IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL wemeza ko uzokwitaba amatora yose ategekanijwe

Umugambwe FNL wemeza ko uzokwitaba amatora yose ategekanijwe

lundi 1er Nyakanga 2014

Inama rukokoma yatunganijwe n’umugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana kuri uwu w’Imana yasozerewe hafashwe ingingo yo gusubiza mu mugambwe abanywanyi bari bafatiwe ibihano. Mw’itangazo ryasohotse, bamenyesha ko iyo ngingo itaraba uwo bavuga ko yamaze kwitangaza ko atakiri mu mugambwe FNL, ko ari mu bigenga, aho mukumva ko uwuvurwa ari Agathon Rwasa.

Mu Gitaza, komine Muhuta, intara ya Bujumbura, abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana bahuriye mu nama rukokoma yo kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015. Muri iyo nama, itangazo ryasomwe rimenyesha ko umugambwe FNL uzotanga amazina y’abazokwitoza mu matora yose ategekanijwe mu mwaka w’2015, kuva ku y’umukuru w’igihugu n’ayazokurikira yose, kandi ko amajwi azoboneka yose azokwakirwa. Muri iryo tangazo bakamenyesha ko uwo mugambwe utazosubira kwikura mu matora. Mu gihe hogira iyindi migambwe yipfuza kwifadikanya na FNL mu matora yo mu 2015, bamenyesha ko izokwakirwa, bakagira urunani rwobafasha gushika kuco bipfuza.

Nk’uko tubikura muri iryo tangazo ryasomwe muri iyo nama rukokoma y’umugambwe FNL, abanamarimwe bose b’umugambwe FNL bari bafatiwe ibihano baragiriwe ikigongwe, kiretse Rwasa Agathon bavuga ko yamaze kwiyemerera ko ari mu bigenga, hamwe n’abandi bose bamaze gutangaza ku mugaragaro ko bagiye mu yindi migambwe. Muri uwo mugambwe bamenyesha ko izina ry’uwuzobaserukira mu matora y’umukuru w’igihugu rizoshirwa ku mugaragaro mu ntango z’umwaka w’2015.


Egide Nduwimana

Messages

  • EWE SHAHO JAQUE ESHA EMERA NGUHANURE
    NIWEMERE CANE UTI REKA TUGARUKE SIBO BAGARUKA NIMWE DUKENEYE GUKURA MUMABOKO YA CNDD FDD UGARUKE MURUHONGORE
    TWE NTAGORANE TUZOKWAKIZA YOSE
    KAZE

  • mbega politique ngo amajwi yose azoboneka bazoyakira uko nyene!!! mube mureka kwerekana ko ata jambo mufise mwebwe nyene umenga nayo muzoronka ni nko kubamanyurirako

  • Hahaha Jaque nkawe amajwi uzoyakurahe? Izombonerakura mudugana makaja kubesha abanyagihugu ngo naba FNL none bazotora CNDD nawewe? Bazotora kabiri nayo yonyene isigaye arinkewa ahubwo egera mutama nyakubahwa Rwasa Agatho umusabe ikigongwe hama usabe ikigongwe abanamarimwe bose kumugaragaro hama uharigwe uje muruhongore

  • Iryo jambo rirahumuriza,ninkamwe tuba dukeneye

  • Ubwo ga yakoba ntan’ison’ugira kuvuga ko uzemera amajwi yose azobonekauko nyene? Mbe ko FNL original icivugo cayo kivugako hakuba imbwa wob’imva! Ntiwumvako wewe FNL ya fake uvuga ko uhagarariye muyandi majambo icivugo cayo kivuga giti hakub’imva wob’imbwa? Therefore,count me out for I’m not part of the dogs. Revelation 22vs15 hagira hati hanze, inyuma hazob’imbwa n’abarozi, n’abashakanyi, n’abaseng’ibigirwamana n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.Isuzume mugenzi uruhande uherereyemwo ugaruka ni wasanga uri muruhande rutabereye. Kandi ntashidikanya iyo nzira urimwo ntishika. Imbeba yahiye kumurizo iti "burakeyetuhereke abagabo"

  • Wibagira n,ingoga.amatongo y,abanyagihugu mu kanyosha warariye ucuhungira muri FNL barakureka ubu naho ngo niwewe utwara umugambwe.mugabo niko wiyumvira kuko A3 muri plomberie nivyo ukora birahuye.ndashaka kukubona inyuma ya 2015 nabaguhenze iyo muzoca aho Porona na Nyakuri ntubona ko bicuza ubu ko baherekeje dd ubona bataremvye.

