IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Urunani rw’imigambwe umunani itavuga rumwe n’ubutegetsi rwavutse

Urunani rw’imigambwe umunani itavuga rumwe n’ubutegetsi rwavutse

vendredi 16 Nzero 2015

Imigambwe umunani ivuga ko ikeneye guhindura ubutegetsi bwa CNDD FDD yagiye hamwe itanguza urunani "RANAC - DUSHAYURE UBURUNDI BWOGORORE. Abakuru b’iyo migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bamenyesha ko bazokorera hamwe na ADC IKIBIRI, bagahamagarira abarundi gufatana mu nda, bashayure Uburundi bavuga ko "bwatawe mu manga n’intwaro ya CNDD FDD".

Iyo migambwe umunani ariyo FNL ya Rwasa Agathon, UPRONA ya Karori Nditije, FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye, RADDES, PARIBU, PASIDE IMBONEZA, A.D.R, NADDEBU, imenyesha ko igiye hamwe kugira mu matora yimirije mu Burundi izoshobore gutsinda umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, bakawagiriza ko utashoboye gushikana igihugu ku burongozi buzira ibiturire, iyo migambwe ikamenyesha ko mu gihugu harangwa ubukene n’inzara bitumwe n’ukudatunganya neza amatunga ya Reta.

JPEG - 35.3 ko
Abaserukira iyo migambwe umunani yatanguje urunani

Muri urwo runani RANAC (Rassemblement National pour le Changement) - DUSHAYURE UBURUNDI BWOGORORE, bamenyesha ko mu minsi iri imbere bagiye gushikiriza imigambi ngenderwako yo gushayura Uburundi, ariko muri urwo runani bakemeza ko babandanya gukorera hamwe na ADC IKIBIRI. Umushingamateka Karori Nditije, umukuru w’umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi, usanzwe uri muri urwo runani, atera akamo abavyipfuza bose, harimwo n’abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD, ko boshira inguvu hamwe bagaharanira intwaro irwanya inzara, ibiturire, ubusuma, hamwe n’ukudahana ivyaha.
Intonde z’abazoserukira urwo runani mu matora yose harimwo n’ay’umukuru w’igihugu zizokorerwa hamwe, urwo runani rukamenyesha ko ruzoshira imbere abakerebutse kandi bazwi n’abanyagihugu bazobaha amajwi.

Rwasa Agathon, umwe mu bakuru b’iyo migambwe iri muri urwo runani amenyesha ko hageze ko abarundi barengera kahise, batahure ko igihugu kidatwarwa n’ubwoko, kandi bamenye ko uwutwaye nabi bamwiyamiriza.

JPEG - 29.8 ko
Rwasa Agathon, umwe mu bakuru b’imigambwe iri muri urwo runani

Egide Nduwimana

Messages

  • Komera ku muheto. Turabe ko iyo ntwara yagahotoro twoyisezerera nayahandiabarundi twohereramu mpimba.

  • - Turabakeje kandi turabashigikiye
    - Komeza urugamba tubogore u Burundi batwawe nabataribo
    - shirahamwe mwese atabwoko atantara musubize uburundi iteka , ubu aho umurundi ari asigaye atinya kuvuga ko ari umurundi Kubera ivyo CNDD FDD iriko ikora
    - Mukorere hamwe twimirije kubahunda amajwi tuve muri ubwo buja twashizemwo nabantu batagira IDEOLOGIE baje kwiba , kwica , nayandi manyembwa atagira izina

    - UBURUNDI butwarwa nashetani , rero harageze ko iyo shetani iri kumutwe wa barundi tuyisengera ikatuvako , kuko twarihanganye imyaka cumi irakwiye

    - Niharamba RANAC Burundi n’abarongozi bayo , hamwe nabanywanyi bayo

  • Nukuri bakoze igikorwa ciza abo banyacubahiro nibarabe ukuntu bohinduraubwo butegetsi kuko ibiriko biraba nibara kumutemera, ariko kimwe gusi nuko ikintucosetwogishiramumaboko y’IMANA yo mushobora vyose tweho kubwaco ntaco twokora kiretse yo yonyene.

