IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ibihano bizohabwa abiyamirije ikiringo ca gatatu vyatanguye (...)

Ibihano bizohabwa abiyamirije ikiringo ca gatatu vyatanguye kwigwa

mardi 24 Ntwarante 2015, par Egide N

Abagumyabanga bakomeye ba CNDD FDD baheruka kwandikira Petero Nkurunziza bamusaba kudasubira kwitoza mu kindi kiringo co kurongora Uburundi bagirizwa n’uburungozi bukuru bwa CNDD FDD ko bakoze ikosa ry’ugufata inzira atariyo mu kurungikira ibimenyeshamakuru urwandiko bari bandikiye umukuru w’igihugu Petero nkurunziza. Muri CNDD FDD bavuga ko ibihano bazohabwa vyatanguye kwigwa n’urwego rubijejwe.

Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu amenyesha ko Abagumyabanga ba CNDD FDD birigwa bakwiragiza ivyo yita ibihuha ku nsamirizi no mu bimenyeshamakuru, mu nzandiko zitandukanye, barajwe ishinga no gusenyura Reta babanje guhagarika ibwirizwa nshingiro. Mu mugambwe CNDD FDD bavuga ko abagumyabanga bandikiye umukuru w’igihugu bamusaba kudasubira kwitoza, babafata nk’abakeba canke abandi bose banka umugambwe, kuko ico bahuriyeko bose ari uguhagarika inzego z’igihugu, bakanasenyura n’umugambwe CNDD FDD.
Mw’itangazo ryasohowe n’uwo mugambwe, Pascal Nyabenda umukuru wawo abisigura agira ati : " Hari n’abirirwa baratangaza icese ko ikibazo nyamukuru ari ugusenyura umugambwe CNDD FDD, gutyo bakabona gusubiza igihugu mw’ihumbi. "

JPEG - 64.5 ko
Pascal Nyabenda, umukuru w’umugambwe CNDD FDD

Nk’uko vyashikirijwe na Pascal Nyabenda, gushikiriza iryo bagona ni uburenganzira bw’abo bagumyabanga, ariko akavuga ko nk’Abagumyabanga, bari bazi inzira irashe yo gushikiriza ivyiyumviro vyabo ko atari mu nsamirizi, akavuga kandi ko bari bazi ko uwuciye kubiri n’amategeko y’umugambwe abiharirwa, hisunzwe amategeko y’umugambwe.
Uwo arongoye CNDD FDD amenyesha ko urwego rujejwe indero muri CNDD FDD rwamaze gutangura kwiga ibihano umwe wese yohabwa bivanye n’ikosa azokwagirizwa, ivyo navyo hakaba harimwo guhagarikwa vy’agateganyo mu mugambwe, canke kwirukanwa burundu.

Tubibutse ko urwandiko rwarungikiwe Petero Nkurunziza rumumenyesha ko abo bagumyabanga bajejwe amabanga atandukanye mu nzego z’umugambwe CNDD FDD hamwe no mu gihugu barajwe ishinga co kimwe n’abandi barundi isinzi n’ikibazo c’ugusubira kwitoza kwiwe. Izo ndongozi za CNDD FDD zamenyesheje ko zihweje icuka kiri mu gihugu muri kino gihe, basaba Petero Nkurunziza ko yofata nkankama umwitwarariko w’abagumyabanga benshi, akareka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu muri aya matora twimirije. Abo bagumyabanga bati : "Mubikoze gutyo muzoba muhisemwo neza, ku neza y’Uburundi n’abarundi, n’izina ryanyu rikazoca riba rurangiranwa mu mateka y’igihugu c’Uburundi hamwe no mu makungu."

Ku kibazo c’uko muri CNDD FDD batoba bafise amakenga ko mu gihe bofatira ibihano abo bagumyabanga bakomeye mu mugambwe no mu gihugu, uwo mugambwe ushobora gusambuka, Pascal Nyabenda umukuru wa CNDD FDD amenyesha ko ahubwo igihe cose uwo mugambwe waciye mu bibazo ariho waca ukomera. Tubamenyeshe kandi ko urwo rwandiko rwarungikiwe Petero Nkurunziza kuva rusohotse rwaciye rutangura gukwiragizwa mu gihugu cose, kugira abaserukira abandi muri CNDD FDD badashikiye ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza batereko umukono. Amakuru avugwa n’uko abaserukira abandi bamaze gutera umukono kuri urwo rwandiko barenga amajana atatu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ku kibazo c’uko muri CNDD FDD batoba bafise amakenga ko mu gihe bofatira ibihano abo bagumyabanga bakomeye mu mugambwe no mu gihugu, uwo mugambwe udashobora gusambuka,;;;; raba ukomwokosora ako gakosa; ni baza ko mwari kwandika uku

