IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Willy Nyamitwe:"Reta izomara igihe gito kugira isabe ko ibwirizwa nshingiro (...)

Willy Nyamitwe:"Reta izomara igihe gito kugira isabe ko ibwirizwa nshingiro rihinduka"

jeudi 20 Myandagaro 2015

Umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe kumenyesha amakuru Willy Nyamitwe,yavuze ko Reta izojaho izomara igihe gito,ikazoba ariyo gusaba ko ibwirizwa nshingiro rihinduka.

Mu kiganiro yatanze mu gihugu i Bruxelles mu gihugu c’Ububirigi,Willy Nyamitwe yavuze ko ivyo bazobigira kugira n’imigambwe idakwije ibisabwa n’amategeko ashobore kuja muri Reta.

Willy Nyamitwe yavuze ko ingingo irabwa ari iya 129 y’ibwirizwa nshingiro,kuko idahindutse umugambwe CNDD FDD niwo wonyene woba ufise uburenganzira bwo kuja muri Reta.

Mwomenya ko ishingwa rya Rea ihuriwemwo na bose,biri mu vyasabwe n’abakuru b’igihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko mu nama yabereye i Dar Es-Salaam.


Van Naris Mugisha

Messages

  • hinduribintu twibere mumahoro agira injavyi

  • hinduribintu twibere mumahoro agira injavyi

  • twibaze kwatazorenza 26

  • Nyami, Ko Sobuja Yavuze Ko Igihugu Ubu Citwa NAHIMANA, Wewe Uriko Wasama Uvuga Iki? Uvuguruza Sobuja? Ubutoni Bwa Cane. Bunesha Mungoro,

  • Irambire mutama, wakora wivuye inyuma, hama abansi bigihugu mubiyamiririze kure mwe na nyakubahwa. Shishikara mutegura imigambi,ariko umwibutsa president gukuraho obeyeri(obr) kuko iteye inzara abarundi benshi.please! Ndabibasavye kugira umugambwe wacu utere imbere.

  • Peter na nyamitwe,terinda abakeba bavyarimbonerakure

  • mbe ivyo muhindura nibiki?kamwa bagabomwe?reka ntimukureko nakimwe?mwebwe nimw muzohera nkifu y’imijira rindira murabe mumwanya muto

  • ARIKO.ARARAGA.NAGENDE.INGOZI.ASEZERE.NYINA.ARAKICWA.NA.ROKETE.IYOMBWA.NAYO.NYAMITWE NIKAZIBE.

  • @ Kariyo,Jewe nibazako ibintu vyoze vyiza arukubiragiza Imana. Nahimana nyene nonewagire biragizwe Satani!?

  • Wewe Urazwi Kuri Nyamanyanga Izina Niryo Muntu Akanwa Kawe Karazira Ukuri!! Ivyuvuze Sivyo Kko Warabeshe Nitariki Zo Kurahira!! Ariko Mugararize Amakungu Sinzi Iyomuzokura Imfashanyo!!!

  • mbe ndabaza ukoriki en belgique sinunva ingene baguma bakwakira kandi bavuga ko batakwrmera.guhindura naho ntibikenewe kuko mushoboye vyose ntavyo opposition yasavye ko bajamwo ibere ba nahimana

  • AHO GA NYAGITWE WIBAZA KO WARUTA LEONIDAS,MANASSE,ONESIME,PIE.RUFYIKIRI,RUKARA,JEREMIE,REKA REKA WEHO UZOBA NKA ADOLFE.

  • Niyaba izomara umwanya muto-aha biragoye kwemezaikibazo co guhindura ibwirizwa shingiro kizonyaruka n’ubwo CNDDFDD ishobora kubikora ifatiye kubashingamateka ifise- hokwirindwa kurenga ibwirizwa shingiro mukuyishiraho kuko umenga vyozana impari nyinshi gusumba.
    Ikindi cishe politique yacu ni uku kuntu tuba tuzi imigambwe ifise inguvu za politique gusumvya iyindi ariko ugasanga dushaka kuyiha ikibanza gito iyo hageze amagaburanyama je niko ndavyita. Nihaba fnl idatunganijwe neza uprona uko nyene msd igahabwa ijambo eka za frodebu zose zibiri na cndd et upd et mrc uko nyene UGASANGA HAGIYE GUHABWA IJAMBO imigambwe canke amashami atari kurubuga TUZOKWIGUMIRA TURI UBURUNDI muga ntatuze ya politique izohaba. Inzego zizobisikanya eka hatorwe nizindi muri 2020 muga umwenegihugu yaba umuhutu canke umututsi canke umutwa azoguma atabona iterambere nyakuri kubera izo ndyane.
    Ubutare bwobwo ntitubwitegeko vyinshi cane kuko mbona ababurwanira batazohava boroshako bucukurwa.