  • hahaaha kweri turabashigiye kuk uburundi bugez ahatemba nivyo abari kubutegetsi baragize ivyo bakorera uburundi ariko ivyari bikenewe cane baravyibagiye .ndabashigikiy kweri ariko nabo ntibatugir nkabo bandi babigize tuzobavako nabonyene.narakunda aba CNDD-FDD me kubera mbona benshi bibagiw naje ndimwo nabahevye.

  • Ego abishizehamwe bagiringuvu ariko turetse noguhamagarira aba CNDDFDD kwitabira akamo kanyu ndikondumva nabari abanwanyi bimigambwe yanyu barikobaridodomba ko musigaye mubatera amakenga bagereye kuvyomuvugamudambikanya, kubandanya nokuba igihugu giterwa ntimuheze ngomufatanye nabandi kwiyamiriza abatera igihugu canyu bakabonako uwushaka gukura CNDDFDD ntibibuzako umwasi ateye igihugu mumwiyamiriza! Abanwanyibanyurero bariko barabona mukorana kugira mukure CNDDFDD kandimugasenga Imana muvuga ati: habuzenicanduka cotesa u Burundi kikaburasa bugahanagurika ivyonavyo bikabavyabonekeye kukuba ntakwiyabiriza abaribateye igihugu canyu!. NDABABAZE MBEGA CNDDFDD NABARI BATEYE IGIHUGU CANYU UMWANSI NI CNDDFDD UMUKUNZIWANYU NUWATEYE IGIHUGU CANYU?

  • Nteyintege urwo runani kuko ruje hageze nkashima ko ruzokorana na adc.komera intsinzi ni yanyu abarundi isinzu turinyuma yanyu.

  • wewe ni nuwera ubajije ngo CNDD na bari bateye uburundi ngo ni abahe babi Je ntamugambwe ndimwo muga ico mbona.

    ARI CNDD FDD ARI ABARI BATEYE UBURUNDI BOSE NICO KIMWE TUBARWANYE BOSE.
    KUKO AKORORERO KA dd aba FNL batungiriwe KUGITI BAKABATA MURUVUBU,WUMVA GUTE?MUGATUMBA,UBUSUMA BUTANDUKANYE?HAMA NGOTUREKE KUBIYAMIRIZA,?UBUHANGO BUDANDAZWA ,BASHIGIKIYE ABDANDAZA IBIHIMBA VYA BANYAMWEMA .NIBAGEEEEEEEEEEEEEEEENDEEEEEEE.

  • inani nkizo nizo tuba tushaka knd nimwunge urunani nizindi nani maze mpeze ndabe aho abadede bazomenera mugihe camatora.courrage

  • Amazirantoke barishije abenegihugu, ubu harageze ko tubereka koko ko turi abenegihugu mukubashimira tukabasubiza kurima kuko mbona arivyo bashoboye. turashimiye abo bose bariko biyunvira kuja hamwe, ariko murabe muje hamwe na ADC kugira ntimutujuragize mugihe muhurira kuciyunviro kimwe; nta RANAC nta ADC mwese nimube bamwe twikure intwaro ya CNDD-FDD , ndasubiyemwo ntimutujuragize, nimwiyunge murengere ivyo mupfa mugire urutonde rumwe.

  • @ Matabi, nabajijengo: CNDDFDD NA BARIBATEYE CIBITOKE (UBURUNDI) UMWASIWANYU NINDE UMUKUNZIWANYU NUYUHE? NDAKWUMVISE KO UVUZEKO BOSE ARABASIBANYU, NONE KOBIKWOROHERA KWIYAMIRIZA CNDDFDD ARIKO URYAYATEYE CIBITOKE UGATONYA KUMWIYAMIRIZA?

