Accueil > Amakuru > Poritike > Symabu isaba gutumirwa mu ruganda rwokwiga ihinyanyurwa ry’ibwirizwa (...)
 Symabu isaba gutumirwa mu ruganda rwokwiga ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro
 Symabu isaba gutumirwa mu ruganda rwokwiga ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro
				
				mercredi 18 Kigarama 2013
Mu gihe amashirahamwe atandukanye adaharanira ivyicaro vya poritike nka sendika Symabu asaba nayo ko yoja muri rwa ruganda rwategurwa n’inama nshingamateka ku vyerekeye isubirwamwo ry’ibwirizwa shingiro, abateguye urwo ruganda babona ko impande zose zizoba zaserukiwe bikwiye.
Tarasisi Manirakiza ajejwe kumenyeshamakuru mu nama nshingamateka, avuga ko hatumiwe amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike agera kuri 37 harimwo na Cosybu mbere na symabu isanzwe ihurikiyemwo muri urwo runani. Tarasisi Manirakiza amenyesha ko ivyo symabu yoshaka guterera yobicisha muri Cosybu.
Mw’itangazo yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, sendika Symabu ibona ko amategeko y’abashikirizamanza ari amategeko ahambaye kandi asaba ubuhinga ata n’umwe yoyavugira neza nk’uko Symabu yobikora. Ku bwa sendika symabu bavuga ko umukuru w’inama nshingamateka yarakwiye kureka uwuserukira iyo sendika akitaba urwo ruganda ruzotangura ku munsi w’ejo igenekerezo rya 19 kigarama 2013 rukazomara iminsi ibiri.
Floxella Karire
