IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umukuru w’igihugu yagenye Reta nshasha

Umukuru w’igihugu yagenye Reta nshasha

mardi 25 Myandagaro 2015

Inyuma y’iminsi ine arahiriye kurongora Uburundi,umukuru w’igihugu yagenye Reta nshasha kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu 100/02 ryo kuwa 24 Myandagaro 2015 rigena abashikiranganji bashasha.

Pascal Barandagiye yahora arongoye ubushikiranganji bw’ubutungane yagenwe kuba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,asubiriye Edouard Nduwimana ubu ari icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka.

Alain Guillaume Bunyoni yagenwe kuba umushikiranganji w’umutekano,Alain Aime Nyamitwe yagumye mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu,Tabu Abdallah Manirakiza yagumye mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta,Emmanuel Ntahomvukiye nawe yagumye mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Abandi bagenwe ni :

Eric Mporerimana yagenwe kuba umushikiranganji w’abakozi n’akazi,Nestor Bankumukunzi yagenwe kuba umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru,Come Manirakiza yagumye mu bushikiranganji bw’ubutare n’agataka,Gelase Niyonkuru yagenwe kuba umushikiranganji w’ubudandaji.

Emmanuel Niyonkuru yagenwe kuba umushikiranganji w’amazi n’ibidukikije,Deo Guide Rurema umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi,Jean Bosco Hitimana yagenwe kuba umushikirangaji w’inkino urwaruka n’imicokama,Janviere Ndirahisha yagenwe kuba umushikiranganji w’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi,Martin Nivyabandi nawe agenwa kuba umushikiranagnji w’agateka ka zina muntu.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu ni Josiane Nijimbere,umushikiranagnji ajejwe iterambere ry’amakomine ni Jeanne d’Arc Kagayo,umushikiranagi w’ubutungane ni Aime Lorentine Kanyana,umushikirangani w’intwaro ibereye ni Serges Ndayiragije,Umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu ni Jean bosco Ntunzwenimana.umushikiranganji ajejwe akarere ka Afrika y’Ubuseruko ni Leontine Nzeyimana,umushikiranagnji w’ubudandaji n’amahinguriro ni Pelate Niyonkuru.


IGIHE

Messages

  • Guma Kwivora,nibindi Ugume Upanga Ahashishwa Badahwe.

  • Ivyo Ntibishoboka!!Kuko Iyo Leta Ntaho Itandukaniye Niyahahora.Abo Bagenwe Barabahenze!!

  • ASHA NGWAMENYO ARAGVWENGARI RWAWE BASI MBE IYO LETA YIWE IZOTWARANDE KO AMAKUNGU ATAYIZI KANDI ATAYEMERA! KO IYIZORONSWA AMAHERA YINFA7HANYO ARIRYA IRONGOWE NA NYAKUBAHWA NYANGOMA A7HA NAWE NARORERE AZOTANGAARA AHO TUZOTANGURIRA KUMURASA AGAFATWISHWA IMINWA QU’IL SOIT VIVANT OU CADAVRE!

  • Wewe sha wamugabowe ivyawe ub ikore uziko atagihe kinini usigaje kandi noneho twaraguhinyuye kurumututsi hama ngo ntimushaka ko igihugu gisub ira mubatutsi kandi nawe uriwe none BIRORI siso wawe? Hakana twumve katari umututsi! Rero jewe ndazi ko yakuvyaye kumuhutukazi avuye mububirigi ahita atera inda umukozi yakora kukirimba ntuze wiyumanganya ngo urumuhutu jahiyo kandi uze arabwira izombonerakure zawe zireke kuvuga ngo ntagihugu kizosubira gutwara abatutsi ubona nabonnyene ko bakurikira uwo batazi shaka uyishinge canke ureke ntabwo izomara imyaka 5 urabesha nawe uri munzira yo gukurikira Adolphe

  • Mwebe Murarenganya Kuberiki Iciyumviro Canje Atamunsi Numwe Muracemera?Namwe Nimwikebuke!!

