IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Lion Story > Umurwi wa Lion Story wagiriza ubutegetsi iburabuzwa ryawo

Umurwi wa Lion Story wagiriza ubutegetsi iburabuzwa ryawo

mercredi 24 Kigarama 2014

Abakunzi b’umurwi Lion Story baribaza igituma uwo murwi ukunzwe cane utakigirisha ibiteramo canke usohore indirimbo nshasha. Abaririmvyi bo muri uwo murwi bavuga ko babaye barakinjuye kubera ubutegetsi butariko buraborohereza mu kazi kabo.

Umurwi wa Lion Story utanga ubutumwa buciye mu ndirimbo zikozwe mu mudiho wa Raggae umaze iminsi utaboneka mu biteramo, impavu n’uko umurwi wagumye winanata gukora kugira ushike kw’ihangiro ryawo ariko uburagizwa. Ariko rero hageze aho iterabwoba bagirirwa rituma bakinjura.

Lion Story bavuga ko kubaburabuza mu kazi kabo ko gutanga ubutumwa biciye mu kuririmba bisa no kubuza inyoni kuririmba aho naho uba uyishe. Iburabuzwa n’ihigwa buhongo ry’abagize umurwi wa Lion Story vyagirizwa ubutegetsi kuko ataco bwigeze bukora kugira umutekano wabo ukingirwe kanatsinda ibiteramo vyabo biburabuzwa n’abaporisi, abo nabo baba bahawe itegeko. Ivyo bivugwa n’umwe mu baririmvyi bo mu murwi.
Abaririmvyi ba Lion Story bakavuga ko boba bariko bazira ubutumwa batanga budahimbara ubutegetsi.

Mwomenya ko ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 04 Nyakanga 2013 kuri Vouvouzela, igiteramo ca Lion Story cahagaritswe inyuma y’iminota 40 gitanguye, bivuye kw’itegeko ry’uwurongoye igisagara ca Bujumbura.

Umviriza ubutumwa butangwa na Lion Story mu ruririmbo "izangondagonde"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.