Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : ’’Aba JRR bapfunzwe bahorwa umukeko’’
 UPRONA : ’’Aba JRR bapfunzwe bahorwa umukeko’’
 UPRONA : ’’Aba JRR bapfunzwe bahorwa umukeko’’
				
				samedi 31 Rusama 2014
Mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA bariyamiriza idindizwa ry’urubanza ririko rirakorerwa aba JRR babibiri bakekwa kuba aribo bateye grenade urugo rw’uwitwa Gaston Sindimwo, umwe mu baporona bashigikiye Concilie Nibigira.
Muri UPRONA ishami risanzwe ritemewe n’ubutegetsi, bakavuga ko Lionel Ninteretse na Fabrice Shurweryimana bariko bazira umukeko, bakwiye kurekurwa. Kuri micro ya bagenzi bacu ba radiyo isanganiro, Tasiyano Sibomana umuvugizi wa UPRONA itemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba yavuze ko iyo misore vyoba vyiza irekuwe kuko bigaragara ko urubanza rwabo ruriko ruradindizwa, mu gihe ku va ku wa 23 Rusama gushika ku wa 30 Rusama barenguka ariko ntibaburanishwe. Eka ndetse amatwi adusumira, bikavugwa ko n’isango bahaye ryo ku wa 6 Ruheshi, iyo misore ibiri ishobora kutaburana, kuko Gaston Sindimwo n’uwumuburanira boba bivugiye ko batagira umwanya.
Mukamenya ko abakurikiranira hagufi ibibazo vya UPRONA, babona ko ipfungwa ry’iyo misore ibiri, ryihetse inyuma ingorane z’icikamwo ibice uyo mugambwe, aho igice kinini kirimwo abashingamateka ndetse na bamwe mu bakenguzamateka coba gishigikiye uburongozi bw’umushingamateka Karori Nditije, ikindi gice naco kirimwo abashikiranganji kigashigikira Concilie Nibigira.
Aristide Nizigire