    Ku kibazo c’uko muri CNDD FDD batoba bafise amakenga ko mu gihe bofatira ibihano abo bagumyabanga bakomeye mu mugambwe no mu gihugu, uwo mugambwe ugashobora gusambuka,;;;;

  • mbega imyaka baribamaze mumugabwe ubuniho hageze kobafatirwa ibihano kubera berekanye ukuri kwabo ahubwo baribakwiye gushimirwa mbega uwo nyabenda wewe kotuzi nawenyene atemera ikiringo cagatatu ca peter nkurunziza yigeze nugusohoka ava muri plemanance hama yinjiy abona ajisho rya peter agirubwoba ntitubizi nyabenda yanka gutakaza ikibanza nawenyen ntashigikiy ikiringo ca gatatu.

  • NDABABAYE CANE; ARIKO NKOMEZA GUHAMAGARA UWITEKA KUGIRA IVYO YAVUZE KUBURUNDI NTIBIZE BISHIKE. KUKO TWOBA TWAMBAYE IBARA KANDI NA PEREZIDA NKURUNZIZA NABO BASANGIYE GUKOMANTAZA IMITIMA BAKWIYE KURONDERA ABAKOZI BIMANA; BAKIYIRIZA IMISI ITATU BATARYA BATANWA KUGIRA IMANA NTIZOHAVE IBAGIRA NKUMWAMI NEBUKADINEZA!!!!!!!!!!!!! AKANDI GACE NOBABWIRA NUKO GAHUTU REMY WE YABONAKURE; YARI YARERETSWE KO KUGIRA AMAHORO MUBURUNDI AHABE; NGO ABAHUTU BAZICANA BIMWE BITEYE UBWOBA HAGATI YABO!!!!!!! IZO KASETI ZIRAHARI; UWOZIKENERA YOZIBAZA RWASA NIMBA ATAZIFISE NTAZOBA YARI UMU PALIPEHUTU. BARUNDI NIMWIYEZE MURIRIRE IMANA KUKO IBIRIKO BIBERA MUMUGAMBWE CNDD FDD NI IBIMENYETSO VYIBIHE BIMENWA NABUZUYE MPWEMUYERA.

  • JEWE NDUMUGUMYABANGA SIRWANYA NKURUNZIZA!!!!!!! ARIKO NIYEMERE DEMOKARASI MUMUGAMBWE!!!!!!MWIKORANIRO KAMINUZA RYUMUGAMBWE AZE AHIGANWE NABANDI!!!!!!!! ABO NIFUZA KO BOHIGANIRWA ICO KIBANZA;UWAMBERE: PETERO NKURUNZIZA; UWAKABIRI: YEREMIYA NGENDAKUMANA; UWAGATATU: GEREVAZI RUFYIKIRI; UWAKANE: ONESIME NDUWIMANA.

  • MURARABA NEZA ABAGUMYABANGA BANGANUKO INYISHU SIBIHANO MURARABA MUBAHANURE BISUBIRE NAYANDI NINDURU NINTAMARA MURIKO MURAKWEGA MUGIHUGU KANDI MUTAVYITONDEYE INTAMBARA YADUTSE.

  • Nimba asha kubuzima bwiwe bubaho naveko ubu ntabuzima bwibihumbi nibihumbi buzosubira gusinzikazwa tuzomuvugutira umuti ubakwiye ari batatu peter Bunyoni Nshimirimana turazi aho tuzobarungika

