Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Umuhinyanyuzi Lizer Classic muri Buja Record Studio yiyemeje guteza (...)
 Umuhinyanyuzi Lizer  Classic muri Buja Record Studio yiyemeje  guteza abacuraranzi imbere
 Umuhinyanyuzi Lizer  Classic muri Buja Record Studio yiyemeje  guteza abacuraranzi imbere
				
				vendredi 1er Ntwarante 2013
Lizer classic ni umusore aturuka mu gihugu ca Tanzaniya, akaba amaze kumenyekana nk’umwe mu bahinyanyuzi b’abahinga bakorera hano i Bujumbura, kubera ubuhinga afise mu guhinyanyura indirimbo.
Yabitanguye mu mwaka w’ 2007 aho yari iwabo mu gihugu ca Tanzaniya.
Umuhinyanyuzi Lizer Classic yaje gukorera i Bujumbura mu mwaka w’ 2011, aho yaje ahamagawe na hope studio ngo ayibere umuhinyanyuzi.
Munyuma mu 2012, yashinze ubwiwe buhinyanyuriro bwitwa Buja record studio, aho yitabwe cane n’abaririmvyi benshi, kuko bari bamaze kumumenya nk’umuhinyanyuzi w’umuhinga .
Avuga ko akorana n’abaririmvyi batandukanye, nka Fizzo mu ndirimbo yitwa Nakulove, baju n’izindi nyinshi z’uwo muririmvyi,Lolilo muri ntacobimaze n’izindi,Emery sun muri Ijisho ry’umutima,Sat-b mu ndirimbo nyinshi zizosohoka kuri album yiwe agiye gushira ahagaragara mu minsi iri imbere, Denny sun aririmba indirimbo z’Imana na album yiwe yitwa Uri igikomangoma Yesu, amakorari atandukanye, mbere n’abandi benshi.
Lizer avuga ko ubu akorana n’abahinyanyuzi  bagenziwe babiri; umwe yitwa  Obed mboni amufasha gucuraranga amagitari na Clovis amufasha gucuranga piano.
Lizer Classic amaze igihe agabanya amahera ku baririmvyi batandukanye na cane cane abari mu nzira yo gutera imbere, abo bita aba under ground, kandi avuga ko mu ntumbero yiwe, yiyemeje kuzamura abaririmvyi babayabaye mbere n’umuziki w’uburundi muri rusangi ukamenyekana muri Afrika y’ubuseruko mbere no mu makungu.
Imwe mundirimbo yakoreye Fariouz
Joel Sengurebe



Messages
20 Nzero 2015, 18:41, par Ben-Q
Lizer Classic nimetakakujua kama unaweza kunifanyia beat nakama unaweza natakakujua nabeyi kwa beat moja