  • Hahahahaa abo ntibohangana na CNDD FDD. Bariko barahendana gusa

  • Jewe ndatangazwa nabo banyepolitike,aho kuja mugihu ngo bakore imigambi bazokwerekana icobamaze muriyimyaka iheze Nico bazomara mumwaka irimbere arihamwe batowe,birirwa bashusha imitwe yabo mukugira INANI,rwemama dushinze ADC ikibiri,RANAC-dushayure uburundi,nayandi ntavuze hano harimwo nayazovuka ejo,ikibazo"none izo NANI zose nizokurwanya akagambwe kamwe gusa CNDD-FDD?"ahubwo rero sakagambwe,sanze riho ar’umugambwe ukomeye caaaaaaaaaaane rwoooose mutazopfa muwutsinz nahoho mwoza mwigira za NANI nyinshi.

  • Hakiza wewe ntumaramara ubonye washikirije ivyiyumviro bidafitaniye isano nivyabo benewanyu bose bamaze kwandika?va ibuzimu rero ubu harageze ko dukanura,tukabona icuburundi bukeneye? Sukuririmbira umugambwe ahubwo nukuririmbira igihugu!Dushigikire rero ihinduka,nihahinduka ibitarivyo tuzobasezerera!Ok,H?

  • Rwasa Agathon asigaye mengo niwamuntu mukuvuga mengo nabatwabakera bakiri mugacinyizo! Umvanamwe aracari muribimwebitango turengere ivyamoko! Ubwokoko ntazikwico CNDDFDD yahejeje kugikenyura kera mbese kuvakera ikirimwishamba mbese ikirongowe na Nyangoma!? Uracarinyuma yamanamberekweli! Mbese mbongewewe umirikure utazi ahuburundi bugeze. Hanyuma imbereyokwiyunga nuwowese kowumva Ataribimwe vyokubeshanya kutahereye kubomwaryanyumwanda ba Yamobo, Miburo, nabandi tutibagiwe abomwiragi ryagahuturemi.Twarabahinyuye rekahobukera twebwe abomuhindigambwe tuzokaihere amajwi DD ibatsinde mwumigwe!

  • nibutse 2010 mw’ikomini imwe ntavuze amatora ya mbere aheze baciye bacanamwo ngo mwe ntimwakoze mwaraduhenze mutora abadede.
    Aho rero hinge bace baraba amajwi baronse kuri bureau de vote imwe imwe n’uwari ahari basanga aho président communal w’umugambwe yari n’amajwi atatu gusa.
    bahatwe gushiranako guko hari imoto umukuru mw’ikomiye yemerewe bakoze neza.
    buce kabiri yaciye yinjira icese mu ba DD.
    None ko akarimi benshi baguma baryeryesha ubwo ukwo guhendana aka kanya vyaheze?
    Tubitege amaso uwuravye azotuyagira abarundi ni barata baratora umengo ntibazi icobakiza!

  • Rwasa ni Umuhabo azobatwara,mwanka mushaka,Abo bose nibava kubutegetsi,murabishe amaso kumpimbaaaaaaaa.......

  • uwubuze ukwagira agora nabi bandanya mutant umutwe musanzaza amajwi mugushinga utudumbi dumb I twinani zitagira ahozihagaze komera tubatsinde mwirabira

  • je ndashigikiye uko kwiyunga kuko intumbero nyamukuru sugushira inda imbere ahumbwo nugushira imbere imigabo nimigambi izoteza imbere uburundi nabarundi nkaha impanuro izo ndongozi zaco ko batofatana munda muriki gihe hanyuma inyuma yamatora ngo bafatane mwizosi baze bashayure uburundi nkuko bavyiyemeje basha natwe amajwi tuzoyabahunda meshimeshi

  • Umva mwari mwaratevye twararemvye:MBEGA UMUSONGA WA DD UKWICA UKWIBA NIKWO KWABARANZE :Have turabe namwe tubateze amaso.

  • Imana ihezagire igihugu cacu ’uburundi

  • Ivyo mwemerantibibura ariko tumaze kubatora muca mudutankakanuka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.