  • Muvyukuri abobantu banditse urworwandiko ukonarinsanzwe ndabubaha kandinubundabubaha kuko harimwo umwe asanzwe aruwomunzu kandi akaba ntotinyakuvugako inyuma Y’Imana yandemye konawe afisuruhararunini kukuba mfise ukwombayeho gushemeye mumibereho yaburimusi,arikorero iconobabwiramwese nukokugerubu nibaza ibintubibiri, ubwanbwe ntabwo aringombwako Nkurunziza ariwe nkarumara ngoyitoze kuruhande rwa Cnddfdd kumubuza ntazokwitoze atakindikintu ushakakugerako uwo ababantubabikoze sikwo vyarigukorwa mbere rekambonereho nokuvugako batiyamirije Nkurunzizagusa jewe ukondabibona nitegereje ukuntu ururwandiko rwatanzwe biyamirije Cnddfdd ntizosubire kugirijamwo mugihugu kugerubu hariho abama biyandikira ivyiyumvirovyabo bakavugango Cnddfdd ngomuribijuju nanjenyene nkakomeza kubiyama, uburero harihumwongeye kubinyibutsa ngo Nwari ngoturemera nubuko muribijuju? Ariko sinzigera ndabimwemerara kuko akakagorane kaciyemwo murimwebwe muturimbere nizeyeko mumisitarambiranye mugakenyura kuko ivyokubuza prezida kwitoza tubikozegutyo ntahobotaniye nohucintege Abagumyabanga, Abakenyererarugamba, n’Imbonerakure. Harikindi nibajije cerekeyeko mushoborakuba twababona nkabarimumugambwe kumbe ntimuhana iryera kuko mumazekubona Ko prezida atozokwitoza mwariguhamagarana mugakora inama idasanzwe noneho mukabimubwira ekambere nimpamvu igihe rerontikirarengerana nimwabavyukuri mutarimufise umugambi wogusambura CNDDFDD gerageza mumagurumashasha mugire icomukoze hagatiyanyu mwebwe babikovongo. Nambagusaba imbabazi bikibaho navyo birashobora kubinyishu ibindikondabivuga kubwineza ya CNDDFDD namwebwe murikurwego rwohejuru mumu gambwe mutagizerero iconukora ndabemereye abantubambere bazohagirira igihombo nimwebwe abohejuru jewenanje bikazongerako kuko umwewomurimwebwe afatiye runini mumibereho nkukonabibabwiye ngirango sinzoba nkironka nuburyo bwogutuma nshobora nogusubira kwandika ivyonandika ndabasavye mwakire ukugurakambakwanje.

  • Arahaze uwo muyege nawe ndazi buca adukwirikira .....

  • Arahaze uwo muyege nawe ndazi buca adukwirikira .....

  • ewe nkurunziza uwobona urikuratamba mumasengero nivyo urikurakora uzotubwire imana usenga pe

  • peter numugabo nawe azokwivugira bareke kumuvugira

  • ww nuwera weho wishakira ivym ushir munda gusa ntakindi jw nadira uwuvugira uwukunda kumbe uvuga uko ntibukoroke urabesha uzobaho nkuk aband babayeho

  • Nonese nkurunziza aribaza iki? Nkumuntu avuga ko azimana , nareke kwitesha agaciro ameny ko igihugu ataricumurundi umwe .aricabarundi bose

  • Nuwera bakurabire ingunguru udahwemwo ,iyo ubonye ataciyumviro cubaka ufise bureka kwimaramaza.

    Sihondi Levis noneho uje wavuga ukuri kuva nabona ivyo wandika.

    Wewe wiyita Mugumyabanga none wakosoye iki canke uri nkomamasi mpabwe.

  • @nuwera et levis haaaaaaaaaaaa mbega muzi ninkuru jewe maze imisi ibintu vyambanye vyishi soma aha nkahasaga inkuru ziza gusa nkabura nico nadika kubera inkuru zose ziza ziba ziryoshe (gushika naho bivaga) mugabo mwebwe bona mwataye imitwe???? nagiye gusoma ivyo levis yanditse kukikindi kintu >canibaza ko nasomye nabi!!!! ubunaho ndasubiye kuraba mbega ndababaze mwoba ari mwebwe vyukuri twahora dusangiye kwandika ngaha vyukuri ?? munyishure kwari mwebwe Nuwera au Levis bakweri haaaaaaaahiiiiiiiihooooooo ayaaaaaa ddddd raaaaaaaaraaaa ddddd haaaaaa dd dd dddd dddddddd bay bayi dd bayibayi dd dd

