IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe RADDES usaba uwutwara abatavuga rumwe n’ubutegetsi ko yotanga (...)

Umugambwe RADDES usaba uwutwara abatavuga rumwe n’ubutegetsi ko yotanga imihoho

mercredi 20 Myandagaro 2014

Umugambwe RADDES waheruka kwikura mu runani UPO ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, wasavye umukuru w’urwo runani, Jacques Bigirimana ko yotanga imihoho muri ubwo burongozi, akaba yagirizwa ko adaserukira abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Inyuma y’ukwikura mu runani UPO (Union des Partis Politiques de l’Opposition Extraparlementaire) ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, umugambwe RADDES wasavye umukuru w’urwo runani, Jacques Bigirimana ko yotanga imihoho. Uwutwara umugambwe RADDES vy’imfatakibanza, Emmanuel KABURANIRWA, mu rwandiko yasohoye, yamenyesheje ko Jacques Bigirimana adaserukira abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ahubwo akamwagiriza ko yoba akorana n’urwego rw’igendereza ry’Uburundi mu guhohotera abo batavuga rumwe n’ubutegetsi.
Emmanuel KABURANIRWA, umukuru w’umugambwe RADDES vy’imfatakibanza amenyesha ko afise ivyemezo bikwiye vyerekana ko urunani UPO rudaserukira abatavuga rumwe n’ubutegetsi, agasaba inama nshingamateka ko yosubiramwo itegeko rigenga umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi.
Nk’uko Emmanuel KABURANIRWA abandanya abishikiriza, ahamagarira n’iyindi migambwe ikiri muri urwo runani ko yokwikurayo, kugira ntizobazwe ivyo itazi.

JPEG - 139.6 ko
Emmanuel Kaburanirwa aramutswa umugambwe RADDES vy’imfatakibanza

Jacques Bigirimana, umukuru w’urunani UPO (Union des Partis Politiques de l’Opposition Extraparlementaire) ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi amenyesha ko ataco afise ashikiriza kuri ivyo bivugwa n’umukuru w’umugambwe RADDES.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.