IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Abaririmvyi bazoba bari mu giteramo ca Buja FM bamenyekanye

Abaririmvyi bazoba bari mu giteramo ca Buja FM bamenyekanye

mardi 11 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ico giteramo cataziriwe "Dunda na Buja FM 2017" kizoba kirimwo abaririmvyi n’abahinyanyuzi bagera kuri mirongo ine na batandatu, kikazomara amasaha icumi. Mu kiganiro caremeshejwe n’abarongozi ba Buja FM hamwe n’abariko bategura ico giteramo, bavuze ko atari igiteramo c’umuririmvyi umwe canke babiri, ko abaririmvyi bose bazohabwa umwanya ungana wategekanijwe.

Kuri urwo rutonde, biboneka ko abaririmvyi canke imirwi y’abaririmvyi bavyipfuje bashizweko, kubera ko mu kiganiro abariko bategura ico giteramo bari bahaye abamenyeshamakuru, bari bavuze ko abaririmvyi n’abahinyanyuzi batazorenga mirongo itatu.

Tubibutse ko igiteramo "Dunda na Buja FM" kizoba kw’igenekerezo rya 05 Myandagaro 2017, kikaba categuwe mu ntumbero yo guhimbaza imyaka itatu iyo nsamirizi imaze ikorera mu Burundi. Categuwe kandi kugira kazoba n’akaryo keza ko guhuza abaririmvyi n’abakunzi babo, nk’uko bivugwa n’ubuyobozi bwa Buja FM.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.