  • umushikiranganji wi kigega ca reta azakoliki ko nakintu kilimo ?

  • Ntagitangajembe !nka Bunyoni yananiwe kugarukana umutekano mu myaka iheze ubu naho aje kugarukana iki?ni Gouvernement Circulaire ce que l,on perd a gauche se recupere a droite nta reta ngaho abo bicanyi baguma bafise ibiti nta cizere mfitiye NKURUNZIZA nabo bayoboke biwe,NKRNZIZA ararushe ntakimenya nabo aha amabanga!Muga ariruhutsa kuko ADOLPHE yamwikijije,mbe NDAKUGARIKA nawe wamuhaye iki?hahahaha!

  • Amaradiyo Yaziga Kugururwa N’ Ahebure Ubuho Ngo Uwo Mushikiranganji Arajejwe N’ Ibimenyeshamakuru! Uyo Mushikiranganji Bagenye N’ Umuntu Mubi Cane Mbere N’ Aho Bogomba Bagafuta Rurya Rwego Rucungera Uko Ibimenyeshamakuru Bikora Uravye Ingene Uwomushikiranganji Bamurekuriye Kuba Ariwe Abikora Vyose, CNC Ntakazi Nakamwe Igifise

  • Uwo wo gutumatumako amakuru yitwa Mapango.Ni karuhariwe mugusaba ariko arasambura.Umuntu w-inzigo nka Konya.
    Nta kintu ciza co muvako atari amacakubiri y-intara ay-ubwoko bwo inda uiwe yayigize ubundi bwa 4.
    Uxo niwe yafashe camera kugira yerekane ko Caporal w-interahamwe hamwe n-imbonerakure z-abahutu bakomeye kurusha Gnl Ndayirukiye.
    Uwuramvye abona vyinshi.

  • Birasekej pe ise iryo nigena rwasa arihe ? Yemwe naho abanyagihugu twoba turi ibigugu mbe muburundi abiz nabo gusa tjr memes element kandi aribo bish igihugu

  • Muri CNDD_FDD. Ntawigena aragenwa.mutama wacu peter nkurunziza turagukeje. Na reta murongoye.umutekano nawo turazi turazi ko uhari.abavuga ko. Atawuhari nibo. Bawuhungabanya.mbe mumareta. Yabatutsi umuhutu yarimwo ninde?ni mubaze JB bagaza muri LETA yiwe umuhutu yararimwo ninde?ko yari yarishwe n’a U n’a. I.

  • ntakukaganza kutava ku Mana reka guta umunwa

  • barababeshe basha. muhagarara mumakungu mutuka urwego? Nyene imbugita nuwuyifashe kukirindi!!! Muraza murase camp Mwaro irababona.

  • KOMERA NYAKUBAHWA.URASHINZE LETA NIWIRAMBIRE.NAYO NYANGOMA NI BAMUHE AKA ZONE MURI ETHIOPIE ASHINGIREMWO LETA GWIWE YONGERE AGATWARE.UBANDANYE GUSENGA IMANA NYAKUBAHWA,NTUZOMARAMARA.

  • Gabanganya Ubwo butegetsi! muga mumenye ko burya n’abandi babukeneye. mbe adolphe we komutamuhaye ikibanza?twarabahinyuye basha.

  • Nibitigatoya benigihugu bagiyekuza namwemuzobamubibona

  • MBE AOLUFE WEWE MWAMWIBAGIYE? CANKE YAGUMWE MUKIBANZA CIWE HAHAHAHA MWANSE KO ABUMUSHIKIRANGANJI ASHA BURYA TWESE DUKENEYE GUTWARA UBURUNDI BUZOFUMA BUBA NKA SOMALIA HAMA NGO CAMP MWARO IZORWANIRA PETER HAHAHA BURYA HAMWE MWE MWARI MWISHAMBA CAMP MWARO SIHO YARI GA WE PETIT JOUEUR UVUGA IVYO UTAZI? KUGWANA NTIBISABA CAMP MWAROSHA BISABA DETERMINATION GUSA NYANGOMA AND ALEX MUKOMERE TUBARI INYUMA.