  • Mbe Pascal Nyabenda igihano ubona woha abo ba General n’ikihe canke nibo biteguye kuguha igihano.abo bagumyabanga bangana uko mubafatiye ibihano mwosigarana bangahe? mbe kubona abo bateye igikumu kuri iryo kete,twebwe abanyagihugu kwari twebwe turi benshi urazi ico tugona?sinovuga ngo wavuze ariko watabutse.None Pascal Nyabenda ubona ari wewe ubaye umukuru w’igihugu wokimarira iki?vuga make kuko ahuri hari hari abandi.reka kwihenda kuko ntabubasha umugambwe muri kino gihe ufise woguhagarika isinzi ry’abagumyabanga batifuza Nkurunziza Petero keretse uvuga ko ari wewe usigaye uri umugumyabanga wenyene n’umugore wawe kuko n’abana bawe ntibakiri inyuma yawe.

  • mubwire uwomugabo yiyita umusenzi noneho Imana yahora abwira abantu narindire imwereke yahora yigira ngo numusenzi turindindire turabe ingene avyifatamwo

  • emw natuz aruhuke mumutima akure ishashi kumaso bene burundi bararemvye mubitar bike:nko kubura igitoro,ama unite,armonisation des salaires,chômage......bazogeza ryar kuvyihanganira?na bababarire aho wumva barira sibo.

  • nyakubahwa prezida ndagukunda kandi ndashima ibikorwa wakoze mugabo utekereze urabe intumbero yoguteza uburund imbere yashitsweko hama ushire umutima ku bwenge ku nkuru za wamu nyarwanda.....ntukwegere abarundi n,uburundi mukaga bigatuma intambwe ya democratie itabandanya.ese woba umuvyeyi ukumva impanuro abarundi n,amakungu bagutera.wibuke uri mugikorane utamba usenga imana wumve ivyo igutekerereza.irinde inyungu zabo murikumwe ariko iza benshi

  • Bagomb bisamburirek nkimpene yoooooo muteyikigongwe .dukeney cndd fdd nyakuri

  • None ko abo ba dd bataribdira ko ibwirizwa snihngiro rivyiga.leonidas ko twumva yari yamaze kubatizwa muri rocher sico arondra? ko twumva genevieve ari umuhabara wa onesime ntiyari kureka kumushigikira , peter yokuitoza bidakunze naho boturonderera umu catholika nawe wumu dd. ou bien ni nkurunziza ou bien nuwundi ariko wumu katolika

  • Urabanza witonde mugufatira ingingo abantu kuko list iracaza ntituraheza gusinya , none uzohava ushiraho inzego zindi muminsi Peter isigaje gutwara ? Icombona Pascal dukurikire ataraho urata umutwe ube umusazi ndakurahiye.

  • Bt?Igihugu Caryoshe Ububose Bashaka Gutwara?Nibare Birarura Bose Ntibokwigwa Gutwara Uburundi?Kandi Bose Bazoza Arico Kimwe !Gusa Nsaba Leta Izeyisunge Ibwirizwa Shingiro Rigenga Amatora.Murakoz Imana Ibarinde Ivyaha Nivyago.

  • Bt?Igihugu Caryoshe Ububose Bashaka Gutwara?Nibare Birarura Bose Ntibokwigwa Gutwara Uburundi?Kandi Bose Bazoza Arico Kimwe !Gusa Nsaba Leta Izeyisunge Ibwirizwa Shingiro Rigenga Amatora.Murakoz Imana Ibarinde Ivyaha Nivyago.

  • Ntabwo narinzi ko muba dd harimwo abantu bafise umutima runtu

  • Ahaaa Niyaba Ashaka Ko Izina Ryiwe Riba Rurangiranwa Mumakungu Manda Yagatatu Nayibagire Ayikuremwo Mumutwe Petero Nkurunziza
    Imwa Cumi
    Ayibonamwo Nkumusi Umwe Arijewe Mbonye umuhanuziwanje Umwe Ampanuye Sinomwirukana Mumabanga Kandi Aribo Bajejwe Kumpanura Harakantu Hoho Ari Cumi
    Igihugu Kiraryoshe Nkundakurya Y’ariye Agafyera Kamumena Itama Icombonaco Ntibari Bakwiye Kwirukanwa
    Ahubwo N"abagabo Icombonaco Imana Irinde Uburundi N"abarundi Nahubundibwo Nivyokwitonderwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.