IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Umwe mu bagenywe na Concilie Nibigira yatanze imihoho

UPRONA : Umwe mu bagenywe na Concilie Nibigira yatanze imihoho

lundi 21 Mukakaro 2014

Mu gihe mu mugambwe UPRONA ishami rirongowe na Concilie Nibigira bariko barategura inama rukokoma, bamwe mu bofashije guhimiriza abazokwitaba iyo nama rukokoma bariko baratanga imihoho.

Mu ntara ya Kirundo, uwari yagenywe kugira arongore UPRONA ishami rya Concilie Nibigira ariwe Jean Pierre Rukezamihigo yatanze imihoho, mu gihe yari amaze indwi imwe agenywe kugira arongore uyo mugambwe, asubiriye Karagira Juvenal asanzwe ayoboka UPRONA ishigikiye umushingamateka Karori Nditije. Uwo yatanze imihoho akaba yari yagenywe, mu gihe yari asanzwe afashanya n’uwuyoboka Karori Nditije mu kurongora UPRONA mu ntara ya Kirundo ariwe Karagira Juvenal.

Jean Pierre Rukezamihigo rero akaba atanze imihoho mu gihe mu mugambwe UPRONA ishami rirongowe na Concilie Nibigira, bavuga ko bariko barategura inama rukokoma kuri uyu wa 27 Mukakaro, iyo nayo bakavuga ko ariyo izotuma icuka kibi kiri muri uyo mugambwe gitorerwa umuti.

Mukamenya ko yaba umushingamateka Karori Nditije avuga ko ariwe arongoye UPRONA hamwe n’ibiro bikuru vy’umugambwe UPRONA, canke umushingamateka Gasutwa Bonaventure asanzwe arongoye umurwi w’abashingamateka bakomoka muri uyu mugambwe wa Rwagasore, bose basaba Abadasigana ba UPRONA kutitaba iyo nama rukokoma, mu gihe bose bemeza ko ataho yanditswe mu mategeko agenga umugambwe UPRONA.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.