Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe MSD uranegura ibitagenda neza mu gihugu
 Umugambwe MSD uranegura ibitagenda neza mu gihugu
 Umugambwe MSD uranegura ibitagenda neza mu gihugu
				
				lundi 12 Myandagaro 2013
Mu mugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et le Démocratie) basohoye itangazo aho biyamiriza ibitagenda neza mu gihugu.
Muri iryo tangazo, umukuru w’umugambwe MSD, Alexis Sinduhije aranegura ibiriko vyagirizwa umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ko yoba yatanguje umugambi wo gutoza abanyagihugu bose n’abatari mu mugambwe uri ku butegetsi, amafaranga yo gutegura imyiyamamazo yo mu mwaka w’2015. Alexis Sinduhije amenyesha ko namba ayo mafaranga atangishwa ataho vyoba bitaniye n’ikori ry’umutwe ryatangishwa mu myaka iheze.
Ku bijanye n’akajagari gaheruka kwibonekeza mw’ibihero rikuru rya Mpimba, Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD yamenyesheje ko badashima ingene ikibazo c’abanyororo caciye gihabwa intumbero ya politike, abanyororo bo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bakimurirwa mu yandi mabohero yo mu ntara zo mu gihugu c’Uburundi.
Mu gihe hamaze iminsi kandi havugwa ukutihanganirana muvya politike, umukuru wa MSD yasavye abasitanteri guhagarika ibikorwa bigayitse vy’abikika agahumbezi, badatabagura canke bakamanura amabendera y’iyindi migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi.
Mwomenya ko mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi bemeye kugira ico bavuze kuri uyu muhingamo, ku kibazo c’umugambi woba waratangujwe wo gutangisha abanyagihugu amafaranga bavuga ko yoba ari ayo gutegura imyiyamamazo ya CNDD FDD mu matora yo mu mwaka w’2015. Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.
Egide Nduwimana

Messages
15 Myandagaro 2013, 09:50, par muhaye
ndabakunda abakozi ba igihe.