IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Bujumbura:Abari mw’ihayanishwa ry’ibikoresho bidahungabanya ibidukikije (...)

Bujumbura:Abari mw’ihayanishwa ry’ibikoresho bidahungabanya ibidukikije bizeye ko rizofasha guhindura inyifato

mardi 13 Ruheshi 2017

Umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe Jeunes Volontaires pour l’Environnement (JVE) Alain RUKUNDO yitavye iryo hayanishwa akaba kandi akora imbabura zitonona ibidukikije, yavuze ko umunyagihugu wese yomenya ko gukingira ibidukikije ari igikorwa kituraba twese,kandi ko guhonya ibiti bisa no guhonya uruvyaro.

Alain RUKUNDO ati:« Umwe wese ategerezwa kumenya akamaro k’ibidukikije,kuko abana bazovuka mu myaka iri imbere bashobora kudusanga mu bugararwa.»

Umunyamabanga nshingwabikorwa wa JVE asaba Reta gufasha cane mu gikorwa co guhimiriza abanyagihugu kugira bamenye ko gukingira ibidukikije ari igikorwa c’umuntu wese,hatavuyemwo n’umwe.

Thereza IRANZI nawe yitavye ihayanishwa akorera mu gisata c’ivyambarwa bikozwe mu buhinga butonona ibidukikije yavuze ko iryo hayanishwa rizofasha abarundi batari babizi kumenya ko abarundi nabo bashoboye guhingura ibintu vyiza bikingira ibidukikije.

Thereza IRANZI amenyesha ko afise icizere ko abarundi bazotahura akamaro ko gukoresha ibikoresho vyahinguwe n’abarundi bonyene, kandi batononye aho baba.

Agahanura abarundi bose ko boreka kwonona ibidukikije kuko bifasha igihugun’abarundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.