IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Bimwe mu bitagenze neza mu giteramo ca Ikoh i Makamba

Bimwe mu bitagenze neza mu giteramo ca Ikoh i Makamba

mardi 26 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’umwaka wose, Ikoh iriko itegura urukurikirane (Album) rw’umugambi "U’ll Love Changes Vol2", umugambi yakoranye n’abaririmvyi Double Jay, Franck Duniano na Emery Sun yahavuye avamwo, igiteramo ca kabiri muri bitatu caraye kirangiye.

Aho i Makamba bariko bahimbaza umunsi mukuru wa Noweri, bikanavugwa ko amwe mu masengero yoba yaratumiriye abayoboke ko bahejeje imisa bosimbira kuri kwiryohera mu giteramo ca Ikoh.

Imisa yagiye gusohoka Dj Moses yatanguye gushusha hamwe na MC Dave na Ami Pro. Ku muryango winjira mu kibuga hari uruja n’uruza rugwiriyemwo abana. Abo baniganira iruhande y’abatoza amahera yo kwinjira.

Naho banigana, hinjira bake cane. Icibonekeje n’uko abatari bake mu bashaka kwinjira babanza guharira ku giciro (2000frbu), basaba ko bogabanirizwa kugira babashe kwinjira. Ivyo kugabanya ibiciro vyaranakozwe, cane cane ku bana n’abakuze bamwe bamwe.

Hagati aho, imvura ntiyahengeshanya guta amama, ikanaburabuza bake bashaka kwinjira.

Ikindi cibonekeje muri ico giteramo, n’uko abanyamakamba berekana ko batuntujwe n’abagirirayo ibiteramo, maze bakababesha ngo haje umuririmvyi uyu kandi atariho ari. Ivyo vyatumye abaririmvyi basohoka bakagenda mu miduga biyereka abari bafise amadidane.

Igiteramo kimaze gutangura, abari bashoboye kwinjira bararyohewe n’urutonde rw’abaririmvyi. Ibirori ntivyabandanije nk’uko vyari vyateguwe, kuko Buramatari w’intara ya Makamba, Gad NIYUKURI, yahavuye aza guhagarika igiteramo, ku mvo z’umutekano kubera mu kibuga hatabona. Yasize yemeye ko igiteramo cobandaniriza mu bunywero bwa Aston Villa (nk’uko vyari bitegekanijwe).

Muri Aston villa, igiteramo kiryoshe cane n’ico carangije umunsi wa Noweri i Makamba, aho abaririmvyi bose bari ku rutonde rwa Ikoh bidagaduye mu kuririmba. Eka na Franck Duniano yari yahawe umwanya muto kuri stade yahavuye aryimara. Aho yashoboye kunezereza incuti n’abagenzi biwe.

Abari muri ico giteramo ni Nyamate (akinisha inkofero), Pisco Melody, Chris Biz, Fabilove, Black G, Ashley na Lolilo.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.