IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UE yegeranije imiriyoni 4,5 yo gufasha impunzi z’abarundi

UE yegeranije imiriyoni 4,5 yo gufasha impunzi z’abarundi

jeudi 30 Mukakaro 2015

Umurwi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ukorera mu Burundi wegeranije imiriyoni 4,5 z’amafaranga y’abanyaburaya azofasha impunzi z’abarundi ziri mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi.

Mw’itangazo ryasohotse kuri uno wa kane igenekerezo rya 30 Mukakaro, Christos Stylianidesajejwe gufasha imbabare mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,iryo shirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko ritoguma rihoze mu gihe hari abarundi bahunze igihugu bakeneye gufashwa.

Impunzi zibangamiwe cane ni impunzi ziri mu gihugu ca Tanzaniya ari naho hari impunzi nyinshi gushika ubu zishika ibihumbi 80,hakurikira Urwanda rufise impunzi ibihumbi 71158,mu kibanza ca gatatu haza igihugu ca Kongo iharanira Demokrasi n’impunzi ibihumbi 13 368,mu kibanza ca nyuma haza igihugu c’Ubuganda n’impunzi ibihumbi 11 165.

Mu vyihutirwa izo mpunzi zikeneye,harimwo kuronswa aho baryama,amazi,ibijanye n’amagara y’abantu,utuzu twa surwumwe,ivyo navyo vyofasha gukinga indwara z’ibiza zoshobora kwaduka mu makambi y’impunzi.

Abarundi batanguye guhunga igihugu kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane,umugambwe CNDD FDD umenyesheje ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ariwe azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Mbega mwomenyera murabo bagiye muri congo canke mu rwanda harimwo abanyamulenge?Eka da,usanga hagiye ibihutu bitagira ubwenge vyagwanya mandat ya kabiri ya peter,bishira mu mitwe ko mu burundi twese twonse rimwe,turi bamwe tunuka igikakwe twese,ugasanga za ngegera z’abanyamulenge zo ziguma zitumatiye mu gihugu,ahubwo ugasanga izo nzoka nizo zagiye kudodobereza abo bahutu kuri bagenzi babo ngo babashe bave mu vyabo,ce n’est pas possible abahutu kanura,mumenye uwamye atwicira akatwangaza adutesha ivyacu kugira abisimbiremwo,nimutahe bijuju murabe ico mukora mwigwaneko mwiteze imbere abo batutsi ntimuzigera muba bamwe canke abagenzi,abo ni ba ntamba aho bihiye aheza kukwicira so waronka aga poste keza aba uwa mbere kuza kukwi frotako comme si de rien n’était ,harageze ko namwe abahutu muba sans scrupules niho muzoshobora kuba muri izo ntamararmara.

  • NKAWE WANDITSE IYINKURU UBWAWE BANZA USUBIZE UBWENGE KUGIHE UMENYE KUVUGA MBE WOBA URI UMUTUTSI?CANKE URI UMUHUTU GITO JEMBONA WOJA KWA MUGANGA WOMUKAMENGE KWA LOGANTI

  • murakoz gose kwitaho benewacu bagowe kuberamada maremre yabanye politik bacu imana yonyene izokwishura ivyiza mwakoreye bene burundi

  • Ariko kuriyisi hari ibiwerewere bitagira n’ubwenge bwo kunya kabisa,nkawe wiyita FIDELITE aho uriko uvuga ibijanye namoko ntubona ko wacerewe yubaho 1972 niho wari kubishobora,utwarwa n’umuhutu,n’umutwa,n’umututsi ntamahera nacumi bazopfa baguhaye,nabo bategetsi baraduhenda bapfa inda gusa,ahubwo ikebuke uze twikureko iyo ntwaro yaba CNDD-FDD yica abenegihugu ikongera igasahura,ntawuhonya ubwoko ntayo muzoshirana.

  • Ahubwo Nibaze Twese Twarahenda Turi Nkumupira Jewe Nari Mu Rwanda Ariko Naratashe Ubu Ntaribi Ndahabona Ntaniryo Numva

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.