IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Léonard Nyangoma yagabishije abakuru b’ibihugu bashaka kwigumiza ku (...)

Léonard Nyangoma yagabishije abakuru b’ibihugu bashaka kwigumiza ku butegetsi

lundi 3 Munyonyo 2014

Mw’itangazo ryasohowe n’urwego nshingwabikorwa rw’umugambwe CNDD urongowe na Léonard Nyangoma, bagabishije abakuru b’ibihugu vya Afrika bashaka kwigumiza ku butegetsi. Muri iryo tangazo bagira bati : "Uno munsi ni Blaise COMPAORE, ejo naho azoba ari Petero Nkurunziza canke abandi."

Umugambwe CNDD umenyesha ko ushigikiye ivyakozwe n’abanyagihugu bo muri Burkina Fasso, berekanye ko badashigikiye ubutegetsi bita ubw’umukazo, burongowe n’umukuru w’igihugu yashitse ku butegetsi abanje gusenyura ubwari buhari mw’ihirikwa ry’ubutegetsi bwahitanye uwari umukuru w’igihugu Thomas SANKARA mu mwaka w’1987. Nk’uko tubikura muri iryo tangazo ryateweko umukono na Léonard Nyangoma, umukuru w’umugambwe CNDD, abanyagihugu bo muri Burkina Fasso batanze icigwa ku bakuru b’ibihugu vya Afrika batewe n’umugera w’ukudashaka kurekura ubutegetsi iyo bamaze kurangiza ibiringo bahabwa n’amategeko.

JPEG - 110.6 ko
Léonard Nyangoma, umukuru w’umugambwe CNDD

Mu gihe abo bakuru b’ibihugu mu kwigumiza ku butegetsi bahindura ibwirizwa shingiro, canke bakarisoma ukutariko, umugambwe CNDD urongowe na Léonard Nyangoma wagabishije. Mw’itangazo ryasohowe n’urwego nshingwabikorwa rw’uwo mugambwe, bagize bati : "Uno munsi ni Blaise COMPAORE yirukanwe n’abanyagihugu, ejo naho azoba ari Petero Nkurunziza canke abandi."


Egide Nduwimana

Messages

  • Wewe ntazo tugora tuzo mutoza iminwe. Ndibaza ko azo kwikubita agashi ntazo rindira aho tuzoza kumunoba muhira. Naburya ataho afise ahungira.

  • Mbe aho abanyagihugu biyirukaniye abarongozi mwabonye ari ho baca boroherwa.uburyo babirukana nibwo bubi!ubu abene kadafi bamerew gute?abarundi ntimukajanenyabahururu.nayo pacifique we tumusabe aze yitoze turabe amajwi agira!nabandanye aca amahera gusa ahenda abantu.mbe harya yama asaba ngo leta ibanze kumubaza ivyo ikora,abona hapfuyiki batamubajije?mbe wewe arabaza leta?

  • Narindire twararikanuye nadashaka gusezera ubutegetsi mu mahoro

  • Komera mutama witeka wavuga ntuvura nkurunziza narabe akinjure kuko abarundi bubu sabo 72-93-2005-2010 abikore amenyako atamvuridahita ntiyisamaze tuzamunoba.

  • Ibihugu vya buraya vyamenyesheje nkuru ko hamwe yohirahira akiyongeza mandat abanyagihugu nibamubogoza atazahabwa ubuhingiro i buraya, hama aca aja kwa kikwete uyu nawe ati mbega sha uyobeweko nzoba navuye mu nzira aravye muri nord du burundi asanga baca bamugira nka ntaryamira, aravye muri ouest asanga kabila nawe atamwizeye none uyu mugabo ariyimbira ikinogo basi nta kundi

  • Amatwi arimwo urupfu ntiyumva isone ry’umuduga

  • umugani wa cagikere ngo agatima ariko , nyangoma we ki ? azohende abatamuzi. iyo nkozi y’bibi

