. ryukuri. kubijanye narwapsa. abadd bigaye vuba.erega nubu uruhigi nirwarundi.mukabona hadutse umuriro mubanyagihugu ntimuze muvuge ngo ntitwasemereye ahubwo amakungu yitegure kubangurukanya uworwasa atumye murandumutsi abatwayiki? nivyaba arivyo abagirwa nivyovyaha vyabaye muntambara bose bafatwe atawuvuyemwo nabari kubutegetsi icogihe bafatwe bitabayivyo naho amatora mugomba muyatobe kandi abanyagihugu mugomba mubatun tuze imitima bakicana birikugatwe kanyu

  • rwasa nibamureke yipime. abarundi turakunda changement. uprona ntiyari yitez gutsindwa na ndadaye.

  • komera kumuheto rwasa tukurinyuma nayo ivyobinwamarase vyaba dd tubisezrr ivyobivy igihugu nivyish nimukomz urunani rwintamenwa turabeyoko ubugabo bwokwihabwa koko ahandihoho bosubira kudutwara abobagsra twobatugow .

  • Yoooooooooo cndd-fdd nakaranda cg igihano Imana yahaye Uburundi.None vyogenda gute ngo.bacire imanza abandi?Abo ba dd ntibasiba kwica; kwiba nogukoresha Imbonerakure na ba Bikoti.Barundi gira umugambwe umwe tubanze twikureko Shetani.Bitagenze gutyo turaba abaja mu gihugu cacu ndabarahiye.

  • Har,ibintu biba bisiga ubwenge ariko uwushaka umuhutu amatuma uwundi ntibabeshe.Abo Banyamurenge isinzi ryabarundi bishe muri congo bangana gute?ubu rero nongaha baje gutera akajagari.Bategetsi bacu dukunda ntimurwe mu mutego wabo buzukuru ba kayini ahubwo tubarabe neza kuko Mubutu iyo yarikumenya ntiyari kubaha ubwene gihugu natwe dukanure hakiri kare.

  • bandugu urugamba mwarwanye kuva 1988kugeza2006 mgataha nkuwuvuye kuragirira yinarume izongumvu nshasha,mwirata nizo murose ubunyene canke nizo mwari musnganywe ? mana umupfu ntiyinukira pole sana

  • Ni bamureke yibereho!igihugu ni ica twese ,ivyo ubwo buhutu budebagura,n’uko buba buhimvye indagara n’imikembe,uwobajana kwa kagame yobakosora pe! ivyo bashikiriza,nuguterana amajaambo gusa,baragenda Onorable NTIBANTUNGANYA abacire umugani.Ikindi naco,abarundi ni bareke gutotezanya,no gukumirana muze dutsimbataze UBUMWE na démocratie ,dushike kwiterambere riramaa.Umwansi w’abarundi tumu rwanirize hamwe!

  • karababanye mwa bwamwe abanyagihugu turitegure guca tuja mw ibabara ...ntimuhirahira...twoca tubakura kubutegets kunguvu kuko kumabi CDD mwakoze ntabantu mugifise banka kuvuga kukuri kuko impereraza ryanyu rizi kwica rubi... amashamba arashushe mwabicanyi mwe

  • Aba bantu bo ku Igihe baratubesha commentaires zacu banka uzishirako.jewe nanditse mvuga ko leta natwe yotubariza abacu bishwe nabo banyamurenge muri congo kuva ejo iyo message ntayo barashirako.

  • Turiya mirije iyo reta itagomba guhiganwa niyindi mwigambwe abarundi twadundu miwe twiteguye gupfa igihugu sica fnl sica cndd nicabarundi uwukoze nabi agomba kubisa abandi biyumva gukora kuneza yigihugu,ivyo kuturongora kunguvu mukure mumu twe.Rwasa nibamureke ahiganwe mubandi ugira ngo cndd niyo itishe nubu baguma bafa ico twohanura ubutegetsi nuko bova muvyiyumviro bishaje bakumviriza nabanyagihugu ikinezereje nuko amakungu abahanze amaso none kabo bategetsi ntakantu nakamwe bicayeko bstunze nugusabiriza akarorero ni president wakenya bagbo compaore nabandi.

