IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urunani ADC Ikibiri rwagirije umurwi CENI gukorera umugambwe CNDD (...)

Urunani ADC Ikibiri rwagirije umurwi CENI gukorera umugambwe CNDD FDD

jeudi 31 Mukakaro 2014

Urunani ADC Ikibiri rurafise impungenge ko amatora ashobora kugenda nabi, mu gihe umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora hamwe n’umuvugizi w’uyo murwi batoreka gukora nk’aho bakorera umugambwe CNDD-FDD.

Ivyo bikaba ari ivyamenyesheje n’umukuru w’urunani rutavuga rumwe na Reta ADC Ikibiri mu kiganiro yagiranye n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru. Muri ico kiganiro, Leonce Ngendakumana akaba yamenyesheje amakenga atari make, muri iki gihe hegereje amatora yo mu mwaka w’2015. Muri ivyo umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU asanzwe anarongoye ADC Ikibiri, akaba yavuze ko abarongoye imitumba bari mu bagemurira amakarata karangamuntu abana batarakwiza imyaka yo gutora, hamwe n’abandi usanga bafise ikarata z’amatora zitatu canke zirenga. Ikindi naco akaba ari intonde z’abazogira rusasuma rwabazotora, vyoba bimaze gushirwaho n’umurwi CENI ufashijwe n’umugambwe CNDD FDD co kimwe n’abazorongora umurwi w’amatora mu ntara no mu makomine.

Muri ico kiganiro, Leonce Ngendakumana akaba yasavye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko yokwubahiriza ibwirizwa nshingiro n’indahiro, mu gihe amaze kurahira kabiri kose ko ariwe aramutswa Uburundi, ntaze ahirahire ngo yitoze ubugira gatatu. Ikindi bamusavye, akaba ari guhagarika amabi akorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure ziri mu mugambwe CNDD FDD, mu gihe bemeza ko ari Petero Nkurunziza wenyene, umukuru w’igihugu ashoboye kubuza Imbonerakure ibikorwa zirangura vyo gutoteza abanyagihugu.

Mukamenya ko muri ico kiganiro, Leonce Ngendakumana yanibukije ko Ikibiri kigizwe n’imigambwe 9, ndetse na FNL ukirimwo, kuko muri ico kiganiro harimwo n’intumwa ya Rwasa Agathon, avuga ko ariwe arongoye FNL.


Aristide Nizigire

Messages

  • Reka guta umwanya ntamatora azoba .mwebwe sinzingene mubona .??fata inkoho muze turugwane 2semmaine bizoba biragiye ntibashobora kuvakubutegetsi tutata bakubise mumitwe karibu turungwane

  • We turugwane,ico nogusaba,tumbera ahari abajejwe umutekano mwihurire nabo,ureke guhohotera abanyagihugu ataco bazira,kandi ndazi neza ko utazorohegwa,uwo muriro bazowukuzimirizako budakeye nakabiri ndakurahiye!!!,intarabona isera ihaha.iyo minwa ujebarika bazoyitabura.

  • emwe nihatari ugutukana ntakamaro kimw demokarasi nikwihanganirana ariko intwaro ihinduk

  • @rutovu muntamnbara niyimeje nabo turikumwe nabanyagihugu bari inyuma yacu mugabo umunyagihu ameze nkuko kwawe uwo akwiye kuva kwisi nimwe muteje isibe igihugu nisi :2 saze wewe uri isutwa yumugabo wantutse ngwiminwa atabaritse /nokwiryo jambo barikoresha kugisundi nyina ko catabaraye wewe uramaze kuraba nyoko

  • amahoro turayakeneye reka kuryana .erega turavukana twese ABAHUTU;ABATUTSI,ABATWA,ABAGANWA.....TURI BAMWE rEKA TUBANE.Dusaba Président Areke kwitoza .
    kandi ni yitoza ntituzomushigikire.kuko vyotera ingorane mugihugu.

    tugire amahoro twese .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.