  • ivyo nivyo sinon cndd fdd niyo yoca itwara ariko kuko aba dd bakunda gusabikanya nabandi turashimye ico cifuo cumuhanuzi kuko kirumikana kani kirarashe kabisa.
    ivyitariki yo kurahirirako ico si ikibazo iciza gusa nuko igihugu kironka uwukiramutswa.hapo sawa sasa.

  • mbegako mushaka guhindura ibwirizwashingiro nimwebwe mwarishijeho?mbega murazi imvi domitien yarimereyeko?muzorihindure mu gihugu canyu mwene twebwe abarundi turabihakanye.

  • Igihugu gikene abantu baciye ubwenge bo kugikiza ingorane gifise. Ibwirizwa nshingiro barihindura kugira haboneke ibibanza abantu b’imburkimazi baja kuriramwo gusa, (amagaburanyama)? Mbega bazorisubiramwo kuburyo ikiringo ca nya gouvernement de transiton giheze hazoboneka n’ikibanza kizojamwo umukuru w’igihugu wundi atari Nkurunziza? Ariko Nyamitwe umuntu yakwihenzeko akakugira umuhanazi wiwe yarabonye amakuba menshi!

  • EGO NYAKUBAHWA AHUBWO NUBU MWATEVY NIMUNYARUTSE

  • @kuraho
    Aho niho abatutsi mwihendera,nga akoriki mu bubiligi bandes de vauriens mwibaza ko ububiligi ari ubwanyu,certes barabakingiye ikibaba muratwica,burya bariko barabahinyura mwa bagesera mwe,abasazi gusa nibo batutsi basigaye mu bubiligi,nyamitwe muzoguma mumubona ,erega hari abashaka kumubona kandi bamukunda,ivyo bibazo ni ivyiki,ngo akora iki mu bubiligi,mweho muhakora iki?

  • Ariko nyamitwe uwamwise iryo zina yariyabonye ko rimukwiye burya abavyeyi baha umwana izina babonyeko rijanye nuko azomera mubuzima bwiwe ngo l,etat izomara umwanya muto bazoce basaba ko ibwirizwashingiro rihinduka kugira nimigambwe itashikanye 5pourcent ije muri l,etat ariko afise ubwenge arabonako ubugambwe bwose burimugihugu bwose bazobukwiza ibiti bivuye he ahoho twese dushinga utugambwe baduhe ibiti nakare mbona naba humaniste batanguye kubagira aba vice president hama sindimwo ko bamaze kumuha atakwije ibisabwa bararihinduye?Genda nyamitwe bwaridunze pe.

  • ico mbona novuga ku burundi, nuko ari igihugu gikenye,kandi tugiye kuraba dusanga biva kukwiyita incabwenge! barayamaze bati:<<nyenen’agatwe gato akarinda uruguma>>,tuzorindwa n’Imana!!?

  • ico mbona novuga ku burundi, nuko ari igihugu gikenye,kandi tugiye kuraba dusanga biva kukwiyita incabwenge! barayamaze bati:<<nyenen’agatwe gato akarinda uruguma>>,tuzorindwa n’Imana!!?

  • arik nokugira mutama agume kubutegetsi ntimuze mucibagire abariryo muzoherako abandinaboti!

  • ko benshi barongoye iyo migambwe bari hanze ni bataha bazo cungeregwa na bande umutekano wabo? Baraye babonye ivya shikiye Umuhisi nya kwigendera Gen Adorphe Nshimirimana. Murakoze.

  • Abazajya muri leta ni abo kwa Rwasa, concilia, Bigirimana. Gusa abagizi babi nka Pacifique.Vital, Nyangoma, Niybare bo ubutungane burabategereje. Imana niyo iyobora uburundi niyo izabacira imanza bagahinduka icu rikajugunywa munyanja

  • iyo reta ga idashoboy kuzanana umutekano ngo tugaburir abana bacu iyo reta itiyunvira uko abanyagihugu babayeho inzara iri mukutwica iyo reta irya yonyene aritw twayitoy nibarab bikebuk.

  • vyose nimureke tubihereze Rugiravyose. nimureke gusubirira Uhoraho kuko niwe azi ivyoyandikiye uburundi! Arivyiza aribibi Imana niyo ibizi kandi bibwirizwa kuzoshika igihugu cacu. Dusabe Imana igeno yashi k’uburundi niryaba aru ribi irihindure ribe ryiza! Amina.

  • Nibaza gusenga kwisonzesha nugusaba uhoraho yasu aza gukingira uburundi nabarundi beshi bageramiwe harabivugira ngo imana mushoboravyose ngo niyo cabona:Imana yobicabona gute kandi ariyo mucamanza mukuru?mbega yesu katigera amucisha mukanwa yoba atacashoboye kuriwe?vyise twokwikebuka tukareka gukinisha Imana nukuri.murakoze

  • non bimaze iki?korayamaz guhonyangwa nibakauk bigume uko.kirats nimba arivyo biyotsa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.