IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Tanzaniya yatanze ubwenegihugu ku barundi barenga ibihumbi 150

Tanzaniya yatanze ubwenegihugu ku barundi barenga ibihumbi 150

mardi 28 Ndamukiza 2015

Impunzi z’Abarundi 152,572 zahungiye muri Tanzaniya kuva mu mwaka w’1972 zahawe ubwenegihugu, buzemerera kuba abenegihugu ba Tanzania vyemewe n’amategeko.

Izi mpunzi zari zasavye ubwenegihugu mu mwaka w’2008, mu mwaka w’2010 bemererwa kubuhabwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya.

Nk’uko tubikesha BBC, Umuyobozi w’Akarere ka Mishamo Frederick Nisajile yavuze ko gutanga ubwenegihugu vyatanguye mu kwezi kwa Nyakanga umwaka w’ 2014 mu Ntara ya Katavi, aho babuhaye abashika 56,554.

Uretse kubaha ubwenegihugu, Nisajile yavuze ko abo Barundi bakuwe mu makambi y’impunzi bajanwa kuba i Ulyankulu mu Ntara ya Tabora. Impunzi zaba i Tabora zababa 43,453 zamaze guhabwa ubwenegihugu. Umunyamabanga yamaho mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Isaack Nantanga, yavuze ko iyo ari intambwe Tanzaniya iteye inyuma yo kuvyumvikana na Reta y’Uburundi ko izo mpunzi z’Abarundi zohabwa ubwenegihugu nk’uko zabisavye.

Reta ya Tanzaniya si ubwa mbere itanga ubwenegihugu ku mpunzi ziba muri ico gihugu, n’abanyasomaliya nabo barahawe ubwenegihugu ku ncuro nyinshi. Abahawe ubwenegihugu baca baronka uburenganzira bwo gutora no kwitoza mu bibanza bitandukanye vyo kurongora igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Emwe Barundi B’uhoraho Imana Rurema!!!Mbega Mwabonyeko Imana Yananiwe Nakubasubiza Mu Burundi?Canke Tanzania Mwoyigereranya Nu Burundi?<<uwugororoka Nashishikare Agororoke,uwanduye Mumutima Nashishikare Yandure>>ejo Niheza Kuwugororoka.

  • Amazi arashuha ntiyibagira I bumbeho.Maze gutembera mubihugu vyinshi,ariko ntanakimwe nabonye kimeze neza,abantu beza imico n’ukwakirana vyiza nk’Uburundi pe!Mbe ntimwabaza igituma baca babashira muntara mwishangije?Wait and see.Ndavuga simvura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.