Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : CENI yahonyanze amategeko mu gushiraho abazoyiserukira mu (...)
 UPRONA : CENI yahonyanze amategeko mu gushiraho abazoyiserukira mu ntara
 UPRONA : CENI yahonyanze amategeko mu gushiraho abazoyiserukira mu ntara
				
				mercredi 1er Gitugutu 2014
Mu mugambwe UPRONA ishami rishigikiye umushingamateka Charles Nditije, bavuga ko batanezerejwe n’abagenywe n’umurwi CENI ujejwe gutegura amatora, kugira babere ijisho uyo murwi mu ntara no mu makomine.
Tatien Sibomana, umuvugizi w’iryo shami ritemewe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba avuga ko abashizwe imbere bivugwa ko ari Abadasigana b’uyo mugambwe UPRONA batabemera. Tatien Sibomana akabandanya avuga ko abo bazocungera amatora mu ntara no mu makomine bashizweho hahonyanzwe zimwe mu ngingo, mu gihe hari haremeranijwe ko abanyamigambwe bose babwirijwe kuzoserukirwa mu ntumbero yo gutegura amatora meza, none umugambwe UPRONA arimwo utaserukiwe. Muri urwo rutonde rw’abazocungera amatora, abitwa abakinyi ba poritike (Acteurs politique) bakaba batigeze baserukirwa. Abo n’abo akaba ari abashigikiye imigambwe yose itemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu nka UPRONA ishigikiye umushingamateka Karori Nditije, UPD yo kwa Chauvineau Mugwengezo hamwe na FNL yo kwa Rwasa Agathon.
Amazina y’abo bazoserukira CENI mu ntara no mu makomine yamaze kumenyekana, ariko abaserukira uwu murwi bari mu migambwe bakaba batamenyekanye. Ikizwi gusa n’uko batandatu ari abakozi b’Imana, 60 kw’ijana akaba abahutu, 40 kw’ijana ni abatutsi nayo 30 kw’ijana ni abagore.
Ukwo bagenywe rero ni uku, hatangura umukuru w’umurwi mu ntara hagakurikira icegera ciwe:
Rutana : Emeriyo Emile
             Patiri Ndikuriyo Felicien
Ruyigi: Patiri Nkeshimana Ernest 
           Cubahiro Jeremie
Muyinga : Kamariza Goreth
               Witonze Vincent
Mwaro : Patiri Ntigahera David
            Niyonzima Virginie
Ngozi  : Minani Desire
           Baryimare Damien
Cankuzo  : Nigoboka Alexandrine
               Patiri Mvuyekure Gabriel
Cibitoke : Musenyeri Murwuwundi Theogene
               Ndikumana Bernard
Gitega : Patiri Ntukamazina Dominique Adrien
            Polisi Alphonse
Bubanza : Niyimpa Pierre
               Hakizimana Belyse Abele
Bujumbura : Nduwimana Anne Marie
                  BigendakoSylvere
Bururi  :  Niyukuri Laurent
             Nahimana Christine
Karuzi   :  Nshimirimana Prosper
            Muhimpundu Aline
Kayanza : Patiri Mariko Manirakiza
                Majambere Martin
Kirundo : Manariyo Pascal
             Ryivuze Gerard
Igisagara ca Bujumbura : Bucumi Cyriaque
                                     Mutwa Chrysologue
Makamba : Musenyeri Nyaboho Blaise Martin
                 Bugabo Emmanuel
Muramvya  : Nahimana Coudra
                  MasamvyaChantal
Aristide Nizigire

Messages
25 Ntwarante 2015, 05:55, par ndagij’ima erc
ariho kukoyivye abandi rekabamucemwo