Accueil > Kwidagadura > Yafashe ingingo yo kwibagisha amabere bayakureko
 Yafashe ingingo yo kwibagisha amabere bayakureko
 Yafashe ingingo yo kwibagisha amabere bayakureko
				
				mardi 14 Rusama 2013
Mu nkuru yahaye ikinyamakuru "The New York Times", Angelina Jolie yavuze ko yafashe ingingo yo kwibagisha amabere bayakureko kuko afise uturemangingo (genes) dushobora gumutuma arwara cancer.
Impungenge zo gufatwa na cancer kuri Angelina Jolie zarenga 87%, iyo ngwara kandi ndetse ikaba yahitanye nyina wiwe afise imyaka 56.
Angelina Jolie yavuze ko ubu ashobora kubwira abana biwe ko badakwiye kugira impungenge zo kuba impfuvyi kubera iyo cancer itakimuhitanye.
Yashimiye umunega wiwe, umukinyi wa film Brad Pitt, avuga ko yamubaye hafi igihe cose yamaze muri ico kibazo co kwibagisha amabere
Egide Nduwimana
