Accueil > Amakuru > Poritike > Ibihugu 40 bifise ubutegetsi bushobora gutembagazwa
 Ibihugu 40 bifise ubutegetsi bushobora gutembagazwa
 Ibihugu 40 bifise ubutegetsi bushobora gutembagazwa
				
				mardi 4 Munyonyo 2014
Umuhinga muvya poritike w’umunyamerika, Jay Ulfeder avuga mu bihugu 40 vyo kw’isi hashobora kuba isenyurwa ry’ubutegetsi ndetse akaba yaheruka no kubivuga kuri Burkina Faso, aho uwatwara ico gihugu yiyamirizwa n’abanyagihugu.
Uwo muhinga avuga ko itembagazwa ry’ubutegetsi ari inkuru mbi ku gihugu. Ariko akavuga ko ibihugu nka Guinée, Madagascar, Mali vyogaba kuko ababirongoye bashobora kwakwa ubutegetsi. Uwo muhinga avuga ko ku bice 26 kw’ijana igihugu ca Guinée biboneka ko gishobora gusenyurirwa ubutegetsi, ku bice hafi 25 kw’ijana navyo ni Madagascar na Mali.
Muri aka karere Uburundi buherereyemwo, ibihugu bicurwa mw’itembagazwa ry’ubutegetsi nk’uko Jay Ulfeder abivuga ni Congo-Kinshasa n’Urwanda.
Urutonde narwo rutangwa n’uwo muhinga rukaba ari uru :
Guinée, Madagascar, Mali, Guinée Équatoriale, Niger Guinée-Bissau, Soudan , Répubublique Centrafricaine, Soudan du Sud ,Thaïlande, Somalie, Afghanistan, Congo-Kinshasa, Pakistan, Haiti, Égypte, Tchad, Équateur, Mauritanie, Cameroun,Togo, Myanmar, Lesotho, Congo-Brazzaville, Éthiopie, Côte d’Ivoire, Irak, Nigéria, Algérie, Papouasie-Guinée, Swaziland, Rwanda, Népal, Angola, Burkina Faso, Libye, Mozambique, Géorgie, Gabon, na Yémen.
Aristide Nizigire

Messages
4 Munyonyo 2014, 11:08, par ruzo
Uburundi bwobwo bwashitse mw’iparadizo ntiburabwa niyo ntureka, twishime twigine
4 Munyonyo 2014, 16:26, par Cinda mutama
Arega nkurunziza abanyagihugu baramukunda kuko ibintu akora nigitangaza yicisha bugufi uravye ingene bamwe mubanyeshure igene bagaburirwa kumashure umwana wumukene akaboneraho nibitangaza kandi aguma abaremesha nukubashanga kukivi
4 Munyonyo 2014, 19:04, par Cyrille
Abafrika turakwiye kwisubirako.Umutegetsi ndabona gutwara igihe kirekire ari inyungu kugihugu nabanyagihugu n’ubuhombe kubanyepolitike bamwe hamwe nabandi barondera inyungu muri Afrika.Nohanura nk’umuntu yiyumvira guhirika ubutegetsi ibi bikurikira:uzobuhirika habe intambara,upfishe umuryango,nawe uravye nabi upfe canke uhunge,itungo ryawe risahugwe,ico warondera ntaco uzoshikako,Igihugu cawe kizohinduka akaguriro kibirwanisho,nicatumye uhirika ubutegetsi ntaco uzoshikako Iciza nuko abategetsi cane cane Afrika bokwirinda guhirika ubutegetsi.Kandi prezida akwiye gutwara ikiringo kirekire nka 35yrs kandi uwutwara agahabwa ingoma akiri muto 25-30 yrs.Bitaruko Afrika nta Terambere.
5 Munyonyo 2014, 13:31, par Patience
Uko ni ukurota kuko mu Rwanda ntibishoboka. Ninde yababwiye ko mu Rwanda abanyagihugu badakunda Kagame n’ibyiza yabagejejeho? Abatabizi bazaze birebere iterambere tumaze kugeraho. Ikindi u Rwanda rufite inzego zikomeye ku buryo kuzihungabanya bitakoroha.
5 Munyonyo 2014, 14:13, par MAHORO jmv
IVYO NI IMIPANGU Y’ABAZUNGU AHO BABONA HARIKO HARATERA IMBERE BAGOMBA KUHASAMBURA.IMANA .UYO MUHINGA ARIKO ARATUBWIRA IVYO BATEGANYA GUKORA.IMANA IFASHE AFRIKA.ABANYAFRIKA TWANKE INYOSHA MBI Z’IZONKOZI Z’IBIBI.INKONI IKUBISE MUKEBA UCE UYIRENZA URUGO.DUFATANE MU NDA BANYAFRIKA BENE WACU.
5 Munyonyo 2014, 14:48, par SIKITU
ntimukangwe nuwo munya merica ivyo nivyiwiwe.abayimana ngwamenye ibitaraba? twebwe abarundi kubijanye nitwaro duhagaze neza kandi twiteguye no guhangana nicocose cotoba umutekanogusa. utabibona narabe akahise nakubu niterambere tugezeko. na abihaye ingendo yokuvuga bazovugadukora .batebe baruhe .erega nibabandi bimburamukoro atacobamariyigihugu mumyaka 40 :bamazebatwara.nabadoo .ntacobarabona,