IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Gushigikira ikiyago no guhariranira nk’uburyo bwo gukinga amatati muri (...)

Gushigikira ikiyago no guhariranira nk’uburyo bwo gukinga amatati muri EAC

mercredi 13 Munyonyo 2013

Inama igira kabiri ijejwe gutsimbataza amahoro n’umutekano mu karere k’Afrika y’Ubuseruko iriko irabera i Bujumbura. Ibikorwa vy’iyo nama rero bikaba vyuguruwe na nyakubahwa Busokoza Bernard, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Intumbero nyamukuru y’ ivyo bikorwa vy’iyo nama igira ka biri y’amahoro n’umutekano mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, akaba ari uguteza imbere umuco w’ikiyago n’ukurekuriranira bitarinze kuja mu migere. Ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko, rikaba rirategura guha inyigisho inzego z’umutekano zavyo, na cane cane urwego rw’igipolisi mu ntumbero yo gufasha urwo rwego guharikira amahoro n’umutekano hagati mu bihugu, na rirya ari rwo rwego rujejwe umutekano w’abanyagihugu.

Izo nyigisho rero, zikaba zofasha mu ntumbero kandi yo guhasha imirwi y’iterabwoba, gushobora guhagarika amazi atararenga inkombe ibituma umutekano w’abanyagihugu uhungabana, gushobora guhasha akageso ko kurya ibiturire kabaye ndanse mu karere, guhagarika amacakubiri ayo ariyo yose, canke indyane zabaye ndanse mu madini, gushobora guhagarika hakiri kare uturwi tw’inkozi z’ikibi twose, bakadutuza hakiri kare, guhasha imirwi y’iterabwoba no gufasha gutsimbataza intwaro ibereye mu banyagihugu.

Akarere ka Afrika y’Ubuseruko rero, kakaba kagiye karahura n’ingorane zidasanzwe kuva kuva mu myaka ya 60. ivyo bihugu biyigize ukwo ari bitanu gushiramwo n’igihugu ca Sudani y’Epfo kiriko kirasaba kwinjira muri uyo muryango, vyose bisa naho akahise kavyo mu gisata c’umutekano katagiye karaba keza. Akarorero, mu gihugu c’Uburundi harabaye intambara zenyuje, aho abanyagihugu bishwe abandi bagata ingo zabo barahunga, aha tukavuga nko mu mwaka w’1972, umwaka w’1993 n’iyindi myaka hagiye haraba ubwicanyi, bugahitana abantu. Mu gihugu c’Urwanda, abantu isinzi barasize ubuzima mu bw’icanyi bw’ihonyabwoko bwabaye muri ico gihugu mu mwaka w’1994. Si aho gusa, kuko mu Buraruko bw’igihugu c’Ubuganda, umuhari LRA umaze igihe kitari gito udogoya abanyagihugu, ubaraza rubunda. Mu gihugu ca Kenya naho, abatari bake bakaba bibuka ivyabaye inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2007, aho abantu atari bake bishwe, abandi bagahunga, mu gihe igihugu ca Tanzaniya ho, haza haraduka indyane z’amashengero, aho abari mu madini y’abakristu usanga baza barashamirana n’abari muba siramu.

Abanyagihugu bo muri Afrika y’Ubuseruko bakaba bahamagarirwa gupfumbatira amahoro n’umutekano mu karere kabo, gutsimbataza iterambere ridakumira kugira bashike kw’iterambere rirama no gusabikanya uburyo buboneka mu gutorera inyishu ibibazo vyokwaduka hatarinze kuba indwano canke imishamirano.

Akarere ka EAC, kakaba kiteguriye gutsimbataza amahoro n’umutekano, ingorane zagiye ziraba zikaba nk’umugani mu karere ku Burundi, Urwanda, Kenya, Uganda, na Tanzaniya. Iyo nama ikaba yaserukiwe n’abategetsi batandukanye bo muri EAC, harimwo umushikiranganji w’Uburundi muri uyo muryango umupfasoni Leontine Nzeyimana, hamwe n’abandi bayobozi bakuru muri uyo muryango nk’umushingamateka Njoroge Karori, asanzwe ari icegera c’umunyamabanga mukuru wa EAC, n’abaserukira GIZ mu Burundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.