  • ivyo mukirundi ciza bavyita umwiheburo kuko urabona kataco wanze nijwi ryahumyemaso ntaryuzoronka endabasha kuzamwihagarako zurarondera igihugu uzohungiramwo na pasport ube urayandikisha,reka kuzamwibona komwambaye kandi mugendamenya.

  • Nyenicubahiro Jaque afise uburenganzira bwokuvuga mugihuguciye, none nukuberiki bamwenabandi muriko muramushirako iterabwoba? mwebwenyene simwemuvuga ko kizira guhora umuntu iciyumviro avuze? nonebirikobirabageneragute kumuhora iciyumvirociwe? Jewe nibazako mwinomyaka uburundi buriko burakomeza guterimbere muri Democratie nomwiterambere imvugo twanka niyoguhamagarira abarundi kugumuka, ariko mumvugo Mr. Jaque yakoresheje niyumuntu wumvako amaze kubonako uburundi ukobirikwose nigihugu ciwe ntabwakirimuribamwe twahayizina ryitwa ngo Niwankabimeneke nizina ryibatisimu ryitwa’ Niwankabimeneke. Jaque rero umugambwewiwe niwatsindwa azoguma arumurundi nakare abantubose baringaha mu Burundi barimumigambwe itandukanye kandiyomigambwe yabo ntiyatsinze mumatora arko baguma arabarundi 100/100 kandi Jaque umugambwe wiwe niwatsinda azoguma nubundi arumurundi, imigambweyacurero gutsinda sivyobizana iterambere, iterambere tuzokomeza kurizonka nitwakomeza gutsimbataza amahoro mugihugu cacu. Jewe rero ukonumvise uyu Jaque ntamuntunumwe yabangamiye kukoyavuzeko nuwavuye mumugambwe akavugakoyidegemvya yavuzeko adashobora kumubangamira amuhamagarira muvyadashaka. kurijewe Nzokwama niyamiriza uwuzana amajambo yogukokeza nogushaka guteranya aboserimwe.

  • Abo mwese mwanditse nta mbwenge bwa politic mufise. Iki ni gihe ca nouvelle génération mu burundi mwabishaka canke mutabishaka. Mwemere ko ibihe bihinduka. Igihe c’umuntu yifatira umugambwe nk’itondo ryiwe...co gihe cararenganye. Muteshe rero mute kuko Jacquez arashigikiwe n’amanamarimwe aribo banyamugambwe...ndumva ko muvuga mudatumako uritoke kuri Rwasa, ivyiwe vyararangiye, muzoba muhinyuza...

  • Abo mwese mwanditse nta mbwenge bwa politic mufise. Iki ni gihe ca nouvelle génération mu burundi mwabishaka canke mutabishaka. Mwemere ko ibihe bihinduka. Igihe c’umuntu yifatira umugambwe nk’itondo ryiwe...co gihe cararenganye. Muteshe rero mute kuko Jacquez arashigikiwe n’amanamarimwe aribo banyamugambwe...ndumva ko muvuga mudatumako uritoke kuri Rwasa, ivyiwe vyararangiye, muzoba muhinyuza...

  • Ingingo zavuye muri états généraux àMuhuta ziri clairs, FNL izoja mu matora . Iyo uriko urahiganwa ushobora kuba uwa mbere, uwa kabiri,3, 4....... Jacques arongoye FNL avuga ati tubwirizwa kubahiriza aba FNL mu kutikura mu matora ngo ntitubaye aba mbere. Ikibiri naco kiti amatora ntazoba kuko bohava baciba. None bociba amajwi kidafise? Rwasa nawe ngo azitoza ku gatwe kiwe kuko abanamarimwe ntiyigera abiyumvira, murazi ko muri rural abemeye kuja muri conseil communal yaciye avuga ko batakiri kumwe."ati après moi le déluge".
    Abo nabo bitiranya FNl n’imbonerakure nta politike bazi kandi nta matora bazojamwo, bzokwiyamira mu nduru. Komera BIGIRIMANA!

