IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Umutekano w’abaserukira Uburundi muri EALA ugiye gucungerwa n’uwo (...)

Umutekano w’abaserukira Uburundi muri EALA ugiye gucungerwa n’uwo muryango

jeudi 11 Ruhuhuma 2016, par egide

Inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EALA) yamenyesheje ko igiye gucungera umutekano w’abashingamateka b’abarundi bane bari muri iyo nama nshingamateka. Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho Reta y’Uburundi isabiye ko abo bashingamateka bokurwa muri EALA, ibitemewe n’inzego zirongoye inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko.

Mu burongozi bw’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko bamenyesha ko bisunze amasezerano y’iyo nama nshingamateka y’uguha agaciro ubudahangarwa bw’abagize iyo nama, EALA (East Africa Legislative Assembly) igiye gucungera umutekano w’abashingamateka bakomoka mu Burundi, abo nabo akaba ari Jérémie Ngendakumana, Frédéric Ngenzebuhoro, Yves Nsabimana hamwe na Docteur Martin Nduwimana.

JPEG - 85.4 ko
Umushingamateka wa EALA, Martin Ngoga, yafashe ijambo ashigikira ingingo yafashwe

Reta y’Uburundi yari yasavye ko abo bashingamateka birukanwa bagasubirizwa n’abandi, kuko bamwe muribo bamaze kwirukanwa mu migambwe yabarungitse muri iyo nama nshingamateka, abandi nabo imigambwe yabarungitse ikaba itagiserukiwe mu nama nshingamateka y’Uburundi.

Inama nshingamateka ya Afrika y’Ubuseruko yarahakanye gushira mu ngiro ivyasabwe n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, ko abo bashingamateka b’Abarundi bokurwa bagasubirizwa n’abandi. Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yamenyesheje Pascal Nyabenda ko abo bashingamateka badaserukira imigambwe bavamwo, ariko ko baserukira Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.
Dan Fred Kidega yamenyesheje ko amategeko agenga iyo nama nshingamateka atomoye ku buryo bushobora gutuma umushingamateka atakaza ikibanza ciwe, ubwo nabwo bukaba butandukanye n’ivyo Uburundi bwasavye.

JPEG - 42.6 ko
Dan Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko

Umwe mu bashingamateka baserukira Kenya muri EALA, Abubakar Zein yamenyesheje ko ikibaraje ishinga ari umutekano w’abagize iyo nama nshingamateka, kugira bakore imirimo yabo neza mu biringo batorewemwo, ari nayo mpamvu Afrika y’ubuseruko igiye gucungera bikomeye umutekano w’abashingamateka bane b’Abarundi baheruka gusabirwa gukurwa muri iyo nama nshingamateka.


IGIHE

Messages

  • Ayomanyanga reta yuburundi nibayagumize iwabo reta yi Burundi irazi amaremendanya gusa aubwo baba cungere cane reta yi Burundi nizobice bagyanabicanyi

  • oya ahubwo nibabajane kubacungira mwijuru...

  • JEWE NAMA NABIVUZEKO,KWIGA UKAMINUZA KO ATARIKO KUMENY UBWENGE EHE NAMWE NDABEREKE MWIH INYISHU RABA ABOBASHINGAMATEKA BARUNGITSWE NARETA YIBUJUMBURA IYORETA NYENE NIYO YAMENYESHEJE KO ABAKOZIBAYO ITAKIBIZEYE NONE UWUNDI MUNTU ABAFISEKUBURENGANZIRA?

  • KAMARO NIMBA UBABAJWE NIYONGHNGO IYAHURE MWAMENYEREYE IRYO MUVUZE BACA BASIGA AMAVUTA AHO HO BARIYANKIYE RINDIRA IKIRINGO CABO BAKIMARE

  • Mubacugere Bikomeye Kubera Reta Yi burundi Yobica Igigomwafashe Yokubancugera Ninziza Can

  • NCUTI YANJE IRIBUKA KUKUNDA GUKORESHAMAJAMBO ASHORA KUBABAZABANDI KUBWIRA KARORERO NGO NIMBABABAYE NIYIYAHURE NTIWUNVA KURENZAKARIMBI? TAHURAKO KUDAHUZ IZIVYIYUNVIRO ARIYO ,democracie niho nabasomyi bacababishira kumunzane hanyuma

  • Akamanyu kumutsima murazi icobisigura? Umva: abobashingamateka barungitswe nuburundi na barundi none ntabubasha bakibafiseko muravyiyumviye ngaha mbere biratangaje!!! Ikindi ntibasinyiye ko bazoba abashingamateka ubuzima bwabo bwose , none abobavuga ngobagomba kubacungera ngonkabashingamateka buwomuryango kwejo ahobukera ikiringo twabahaye kizoherera muzoca mukora iki? Jewe icombona nkuwuzi ubwenge muribo yokwitandukanya namushamabi yanyu akenera ivyabamutumye bamusavye kuko ejo nimwamuta azosanga yaracumujwe nakamanyu kumutsima gusa gusa!.

  • Nta Reta irimuburundi iyoningirwa reta nabicanyi gusa, amaraso basesa ijoro n umurango mwarangiza nyamitwe agatangaza ngo mu burundi n amahoro amahoro n amaraso bihuriyehehe nkurunziza yahonyanze amaraso menshi hamwe nabamuvugira kuko iyobavuga bavugankabatabona abantu bapfa ikibazo ni reta nyabaki i dashobora kubabazwa nokubona abantu bayo bapfa abandi bahunga ico nobwira icocitiriro citwa reta AMATWI YIKOREYE URUPFU NTIYUMVA KANANIRA ABAGABO NTIYUMVA, sadamu na kadafi hitirere barihehe,???!!!

  • Ikibazo ciri mu barundi nubwo kitavugwa kiri ku moko aho abatutsi bumva ko boremewe gutegeka; kuburyo hari abiyumvira ko kuva Piter akiri kubutegetsi ntamahoro bazogira, Kurundi ruhande abahutu nabo baraba ivyabakorewe imyaka yose abatutsi bamaze bategeka bakavuga ngo ntidushobora gusubira hahandi, None ici kibazo kizohera gute? Ngaho nimumpe inyishu,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.