  • Uwubuze uwo bakina akina na NYINA,kuri nyen’icubahiro umukuru w’igihugu cacu Peter NKURUNZIZA murazopimamuje mumyiyerekano mwibarabara yokumwiyamiriza tuzoce tubereka ic’umuntu akwiye gusonera ivyo umengo ntaco mwubaha.iyo muri1993 mwarayidutaguje mukutwiciraumukuru w’igihugu cacu twari twitoreye nyakugir’IMANA Merchior NDADAYE ubuho tuzobereka ivyo intambara yatwigishije uko bimeze.uwumva niyumve icerekwa naco n’ikibona.

  • barayamaze ngo igipfa caburiwe n’impongo!!!

  • Bibe amatora canke ntibayibe nta cndd dukeye gusubira kumva,nayo urwo rwaruka rwabo narwo nyamba arizombonerakure twe turi hanze tuzoza nkisegenya ntangazwa naho bazohungira.iyaba bazi ingene twashishwe turindiye gusa hagere..nayo iryo terabwoba kubanyagihugu ntitukira 72,93,2005,2010 2015=changement qu’I l pleuve qu;I l neuge

  • Nyangoma ndagushimiye ko uvuzeko harihabasoma ibwirizwashingiro bakarisigura ukutarikwo nawewuri mubambere, rekarerondakwibarize nkukonsanzwe mbaza nabandi, nyakwubahwa Nyangoma wewumaze guhamagarirwa kujamumatora yumukuruwigihugu kangahe mubakandida harimwo nuyumukuruwigihugu Nkurunziza ?

  • Ndavye abantu benshi banditse ngaha ,umengo bamwe muribo bize tagamukama canke umutwenzi ,uwutazi ko muri democratie abarongora igihugu basunga ibwirizwa shingiro naryo rikaba ryerekana uko umuntu aburonka nuko abuva ko.mugihe urenze kuri ivyo ntuba ukiri umukuru w igihugu mukukkwirukana umuntu akoresha ico ashoboye cose kuburyo adasesa amaraso.soma ibitabu bitandukabye ingene isi itwawe uyu musi ,yamara basome ivyo badatahura.Nkuru mandat yawe iheze kinzura ,ahandi ho ibwirizwa nshingiro ntirizoba rikigukingiyemuri ico gihe .inkoni.ikubiswe mukeba heraheza

  • Komera mutama Nyangoma mwitangazo usohoye kubarundi eka no kubanyafrika bose, iyo uburundi buronka abashingantahe batau nkawe, vyukuri uburundi buba buri mumahoro.

  • abavuga ni bavuge arko ntaco bazogerako kuko CNDD FDD irikwij muri vyose,gutwara,no kugwana, intambara siyo yigishwa.

  • abavuga ni bavuge arko ntaco bazogerako kuko CNDD FDD irikwij muri vyose,gutwara,no kugwana, intambara siyo yigishwa.

  • Uwuzokwemera omvugo ya Leonardo Nyangoma azobagiyekurwa muvyo atazi, mugute? Uwomugabo Nyangoma barafise ivyobapfa nuyumukuru wigihugu Nkurunziza ivyobapfa vyatanguye Nkurunziza ataraba na perezida Nyangoma uburero acashaka yivugishe canke adugire kubirikobiravurwa kugirarebeko yonyiganyiza uwasanzwe aziko arigihangange, Muncamakerero Nyangoma kwankana urunuka na Nkurunziza vyatanguriye mwishamba, ntanyangoma rero ngicogituma atazigera ahagahenge umukuruw’igihugu Nkurunziza, Muzemuririnda benewacu kurwa muvyomutazi.

