IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ugukurwa kwa Rufyikiri kwoba kugira guherekezwe n’ipfungirwa mw’ibohero rya (...)

Ugukurwa kwa Rufyikiri kwoba kugira guherekezwe n’ipfungirwa mw’ibohero rya Mpimba

jeudi 30 Nzero 2014

Inyuma y’aho Isidore Rufyikiri akuriwe mu rwego rw’abashingwamanza b’i Burundi agaca anatakaza ikibanza c’ukurongora abashingwamanza b’i Bujumbura, biriko binurwanurwa ko yoba agira ajanwe gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Muri iki gihe bikavugwa ko hoba hari bamwe mu bahanuzi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu boba bariko barakora ibishoboka kugira Rufyikiri aje mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Tukabamenyesha ko muri iki gihe, uyo yahoze ari umushingwamanza atariko aroroherezwa n’ubutegetsi, kuva aho aburijwe kwitaba inama y’abandi bashingwamanza yariko ibera mu gihugu ca Cote d’Ivoire, kuva ico gihe, akaba asigaye yamana imanza mu butungane, aho zimwe usanga zimwagiriza kurya ibiturire, izindi zikamwagiriza kutubaha inzego n’ugutyoza inzego za Reta mu kuvuga amajambo agumura abanyagihugu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.