IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibidukikije > ’’Imvubu 15 nizo zimaze kwicwa mu myaka ibiri iheze’’-OBPE

’’Imvubu 15 nizo zimaze kwicwa mu myaka ibiri iheze’’-OBPE

mardi 27 mars 2018

Samuel NDAYIRANGIJE arongoye ikigo OBPE avuga ko, ibikorwa vyo kurima no kwubaka mu bibanza izo mvubu zahora zirishamwo, na cane cane vyegereye ikiyaga Tanganyika, ari kimwe mu bituma zigenda gushika kure zirondera ubwatsi bigatuma zigwa mu mitego.

Umuyobozi w’ikigo OBPE, avuga ko, kubera babonye ko izo mvubu zitegwa biciye mu kwimba ibinogo, bafashe ingingo yo gutangura kuraba ibinogo vyose biri hafi y’ikiyaga Tanganyika kugira bice bizibirwa.

Kimwe muri ivyo binogo biri hafi y’ikiyaga Tanganyika,kiri mu Kabezi, mu ntara ya Bujumbura, cari kimaze iminsi itatu caguyemwo imvubu, gushika inyuma y’umutaga wo kur’uno wa mbere, igenekerezo rya 26 Ntwarante 2018.

Samuel NDAYIRAGIJE arongoye ikigo OPBE amenyesha ko, bituye abafise amamashini akoreshwa mu kwubakwa, kugira afashe mu gutegura ico kinogo, kugira imvubu ikivemwo, ataco ibaye.

Naho biri ukwo, Samuel NDAYIRAGIJE, arongoye ikigo c’igihugu kijejwe gukingira ibidukikije OBPE, yemeza ko ata muntu n’umwe arafatwa muri abo bica izo mvubu.

JPEG - 129.2 ko
Imvubu mu kiyaga Tanganyika

Gushika ubu, ikigo OBPE kimenyesha ko, mu Burundi hari imvubu ziri hagati ya 500 na 600.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.