  • Abarundi mukomere cyane turabashyigikiye mu intwaro yanyu ,mwirinde kugwa mu mutego ABAHUTU bo mu RWANDA baguyemo bitewe n’INKOTANYI zaje ziririmba DEMOCRATIE none ntibashobora gukozwa iyo mvugo. Ndi umunyarwanda ariko hano iwacu i RWANDA turi muri Prison barica mugabo. ABATUTSI b’i BURUNDI KAGAME ntazabahende nkuko yahenze abo mu RWANDA yishakira ubutegetsi akabicisha none GENOCIDE yakoreye ABATUTSI bene wabo yayigize intwaro ya POLITIKI. FPR yo mu RWANDA idafite GENOCIDE politiki yayo ni zero. Ese yateje intambara muRWANDA MURI 1990 hari GENOCIDE ko avuga ngo yarayihagaritse. Cyangwa niwe wayiteje?
    Barundi b’umutima nimubane mu mahoro, no mu bumwe muyoboke intwaro nshasha nimwishinga KAGAME muzobura IGIHUGU cyanyu. KAGAME ni igikoresho cy’ABAZUNGU kwiba no kwica abanyafrika muri CONGO, RWANDA, UGANDA yavuyeyo amaze abantu.
    Bariya BARUNDI baje i RWANDA KAGAME azabakoresha gusenya igihugu cyanyu ariko igihembo kizaba kubica BUHORO BUHORO mu RWANDA NIKO TUBAYEHO uguze ngo aravuze baramutikura mugabo. BARUNDI MUBANE MU MAHORO,MUKUNDANE MUREKE UMWIRYANE KAGAME MUMUTERE UMUGONGO....

  • jengombamakuruyejonunomusi

  • Irambire Mutama.Hama Rero Vyaribikwiye Ko Mwokura Ikigorwe Kuko Uwigize Agasamba Bamuuyoza Umwavu!Iyo Mbundege Kagame Ubu Ntimwoture Tukaja Kuyitera?

  • Komera Mutama Peter.Bandanya Kuri Vola.Nagwasa Yaciy Ubweng.Naw Nyangoma Yishing Ajebajeba. 1993 hoho yaragifis ubweng.ark ububwagiy

  • AHO RERO,NTUBONA.PITER URI UMUGABO PE!!!UZOGUME KW’IVORA NO MURI 2020.HAMA BWA NYANGOMA NA KA PACIFIQUE N’ABANDI BAHERE IYO BAGIYE.GUSA NATWE ABARUNDI TWARI DUKWIYE KWANKA IMFASHANYO Y’IBIHUGU BIMWE BIMWE BISHAKA KUDUHEKURA NKUKO BABIGIZE MURI LYBIE BICA KADAFI.KOMERA,RAMBA,RAMBARAMBA PETER.

  • AHO RERO!PETER URI UMUGABO PE!NAYO BWA NYANGOMA NA KA PACIFIQUE N’ABANDI BAHERE IYO BAGIYE.GUSA NATWE ABARUNDI TWARI DUKWIYE KWANKA IMFANSHANYO Z’IBIHUGU BIMWE BIMWE KUKO VYASHATSE KUDUHEMUKIRA NK’UKO BABIGIZE MURI LYBIE BICA KADAFI.NINAHO TWOKWIGENGA BIKWIYE.MBERE PETER UZOKWIYONGERE IZINDI MANDATS MAZE TURABE.KOMERA,RAMBA,RAMBARAMBA.

  • Mutama hereza amatungo abaturage bubake igihugu naho abari Murwanda nabo bazazihabwo na leta yirwanda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.