IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amashirahamwe 18 ntazokwitaba ibiganiro vyatumweko i Arusha

Amashirahamwe 18 ntazokwitaba ibiganiro vyatumweko i Arusha

samedi 25 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri iryo kete ryarungikiwe umuhuza Yoweri MUSEVENI, abakuru b’amashirahamwe atazoja i Arusha yamwibukije ibihe biheze, aho hari abarongoye amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bahatswe guhagarikwa mu gihugu ca Tanzaniya, abo nabo akaba ari Pacifique NININAHAZWE arongoye ishirahamwe FOCODE, hamwe na Armel NIYONGERE arongoye ishirahamwe ACAT.

Abaserukira ayo mashirahamwe bamenyesha ko hamwe ico gihugu ca Tanzaniya kitofata ingingo zikwiye z’ukwubahiriza umutekano wabo, ko ivyo biganiro vyotwarwa mu kindi gihugu cizewe.

Abarongoye ayo mashirahamwe avuga ko atazokwitaba ivyo biganiro i Arusha bamenyesha ko n’iyindi mvo ibatumye batazokwitaba umuhuza, ari ikumirwa bavuga ko ryibonekeje mu gutumira, kandi abegwa bose n’ibibazo vya poritike y’Uburundi bategerezwa guhurira muri ivyo biganiro.

JPEG - 87.9 ko
Bamwe mu bakuru b’amashirahamwe atazokwitaba ibiganiro bizotangura kuri uwu wa mbere i Arusha

Abo bandikiye umuhuza bavuga kandi ko ataco bimaze kuja mu biganiro vy’ukwubahiriza amasezerano y’i Arusha, mu gihe umugambi w’uguhindura ibwirizwa shingiro riyakomokako ubandanya.

Amwe muri ayo mashirahamwe yashikirije ko atazoja mu biganiro i Arusha ni ayahagaritse gukorera mu Burundi, aho twobabwira nka APRODH (Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des Personnes Détenues) ya Petero Karaveri MBONIMPA, FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) irongowe na Pacifique NININAHAZWE, FORSC (Forum pour la Renforcement de la Société Civile) ya Vital NSHIMIRIMANA, Ligue ITEKA, UBJ, n’ayandi. Tubibutse ko na CNARED itazokwitaba ivoy biganiro


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.