  • Nyakwubahwa NYANGOMA wewe uri ikijuju naho wize amashuri atari makeya,uyu mu president yashijweho natwebwe abanyagihugu twababa98% muri2005,muri 2010 naho twarenga75%,none ngo muzamukuraho mwebwe,mutanashika15%???.nagira ndakumenyeshe mwebwe nabo bandi mugifise ico cifuzo cokuja kubutegetse mwitwaje invugo n’ingendo nkiyo.yuko nitwebwe ABANYAGIHUGU twahamushize kandi nitwebwe nyene dufise uburenganzira bwokumuhindura nuwundi murundi agendera ubumwe bwabanyagihugu twese,ntabwo arimwebwe musimbira kwisunzu ryinzu ngo naveho,nomuri 2015 tuzosubira kumwizera,hama muje mwayo mabarabara muguma muririmba,tuzorabe ico mushikako,reka kugereranya ibitagereranwa,nyakwubahwa NKURUNZIZA aratandukanye nabandi bakuru b’ibihugu vya Africa,kandi iyindi manda 1 arayifitiye uburenganzira ahabwa namategeko,mbere natwebwe abanyagihugu,kuko nitwe tuzi ico yamariye igihugu c’UBURUNDI ! .

  • Abarundi ngo "Uwo bobiriye ngo..." Mbe uwo Nyanyuma ananiwe no kutwereka ahari na permanace imwe hano i Bujumbura, none asimbiye gusya ubwo muri B Faso! Ni amenye ko Uburindi bwavyaye ba Petero Nkurunziza benshi bazokwa babogora igihugu. Nyanyuma aho kuvuga imigambi yiterambere afitiye igihugu ntakindi arota atari akajagari kamwe kama kavamwo Kigobe na Kajaga. Nabe arigumira iyari atureke twiyubakire igihugu, imburakimazi nkawe ntazodukeneye.

  • None ga nyangoma aho ushatsekuvugako utwawe nabi kubera hariho Peter!abahutu mwibagiravuba.ubu urabonako Sinduhije ababesha harico yobamarira?tinya inzoka sha!harya nawe ivyo ubishikiriza kuko hatwara DD itwarira bose.umunsi hoza uwutari Peter niho mwomenyako abahutu bababaye bikwiye.be muhimba muhishe kandi mwibuke ayo bene wanyu bari bagowe Peter ataragifata.

  • sha turabarindiriye mutangure akajagari turabe izo nguvu nshasha musuvya buyoya nigisoda ciwe mutangure abo turwaye turubacirimpaga iyo ntambara murayitangura abantu bamwe batari mugihugu p,v ,k,l,s,r,r naho yohitana,besh bobo nuwomusi nyene muribijuju cane nyangoma wahatwse,kuduhezamwishamba kubera inzahabu zomurikongo ngurinivyuga ngaho urabanza uzane amahera yabasirikare kabira yatanze kugira tumufashe kurwana cable wibaza NGO vyaraheze urikuryinguvu zacu namararaso yasoda bagenzanje twarikumwe

  • Bantu bi Mana nunvise ivyiyunviro vyanyumwese mbona ko harikibuze hamwe mwoba murabakristo vyukuri mwokwiga gukundana izo nvugo mbizokwifuriza abandi inabi nizo kwa Shetani,mbega ninde yokwunguka habayeho ubwicanyi? nimumenye ko twese tuvukana , twasangiye amagorwa igihe kirekire,Ubu twovuga ko hariho democrasi,nivyiza,mwese nimuje mumatora , abanyagihugu mubabwire ico muzobakorera ,niho bazobatora ,arikokutukana bigeze aho iyo si democrasi.Kandi uwo Imana izoshaka ko atwara niwe azotwara. Ndababwire ukuri igihe musubiranyemwo kandi mwaza kufatana munda mukubaka igihugu. Bizoshika ko barya batumye bamwe muhunga bafata ubutegetsi kunguvu kandisinzi ko mwebwe abapolitician muzonezerwa babasubije bu buja twese twamyemwo.Nimuvuge nkabantu bazi ubwenge,muhiganye muri politike atarigusubiranamwo mwifurizanya amabi Ivyo ninkivyo abungere bavuga
    Tubasabira mwese amahoromubane neza mwese ,muje mumatora mutekanye kuko intambara atari ikintu ciza nagato Musenge Imana yaturemye twese kandi izobarinda ayo makuba yenda kushika mwiyamirize shetani ninyosha mbi ziwe zose .Mumenye ko Umwami nyene ijuru nisi agiye kuza gucira imanza bose .Ndizigira ko imbere kwaza azabasangana umutima mwiza nimwizere Yesu Kristo muzokira ako kabi ka shetani. Imana Ibazigame mwese mubane amahoro mwifurizanye amahoro kuko twese dusangiye data wo MwiJuru