  • Ariko dd iransetse bariyibagije ko igisoda kivanze jewe nsinzemera intambara twarayisezereye twemeye imishikirano batadutsinze none bagumba badusubize mumuriro jewe nzoshigikira aho umunyagihugu azoshira kuko niwe tujejwe gukingira,ikibabajebazosigara bicuza nka blaise compaore ngo igisoda caciye gifasha abanyagihugu.

  • Ariko dd iransetse bariyibagije ko igisoda kivanze jewe nsinzemera intambara twarayisezereye twemeye imishikirano batadutsinze none bagumba badusubize mumuriro jewe nzoshigikira aho umunyagihugu azoshira kuko niwe tujejwe gukingira,ikibabajebazosigara bicuza nka blaise compaore ngo igisoda caciye gifasha abanyagihugu.

  • mbe tubirabe wa swa we wabayumusoda ryari ? umuntu wonjiji nkawe urabeshabantu gutyo wise umusirikare ikibabaje muranyegeza Amazina yanyu mukiyita ayandi mwirengagije ko ubuhinga bwanone bwateyimbere namba arigihababu cubutegetsi mufise subiza ameru mwisaho turahari umuntu winjiji nkarwasa twari tuzi ko adc izoba iyakabiri,none akaba yaraye ayivuyemwo azorinda yitahukira kwashetani canke kumana adatwayuburundi ngo bagira bamufate nareke kwicura ibiticurwa jewe ubwanjenyene narivuganiye numukuru wipereza kuri terefone yarandahiye kwarikinyoma cambayubusa naribarije numwe mubahanuzi bumukuru wigihugu yanyibwiriye bagerageje kubaza mubutungane iyo nkuru aramarementanya yapolitike

  • Turasaba abahingura amakuru ko boza barashirako ivyiyumviro vyose abantu bashikiriza

  • mwabihemu mwe, ntimugasubire gushuka abanyagihugu batobato ngo muriko mubaserukira kugira muzobakureko ubukene, umutekano muke bafise n’ibindi, aho birirwa barabazira abandi bicwa n’inzara n’amarwara. namwe mwibereye muvyoroshe mukavurirwa mumahanga, mukaryama heza kandi neza. Mwosigurira gt ko mwese mwirirwa muririmbango CNDD-FDD ibatwaye nabi ariko bikabananira ko muheba gushira inda imbere ngo mukize ivyo mwita ko bibangamiye abo mwipfuza gukiza kandi mushaka ivy’inda zanyu. Womwira gt ko Frodebu na Rwasa bamariwe abantu kuva 1991 gushika ubu, itokwiyunga hawme namashami yayo yose mùaze bakize ivyo birirwa bakomera induru. Nimbe mwese mugamije kutwicisha kubwakarimi. Twemeza ko mwebwe mushima ivyo CNDD-FDD iriko irakora kuko namwe mwabuze uko mwojahamwe ngo munengere hamwe ivyo bibi Kubera atavyo mubona turetses peut être des pretextes politiques. Habuze iki ngo l’opposition ivuge rumwe nimbe koko hariho ibitagenda neza? Amashirahamwe ataho yegamiye, mumaze iki aho mutohoza abodukurako ivyo mwirirwa mwita ko ari ivyago kuburundi? Barereke rero bitwarire naho mwebwe muri udusimbirahamwe: Ubutajanama bw’abavukana batatu bwbanyagishije iraro ry’inka.

  • @ SirabahendaIsaac, mbangize icombuga ariko ivyuvuze biratosheje urakaramba.

  • Mwamumariyeko abiwe mwaba DD mwe, muragerageza nawe kumwica biranka none ubu ngo mukoreshe ubwo bucamanza bwanyu,murahumba ishavu ry’imbwa riherera mu murizo mwatu DD mwe tutagira ubwenge

  • Nduwayo ntuvuge nabi igihe kirageze cuko democratie isasa mu burundi.Ariko jewe ico ndico siwe wakingize ubwo twebwe ntaho dutegerezwa kwegamira.Hama revolution francaise ibaye umwami ntivyamukundiye ko ayihagarika,ubwo yariyasizeho ntigihano c,urupfu cahise gihera kuriwe.Ejo bundi yari printemp arabes uno munsi ni printemp africains.Dushaka ko abanye politiques bavyitwaramo neza sinon je te dis la verite ntanambara dukeneye twaraboonye aho vyatugejeje tugakoreshwa nakagwi kaba nye politiques twarabizereye twebwe.

