IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Yatawe muri yompi inyuma yo kumenyesha ko yabonekewe na Bikira (...)

Gitega : Yatawe muri yompi inyuma yo kumenyesha ko yabonekewe na Bikira Mariya

samedi 9 Munyonyo 2013

Umunyagihugu azwi kw’izina rya Harushimana Basile niwe yafashwe n’igiporisi mu ntara ya Gitega kuva ku munsi w’Imana w’indwi iheze. Yagirizwa ko yavuze ko yabonekewe na Bikira Mariya.

Harushimana Basile aturuka ku mu musozi Kankinya uri muri komine Taba, intara ya Gitega yashize ahabona ivyo avuga ko Bikira Mariya yamuhishuriye kuva mu mwaka w’1994. Yamenyesheje ko Bikira Mariya yamurungikanye ubutumwa ku barongoye ekereziya gaturika mu Burundi, ubutumwa bubamenyesha ko nibatabomagura ibishusho vyose vya Bikira Mariya na Yezu biri mu masengero atandukanye ari mu gihugu c’Uburundi, ko Imana izorungika umuriro usambure ayo masengero yose.

Mu giporisi mu ntara ya Gitega baciye bamuta muri yompi, ubu akaba agira arumanye indwi yose ari mu munyororo. Uwo munyagihugu Harushimana Basile amenyesha ko ivyo ariko arakorerwa ari akarenganyo kuko muvyo yashikirije ata caha yakoze, kandi ata ngingo n’imwe yarenze. Asaba ko yerekurwa, agasubirana umwidegemvyo.

Mu giporisi mu ntara ya Ngozi bari bemeye ko bazomurekura, ariko amakuru dufise gushika ubu n’uko Harushimana Basile agipfungiwe mw’ibohero ryo mu ntara ya Gitega.


Egide Nduwimana

Messages

  • ABABARUNDI BAKENEYE KUMVA UBUTUMWA BWIZA NAHO UBUNDI BARAGOWE

  • Ivyobishusho bimanitse mumasengero, nambabitanezereza Imana sivyogusa vyotuma Imana izamuburundi kubisambagura, nubwoyohitamwo kubisambagura yosambura ahobiri kw’Isi hose, kandi Mana nihagerigihe coguhana abakoze ibitaroranye ntizohana bamwe ngoyongere ireke abandi.

    Uwomunturero birumvikana kwasanzwe atanezerezwa nivyobishusho wenyenubwiwe.
    Iconosaba abarongozi bishengero Catholic kuberabo basanzwe bazi ukw’Imana izoradur’Isi, bomusabirimbabazi bavugati: birazwiko ibitanezer’Imana vyose kubusi w’Imana woguca imaza bizoshirwahabona, ibitanezerimana rero twebwe nkabemera turibaza ko bitati muri eclziya Gatholic gusa yomu Burundi ekambere nivyobishusho iyaba yareretswevyukuri ntiyarikwerekwa ko ivyobishushobiri mu Burundigusa,ivyorero nivyoyiyumvira nimumubabarire kukontazi ukw’Imana izokana. Abantubarakeneye kumenya Yesu vyukuri

  • hahahaaaa biratwengeje! nukaza barinumira ntibavuge

  • NTA FREEDOM IRI MU BURUNDI SINUMVA UKUGENE UMUNTU MUTOYA NKUYU YOBONEKERWA AGASHIKIRIZA IVYO IMANA YAMWERETSE AGAFUNGWA,NIBA YABESHE IMANA NIYO IZAMUHANA,NONE IZIDORE YIFATIYE MUGAHANGA L`ETAT KO BATARAMUFATA KUKO ATARI MUTOYA NIBAREKE KW`isuka mu vy`imana kandi kuva kera abavugishwa n`imana bamye babata mw`ibohero

  • ahubwo bamuhora ubusa kuku umuntu arekuriwe kuvugs ivyashaka ntawe yivye ntawe yatutse none barondera ibibazo ahobitari hahhahhahahha........

  • ahubwo bamuhora ubusa kuku umuntu arekuriwe kuvugs ivyashaka ntawe yivye ntawe yatutse none barondera ibibazo ahobitari hahhahhahahha........

  • ahubwo bamuhora ubusa kuku umuntu arekuriwe kuvugs ivyashaka ntawe yivye ntawe yatutse none barondera ibibazo ahobitari hahhahhahahha........

  • ahubwo bamuhora ubusa kuku umuntu arekuriwe kuvugs ivyashaka ntawe yivye ntawe yatutse none barondera ibibazo ahobitari hahhahhahahha........

  • Abantu bakwiye gutahura!
    Hari idayimoni ryigira bikira mariya rikaja ririyereka abantu.
    Mariya ntacajejwe kubantu,ntashengero afise kw’isi bamureke iyari yiruhukire nawe arindiriye umusi wanyuma.
    Nibamusabirikigongwe,yige atahure,hama tuze twijanire mw’ijuru.

  • gitega yatawe muriyompi gute

  • Abo bantu babonekerwa ben uko:birakwiye ko borya imyungu ibamba bakarireka!none ngo yeretswe ko vyononye iki?

  • MURARABA BENE DATA KUWO MUNTU YOBAKWIJE KUKO NTIBITAHURITSE KOYOBA AFISE UBWENGE BUKORA AKIYUMVIRA ICIYUMVIRO NKICO!! JEWE KUBWANJE NDIBAZA KADAKWIJE KWEL!!! MURAMURABA KWEL SIWE AHUBWOMUMUSABIRE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.