  • Bantu Ndabahanure Reka Kuvuga Amajambo Menshi Mwisinzi Ry,amajombo Ntihaburamwo Gucumura Reka Rero Imana Niyo Izotoranya Uwuzotwara Igihugu

  • Bantu Ndabahanure Reka Kuvuga Amajambo Menshi Mwisinzi Ry,amajombo Ntihaburamwo Gucumura Reka Rero Imana Niyo Izotoranya Uwuzotwara Igihugu cacu c,uburundi murazi ko atamwami yiyimika

  • Umupfumu aragurira petero nkurunziza yaje i bujumbura kumwishuza (umuhungu wiwe w’imfura) kuko ngo yamutangiye mu mayirabiri yo mu kumoso. Niyatubahiriza amasezerano araraye ntiyiriwe. Sije wahera harera imbwa n’imbeba z’aba DD hagakira inka n’ingoma z’abatutsi.

  • Abobose basamba ayubusa nibiyamamure bavuge canke bareke ubu abanyagihugu twaraciy ubwenge tuzomutora kugeza yezu kristu agarutse abonabo bataye igihugu bashaka uwo bata mumanga uwobizera yobadakomeye uwiyumva araja mwibarabara tumwereke

  • NABADO NSANZE ATABWENGE BUKWIYE AFISE ACIYUMVIRA GUSHIRA IMBERE IMIGUMUKO MURAZOZA MWITONZE

  • Uwoba ariko yitiranya ivyabahutu n’abatutsi ubu yoba ari uwo vyahaye akabikamisha, nayo ahandi uwovuga ngo abahutu bose baranezerewe ihibambewe? Radjabu, Nzomukunda, Léonce, Bamvuginyumvira, niyo changement uwo mukuru w’igihugu ntakorwako data wanje yazanye? Ntushire agati mu ryinyo.......

  • Uwoba ariko yitiranya ivyabahutu n’abatutsi ubu yoba ari uwo vyahaye akabikamisha, nayo ahandi uwovuga ngo abahutu bose baranezerewe ihibambewe? Radjabu, Nzomukunda, Léonce, Bamvuginyumvira, niyo changement uwo mukuru w’igihugu ntakorwako data wanje yazanye? Ntushire agati mu ryinyo.......

  • Uwomuntu avuga ko CNDD FDD yikwije muri vyose arihenda [wikwize murivyose ntushobora gusumba IMANA kuko yo irashoboye gushiraho uwomutazi canke uwonyene nyangoma mubona kwarikijuju Imana imubona kwatarikijuju ]

  • Nukuri IMANA ntizonuma kumaraso yabarundi yasesetse hazogera igihe Imana yonyene yitorere umukuru W’Igihugu

  • Nyangoma ahubwo niwe azi amategeko mega ninde yariyabiteguy kwiyumvira kurondera amahoro aciye mwishamba?? Mumisi irimbere Leonard Nyangoma azotwara uburundi

  • ababipfa nababisangiy,twebwe twishakira amahoro,ni gabanurwa ryibiciro mubasoko,hama umuntu wese akore urudandazwa rwiwe neza,kandi turasavye ko reta y’uburundi ko yokwuguruza amasade yayo muri sudan y’epfo,kand bareke ibidandazwa vyinjir

  • AMAKURU AVURWA UYUMUSI 3/8/2016

  • Jew nobasaba kuduhamahoro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.