  • Abarundi n’uburundi bararushe bashaka kuruhuka iryane zanyu zabansumirinda. Nimureke gusubiza igihugu inyuma nimutegure amatora neza abazotogwa igikogwa cambere basabe sentare idasanzwe kubwicanyi bwabaye muburundi cama gikwega ingorane zidahera

  • jewe ndashima cane intambwe uburundi na barundi dushitseko ariko ndanegura cane ingendo zimwe zimwe mubanya poritike bamwe bamwe kuko mubaharanira kurongora uburundi ntanumwe ndumva yipfuriza uburundi nabarundi inabi rero icipfuzo canje nuko bose boguma kurubuga gwa poritike agathon gwasa nabandi bose bo mumigambwe itandukanye bitoze kandi uwutsinze mumategeko yemewe bace bamushigikira uburundi nabarundi duterimbere murakoze.

  • JEWE MBONA KO HOZA SENTARE IHURIJWEKO NA BOSE KU VYAHA VYABEREYE MUBURUNDI.HARI ABATEZE AMA MINE NKA PITER,ABISHE ABA FNL IMUYINGA,ABISHE MANIRUNVA,ABISHE ABA NYAGATUMBA,abanyamurenge?aba bikira 3,abana bibuta,ibugendana,président NDADAYE..................................................................................hama bije ahabona intahe ikore

  • mbe mwaba dd,mwarozwe canke?kuberiki gwasa mumuhora abanyamurenge mukibagira abanyu betikiriye muntambara?mbe nimigani ntimukiyibuka reka mbakebure baciyumuka bati batereye amagara heju uwariwewese asama gwiwe abobanyamurenge nigwanyu????reka bakurikiranwe nababo Gwasa mumuveko abaciriwe ugwogupfa barajanwa murukiko?(Rwasa ramba)ndababaze gato.igihe mwagwana mwishamba mwagwanya nde?yoba rari Gwasa?canke iwishe Ndadaye yari gwasa?mbe gwasa atandukaniye he namwe ba dd?komuriko mugwana muri bene MegaGames nakaroge mwasizweko?hakugira mutsimbataze intwaro ya dd mutangure kuryana kandi muramazuru yiforoma gusa!mbe mwibagiye uvyuwo mwagwanya
    mushaka asubira kubutegetsi yongere adusobeko?mbekumengo mugendana amazira ntoki mumitwe
    uwabatera ama OB yarigwasa?reke kwihekura mwabivumemwe aricogituma mwataye mugasho Rajab kandi mwarahangayitse hame mwishamba kumpamvu zukwaguka izo ndazanyu.burimusi kumaradiyo ntakindi kivugwa atari ubuhimbiri mukora abamenyeshamakuru burigihe baduha amakuru mashsha
    kubera bayaronkera hafi nimwibaze ukuntu baronka amakuru yamabanga yanyu mukora?mwarongoye??ntabanga mugishobora guhisha mwarafashwe ntimwabimenye aho mwafatiwe
    mugasomborotsa intambara muraheze mugisirika uwariwewese afise iyo yaje ava ntimuze mutanga kubona musigaranye amakara muntoki ibitabo vyagiye tuzorinda dupfa dutwagwa nabaheza nguni
    kuko ntamitwe tugira ingorane mwajiye kubutegetsi twabitoreye hama muriyibagira icomuzi ubu nabagore,inzoga,ubuma.mugakorikosa bagacakura tizimwizibamfu nimuhe gwasa mwabipfumwe ntitwmbaribara ingorane iyo muja munama muyaga
    Nyongera ziri impande nicogituma mufundika imiguruka ndabakebure.muribuka iryavuzwe ngo muzosubira gutwara aruko uboya bumeze heeeeeee?fyine muzobona.ingorane niko abanyagihugu bazohatikirira nayahandi mwoheze mwebwe ntangorane kuko ugwikarihije?ruramumwa mugira musubire kugira abaja kandi twari twabikize abiryinyo baguma batwenga ngo ntimushoboye bahe babandanye nimubahe babanyare murabe.nimuhe Gwasa vuba canke Leonce mutarasobwako ivyabanyamurenje nume muriko murakinwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.