Accueil > Amakuru > Poritike > Slyvestre Ntibantunganya azokwitoza nk’uwigenga
 Slyvestre Ntibantunganya azokwitoza nk’uwigenga
 Slyvestre Ntibantunganya azokwitoza nk’uwigenga
				
				mardi 12 Rusama 2015
Umukenguzamateka Slyvestre Ntibantunganya yahoze arongoye Uburundi asaba ko ikirangaminsi cosubirwamwo,amaradiyo akugururwa,abapfunzwe bagirizwa kugira imyiyerekano bakarekurwa,kugira abarundi bizere ko hazoba amatora meza,kandi yitabwe na bose.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 rusama,Slyvestre Ntibantunganya yavuze ko agiye kwitoza nk’uwigenga yitwa «Gira Ijambo».
 
- Umukenguzamateka Slyvestre Ntibantunganya yahoze arongoye Uburundi
Ku makenga ko yoba atakiri umunywanyi w’umugambwe Sahwanya Frodebu,Ntibantunganya yavuze ko akiri umunywanyi w’uwo mugambwe kuko mbere ari muri batanu batanguje uwo mugambwe.
Yavuze ko ukwitoza kwiwe nk’uwigenga atanumwe kuje gukumira, aca asaba ko ikirangaminsi c’amatora cosubirwamwo ku buryo hagera mu kwezi kw’8 amatora yose yaheze.
Uwo mukenguzamateka,avuga ko amakungu,ishirahamwe ry’abanyaburaya, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko,vyamye bifasha Uburundi mu bihe bigoye.
Slyvestre Ntibantunganya,akaba yizera ko abakuru b’igihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko bazogondoza umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akareka kwitoreza ikiringo ca gatatu,mu nama itegekanijwe mu gisagara ca Dar-Es-Salaam,muri Tanzaniye kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 rusama.
Mwomenya ko Slyvestre Ntibantunganya yatumiwe muri iyo nama izobera mu gisagara ca Dar-Es-Salaam.
Van Naris Mugisha

Messages
12 Rusama 2015, 11:00, par @Didace@
@aho hoho numva umwe wese avuga ibimujemwo,amatora azoba kuko uburundi ntibwobura indongoz bwitoreye,kimwe menya inguvu ,integenke wewipfuza kowotara canke wotwarwa hama usabe Imana ntacayinaniye@
12 Rusama 2015, 11:11, par @Didace@
Mana y’isi n’ijuru gira icomuvuze kugihugu c’uburundi kuko tugeze ahumwasi ashaka aho ivyankenerwa kumuntu aho yishira akizana biriko bihungabana.@
12 Rusama 2015, 12:07, par Gabo abdi
Abanya politike mwase atanumwe avuyemwo makuduhenda mutubwira ngomuharanira inyungu yabanyagihugu sivyo nagato muharanira inyungu zanyu twarabahinyuye
12 Rusama 2015, 17:29, par DINANDOS KWIFER
GABO,BA WIFATA NKUMUNTU YAREZW.DOMICIEN NAW,UGASHIKA DAR-ES-SALAM UBOHOZE UBURUNDI
12 Rusama 2015, 17:51, par NKUNDA UBURUNDI
EEEHE NTIBANTUNGANYA ARIBAGIYE KO BAMUHAYE IGIHUGU KIKAMUNANIRA NONE BARYA BAMWIRUKANYE KUBUTEGETSI AZOKORIKI KUGIRANGO NTIBAMUSUBIRE
12 Rusama 2015, 19:40, par mahoro
Muribagiye ningoga ayo aba manifestants babakoreye umwaka mwari mwagiye i BUGENDANA. ohoooo
12 Rusama 2015, 21:54, par Iragiryagahuturemi
Prezida Ntibantunganye, abagukundabeshi barimuri CNDDFDD, kugirarero bakugumuzeko icizere basanzwe bagufitiye niwashika Arisha uzogerageze kuba Ntibantungaya azigutandukanya icatsi nururo ndavugako utegerezwa kuzorebakure mumvugozawe nkakera mugihe ca Ndadaye.
12 Rusama 2015, 22:09, par MUKWAHA
UMUNTU N UWOVUG UKURI YASHAKA BKAKUZIRA.
13 Rusama 2015, 03:20, par Ngenzi
Ivyo vyose nuguta umwanya w’ubusa, ariko uwushaka kwirukana Nkurunziza agomba kuvugira ahabona. C’est la seule chose qui peut dedouaner le tas de candidatures hutu en lisse. Sinon twohava tuvuga ko ari ubukunzi bw’imda bubibatera canke nyene nostalgie de leur passe a la presidence, sinzi... Mbega Bagaza weho ngo ni gute, ko mbona tous ses homologues batanze candidatures zabo, we vyoba vyamugendekeye gute? Buyoya wewe turazi ko ari perezida w’imfata kibanza, bivuga qu’il peut nous apparaitre a tout moment...