  • Burya ngo umupfu ntiyinukira,abantu bacibaza ko Rwasa harico azobamarira sinzi ko ari aba FNL vy’uri,mbe Rwasa muvugira muramuzi neza?ndabizi neza ko abarundi benshi bashaka ko ibintu bihinduka kandi najewe ndimwo,ariko ntimwiyumvire ko bizohinduka bihinduwe na Rwasa,kuko amabi yakoreye Abanamarimwe ntagira ukwangana,kuba Jacques yaciye afata umugambwe irya yabaye imbarutso,kandi murazi neza ko umugambwe utarongowe na Jacques gusa,harimwo benshi bari muri bureau politique kuri Rwasa ubu barikumwe na Jacques,none ntimwumva ko hari hasanzweho ikibazo?Muvuga ko Jacques atabanywanyi agira,none ivyiyumviro vya barya bake muvuga ko afise n’ivyo gutabwa?Murabona vya bimodoka bikwegana vyitwa Actros,birya bitwagwa na pédale z’itatu,havuyemwo aga pédale kamwe gusa ntisubira kugenda,murabe rero pédale ukuntu ingana muce muraba Actros yose uko ingana,umuntu rero ayibonye ihagaze yokwibaza ko ari nzima kumbe yapfuye kera,ntimusubire rero kwitwaza ngo uyu afise abanywanyi bake ngo uyu afise benshi,noneho FNL ifise abanywanyi bakwiye gusa abo mutazobonamwo n’abo muri ADC IKIBIRI.

  • Komera mutama Jacques; mbega abo bavuga iyo utagarukira umugambwe bari
    bataye; ibanamarimwe bakajuragizwa; batazi iyo baja bari mw;ibarabara vyari
    kugenda gute. Abo bantu banka kumvikana n; abandi ngo batabaye aba President
    ngo abandi bose boshaka bagapfa mwumva atari ibitera soni!!!
    Hama nibaba aba Independant ;twebwe abanamarimwe tuzoca tuja hehe.
    Komera mutama Bigimana ; uragarukiye abanamarimwe; turagushigikiye mu gihugu cose; iburaya na America hose!!!

  • Ahubwo Abanamarimwe twaridukwiye gushigikira bimwe bivuye ku mutima umukuru w’umugambwe Nyenicubahiro Jacques BIGIRIMANA we yashoboye kwitanga mu gukura uwari yigize akamana muri FNL,mumenye neza ko sans Rwasa le Parti continu

  • Jacques BIGIRIMANA kubera avuga ko fnl ibwirizwa kuja matora, ntibinezera bose uretse abanamarimwe bazi politike. Ikibiri cashaka ko tuguma tuvuza induru ataco dukora, rwasa nawe yarabuze abamuhanura canke ntiyumva. imbonerakure nazo nyene ntimwibaze ngo ziranezerwe kuko zoshaka ko amajwi ya fnl ahabwa CNDFDD, or ntibishoboka kuko tuzohiganywa umwe wese barabe ico amariye abarundi.
    Ikindi nzi ni uko abari muri bureau politike ya kera batari bake bari kumwe na jacques na Miburo, abandi nabo bariko barabisaba. Noneho jacques yaraye abahaye inyishu ku mugaragaro. umuntu wese akanura kandi akurikira ivyi burundi arabonako Umu candidat wa CNDDFDD be nuwa FNL aribo bazogwanira ikibanza ca mbere, hanyuma MSD, frodebu, ikibiri, porona.......upd bakurikire.
    Uwudashaka amatora natureke twibandanirize. Ahubwo turakeneye kumenya iyindi ntara buca BIGIRIMANA agendera ngo ngo tubwire abakeneye inkuru y’imvaho canke ibibazo ntibaze batangwe!

  • MU BURUNDI DUKENEYE KURABA KAZOZA, AKAHISE TUKAGAHAMBA. NIVYO NTITUKIBAGIRA ARIKO SIKO SHIMIKIRO YIBIRI IMBERE. TWISUNZE IVYO IGIHUGU CAHITIYEMWO, BIRAGOYE KURONKA UMUNTU AGOROROTSE, MBESE NA BA PATIRI NA PASTORI BOSE BACIYE MY MAKOSA BIVUYE KU MVO ZICO GIHE. RERO, JACQUES NUWO GUSHIGIKIRA, KUBAGOMBA KURABA IMBERE...

  • Gérard nintakubonawitoja mur’ico kubanza wewe wize mmenshi Doctorat!nzoguhanana Rujango, imbwa yahiye k’umyrizo ngo burakeye tuvyerek’abagabi.

