IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UNICEF isaba aberwa n’ibibazo vy’Uburundi gukingira abana

UNICEF isaba aberwa n’ibibazo vy’Uburundi gukingira abana

mercredi 27 Rusama 2015

Ishirahamwe ryitaho ineza y’abana UNICEF rihamagarira aberwa n’ibiriko biraba mu Burundi, bose gukingira abana.

Ishirahamwe UNICEF mw’itangazo ryashize ahabona, rivuga ko ribabajwe n’abana bibonekeza mu bihe vy’imishamirano, abo nabo bamwe bagapfa bahitanywe n’amasasu canke akabakomeretsa.

Ishirahamwe UNICEF ryibutsa ko ikibanza c’umwana ari ugukingirwa mu muryango, atari ugushirwa hagati y’abahanganye canke ngo ahohotererwe ubuzima.


Aristide Nizigire

Messages

  • kuva kera CNDD FDD niyigeze isonera agateka ka muntu kuva bakiri mwishamba ntibasonera umurwayi arwariye mu bitaro akarorero igihe batera hopital roi khaled abarwayi bakicomora amaserumu biruka kurisha abantu amazira ntoke no kwambura abantu imuzu zose bagasigara bari gusa ibugarama ubu ho imbonerakure zigenda ziraririmba kubita abakeba bavyare imbonerakure mwumva atari umugambi ugayitse woguhohotera agateka ka zina muntu

  • Wesha wiyise isina ryumuntu nkunda Kanyombya, bakubwiye mureke kuzana abana murubwo bugumutsibwanyu ntabwobakubwiye ivyabakora nkinyeshamba.

  • najewe nsinshigikiye abana baja mumyirekano nibabe baguma muhira hama hagende abakuze babichoboy ariko gaaa ubunkuru nziza ntiyoreka iyomanda y3??Niyibaze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.