Accueil > Kwidagadura > Umuganga Conrard Murray yahoze avura Michael Jackson aridegemvya
 Umuganga Conrard Murray yahoze avura Michael Jackson aridegemvya
 Umuganga Conrard Murray yahoze avura Michael Jackson aridegemvya
				
				mardi 29 Gitugutu 2013
Umuganga yahoze avura umuririmvyi rurangiranwa Michael Jackson yarekuwe inyuma y’imyaka ibiri ari mw’ibohero. Akaba yari yapfunzwe yagirizwa kuba yarahaye umuti urenze uwo muhisi, umuti watumye Michael Jackson aca yitabimana.
 
- Muganga Conrad Murray
Muganga Conrad Murray yarekuwe kuri uyu wa mbere inyuma y’imyaka ibiri ari mw’ibohero. Uyu yahoze ari umuganga bwite w’umuririmvyi w’umunyamerika Michel Jackson. Umuganga yaminuje ,u kuvura indwara z’umutima yarasanzwe akora imirimo yiwe i Las Vegas yaciriwe imyaka ine yo gufungwa mu mwaka wa 2011 muri Munyonyo ku mvo yuko yoba yagandaguye atabishaka umuhisi Michael Jackson.
Umurwi wari ujejwe guca urwo rubanza waciriye Cornard Murray ugupfungwa imyaka 4. Aho ni inyuma yukwagirwa no kuba yahaye umuti urenze Michael Jackson. Umuti witwa “propofol” ugabanya ububabare ugatanga n’agatiro. Uwo muti akaba ariwo wahitanye Michael Jackson kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi umwaka wa 2009.
 
- Muganga Conrad Murray
Abenshi bo mu muryango wa Michael Jackson basaba ko uwo muganga atasubira kwiyumvira gukora uwo mwuga wo kuvura. Iryo rekurwa rya Cornard Murray ryari ririndiriwe kandi n’ibiro vy’umukuru w’igipolisi vyari vyamenyesheje itariki ryo gufungurirwako rya Murray.
Mwomenya ko bamwe mu bakunzi ba Michael Jackson bari bishikiye imbere y’ibohero ariko ntibigeze babona uwo muganga kuko bari bamucanye mu yindi nzira.
Karire Floxella

Messages
19 Myandagaro 2014, 02:53, par Mugenzi
None ubu nuwuhitanywe ningwara ari kwa muganga baca babeshera muganga?uwo mugabo bashaka kumuhoraubusa harya imisi yiwe yo kubaho kw’isi yari yakwiye.