  • Komera Nyakwubahwa Jacques,ureke bavuge nawe ugume kuri terrain,ngo amaso y’ibikere ntabuza abavoma,turi inyuma yawe

  • Bukuru ASMANI nimba ugomba kwubaka ureke gutukana, uterere ivyiyumviro bizima. Iyo umuntu ari mu bikirwa bigaragara muramurwanya...enda namwe na Rwasa wanyu nimuje ahabona...mbe Rwasa yoja ahabona gusa we nyene yiyagiriza ubwicanyi butandukanye, nihknyabwoko (génocide) yagiriwe abanyamulenge! Mbe hanyuma ivyo kwiga menshi bakubeshe ngo nivyo bitwara neza? Burya muri 72, 93 ntihatwara abize menshi? Reka rero nkwigishe, hatwara ico bita LEADERSHIP, ndabona uri umu islam, mbe Mutume yize angahe? Isonere hanyuma uteketeze, Jacques BIGIRIMANA arabanyiganyiza, mwenye wivu ajinyonge!

  • @ Birahinduka.Asha urarivuze.Naho abo mbonye bariko bashigikiraJacques nobamenyesha ko uwo mugambwe bavuga Jacques arongoye abawurimwo ntabwo ari aba FNl b’ukuri gusa babonako ivyo barimwo ata epfo na ruguru bigira n’abo nyene ubwabo na Jacques barazi neza ko bakurikiraubwije.Ntaho FNL izokwigeraija mukwaha kw’uwundimugambwe.Gahutu yapfiriye guhabuza Abarundi apana kubasiga inkore k’umaso.Haragowe ab’imitimaikomantaye nka Jacques.

  • Jewe ndatangazwa n’abantu bakiri inyuma ya Rwasa kuko simbona amaherezo yabo,na Rwasa nyene ntazi kugeza ubu kazoza kiwe,yemwebirababaje.

  • Kugeza ubu uwo Rwasa muvuga nta mugambwe afise,ico nobahanuranimba muri Abanamarimwe vyukuri,egera Nyakubahwa umukuru w’umugambwe tuzi kandi twemera Nyenicubahiro Jacques BIGIRIMANA,ndazi neza ko azobakira

  • Jasques Bigirimana, niwe umu politien dugifise ashobora kuvuga ariko avugira ubutungane nabarundi nabarundi (Banyagufa) ntakuntu abazungu boza bara twempoza ingene igihugu chachu gitegerezwa gutwagwa kandi nta mugambwe Utwagwa numuntu, FNL siya gwasa, FNL nayaba namarimwe bumugabwe batwawe numushingantahe BIGIRIMANA JASQUE!!!!! Komera Mutama turinyuma yawe

  • Ariko Ntibizoroha uurateye isoni n’akagongwe...uti FNL ntanumwe arimwo w’ukuri...ngira ndakumenyeshe ko rwasa ari umwana w’ejo bundi tumugereranye na ba Ruben, ba Misago, ba Severin eka na ba Pasteur n’abandi ntodondogora ngompeze aha! FNL rero si rwasa umwana yinjiye hirya y’ejo, agashikira kwa Ruben.
    Abantu mukiri inyuma ya rwasa nobagereranya naba ba terroriste ba ba isalam bituritsa ngo bazohabwa abagore mw ijuru...eka murateye akagongwe.

  • Mbe Gérard,wibaza ko politike ari ugutukana?iyo muriko murandika muze muraraba amajambo mukoresha kuko na Rwasa muvuga ko ariwe abarongoye ntavuga ukwo,muri politike hakora ivyiyumviro,ntushobora kwagiriza umuntu ngo yariye amatongo ata muntu n’umwe aramwitwarira,uvuga ngo yaciye ahungira muri FNL,wibuke ko FNL itari kubutegetsi,ubu wewe hari umuntu yogutwara itongo ugahora naho yoba ari mu mugambwe uri ku butegetsi?wopfuma umwitwarira bigapfuma vyanka ariko wamaze kwuguruza dosiye,kugeza ubu nta muntu n’umwe aramwitwarira,kira noneho Jacques yarigeze kuvuga mu kiganiro KABIZI ko yemeye kuriha ibihetangabo cumi uwo wese azoza amwagiriza ko yamutwaye itongo,kandi nta muntu n’umwe ari hejuru y’amategeko,Jacques kuba utamwiyumvamwo n’uburengazira bwawe,ariko ugutukana sivyiza ncuti yanje.

  • Burya rwasa azoguma abarya umutime hasigaye amezi make mumwemer asha twimirije kumurunda amajwi mutangare

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.