IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Urubanza rw’abitwariye Urwanda, Kenya n’Ubuganda rwungururijwe mu (...)

Urubanza rw’abitwariye Urwanda, Kenya n’Ubuganda rwungururijwe mu 2014

vendredi 22 Munyonyo 2013

Sentare y’ibihugu bihurikiye muri Afrika y’Ubuseruko yigije imbere ibirego vy’abagabo batatu bo mu gihugu ca Tanzaniya bari bitwariye Urwanda, Kenya n’Ubuganda kuba ivyo bihugu vyaragize inama zitatu ibindi bihugu birikumwe mu muryango wa EAC bitarimwo, kandi hafatwa n’ingingo zikomeye ziraba akarere kose.

Mu vyo abo bagabo basaba, harimwo ko iyo sentare y’akarere k’Afrika y’Ubuseruko yofata ko ibikorwa vyose ndetse n’ivyagiye birirwa muri izo nama zabaye Uburundi na Tanzaniya bitarimwo, bitoshirwa mu ngiro. Sentare rero ikaba yasohoye urwandiko kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Munyonyo, ko ibirego vyatanzwe na Hatibu Msanga, David Geofrey Makatha na John Adam Bwenda bo mu gihugu ca Tanzaniya kuba batatanze ibimenyetso bihagije kugira sentare ifate ingingo.

Sentare rero y’Afrika y’UBuseruko ikaba yaciye ifata ingingo yo kwimura urwo rubanza muri Ruhuhuma umwaka uza w’2014, sentare ikaba yizeye ko aho abitwara bazoba bazanye ibirego bifise ifatiro, ndetse n’abitwariwe bagashobora kuba babimenyeshejwe ku gihe. Ikindi sentare isaba abo batanzaniya batatu, ni ukwo bokwandika ibirego vyabo mu rurimi rw’icongereza kuko ari rwo rurimi rwumvwa na bose nk’uko ingingo y’137 yo mu mategeko ya EAC ibisaba.

Abo bagabo batatu rero bakaba banegura ibikorwa vyaranguwe n’ibihugu bitatu arivyo Urwanda, Kenya n’Ubuganda ibindi bihugu bitatumiwe, ndetse bakanegura ukwo hafashwe ingingo zo gufashanya mu bisata bimwe bimwe bikomakomeye Uburundi na Tanzaniya bitatumiwe, aho bakavuga nko gufashanya mu gisata ca politike, ubudandaji, n’ibindi.

Mu nama zitatu zakozwe ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya atari ho biri, ivyo bihugu bitatu bikaba vyaragabuye uburyo ibikorwa nyamukuru vyashitseko vyokwirwa. Muri ivyo, igihugu ca Kenya cahawe gukurikirana igikorwa co kwubaka inzira ya peteroli n’umuyagankuba, Urwanda ruhabwa gukurikirana ibijanye n’imbibe, indangamuntu imwe mu karere ka EAC n’urupapuro rumwe ku ngenzi, nayo igihugu c’Ubuganda kikaba cahawe gukurikirana iyubakwa ry’inzira ya gari ya moshi n’ihuzwa rya poritike.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.