IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Moutcho > Inkuru > Umurwi “Moutcho” uvuza umuziki wisa mu Burundi

Umurwi “Moutcho” uvuza umuziki wisa mu Burundi

jeudi 3 Gitugutu 2013

Mu muziki w’Uburundi hariho umurwi ugizwe n’imisore 3 witwa “Moutcho”. Umurwi kugeza ubu uvuza umuziki wisa. Moutcho uvuza imidiho ya Jazz, Rock n’iyindi ishingiye kuriyo midiho ibiri ariko icanze n’imidiho y’ikinyafrika (Afrobeat) . Umuziki w’uwo murwi uvuzwa ahanini ku bicurarangisho bitatu.

JPEG - 212.7 ko
Nganji Arnaud, Kwizera Yvan hamwe Nkurikiye Amadi (Uva i bubamfu uja i buryo)

Umurwi “Moucho” wavutse mu kwezi kwa Ndamukiza 2011 kw’izina ry’ikirundi “Muco”. Uwo murwi ugizwe n’imisore itatu: Nganji Arnaud, Kwizera Yvan hamwe Nkurikiye Amadi. Iyo misore itatu yahuye mu 2011, umwe wese arondera umurwi avugirizamwo umuziki yisanzuye. Niko kuguma bahindura imirwi, bava muri uyu baja muri uriya, ivyahavuye bibahuza bakora umurwi bavuzamwo umuziki wisa bashaka. Umuziki w’umurwi “Moutcho” ugizwe n’ibicurarangisho 3: igitari bita “solo” kivuzwa na Nganji Arnaud, igitari bita “basse” kivuzwa na Kwizera Yvan hamwe n’ingoma y’ikizungu(drum canke battrie) ivuzwa na Nkurikiye Amadi.

JPEG - 129.8 ko
Abagize umurwi Moutcho

Igiteramo ca mbere uwo murwi wavugijemwo, imbere y’abakunzi b’umuziki, hari ku munsi mukuru w’umuziki itarike 21 Ruhenshi 2011. Umuziki bavugije kuri uwo munsi wabatumye bahakura uwubafasha yitwa Antoine Chevallier, umufaransa yabaronkeje aho bagirira imyimenyerezo. “ Mu ntango twahurira i muhira i wacu, Yvan akazana igitari ciwe, nkazana rwanje, Amadi nawe akazana akagoma kamwe tukavuza”, ivyavuzwe na Nganji Arnaud. Uwo murwi “Moutcho” waragize ibakwe uronka uwubafasha mu vyerekeye ubuhinga bwo kuvuza umuziki, uwitwa Christophe Dergaeuwe.

Moutcho waremesheje igiteramo cawo bwite igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2012 mu kigo c’abafaransa co mu Burundi. Ubuhinga bw’abo baririmvyi bagize uwo murwi barabusabikanirije abana bari mu buruhuko muri Myandagaro 2012. Abo bacuraranzi bakaba barakoze n’igiteramo mu gihugu c’Urwanda kuwa 11 Myandagaro 2012. Nkuko twabibwiwe na Nganji Arnaud ari mu bagize umurwi Moutcho, ntibarakora urukurikirane rwabo bwite. Ariko uwo mugambi urahari kandi ugiye kurangurwa vuba.

JPEG - 68 ko
Moutcho mu giteramo mu kigo c’abafaransa co mu Burundi

Kugeza ubu, umurwi Moutcho ufise indirimbo 4, zafashwe mu biteramo bamaze gukora. Bimirijeigiteramo mu Rwanda muri kuno kwezi kwa Gitugutu. Abagize umurwi bakuriye muma shengero no mu miryango ikunda umuziki. Nkuko Arnaud yabitumenyesheje, hari haheze amezi abiri umurwi utariko urakora bigaragara kuko umwe(Yvan) yari yakubitiye muri Kenya kuvugiriza umurwi wo muri ico gihugu, uwundi (Amadi)akaba yariko avuza mw’ihiganwa rya Primusic 2013 riherutse kurangira nayo uwundi( Arnaud) akaba yari mu murwi utanga amanota muri Primusic.

Ikindi umuntu yomenya n’uko, umurwi Moutcho usanzwe uvuza umudiho wa Jazz iminsi yose ya kane ku mugoroba mu bunywero bwitwa Vuvuzela buri mu gisagara ca Bujumbura muri komine ya Kinindo.

JPEG - 65.8 ko
Nganji Arnaud
JPEG - 59.2 ko
Amadi Nkurikiye
JPEG - 76.4 ko
Kwizera Yvan

INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.