IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Ibikorwa vy’ukwubaka mu Carama, Gatunguru na Gahahe vyahagaritswe

Ibikorwa vy’ukwubaka mu Carama, Gatunguru na Gahahe vyahagaritswe

vendredi 20 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ubwo bushikiranganji ryateweko na Celestin NDAYIZEYE yahora arongoye ubwo bushikiranganji, bamenyesha ko ingingo yafashwe mu ntumbero y’ugukinga ko ivyabaye mu ndwi iheze bitosubira, aho imvura nyinshi yaguye, ihitana abantu n’ibintu.

Ingingo yafashwe ikaba ivuga ko kiretse ibikorwa vy’ukwubaka ingoro izorangurirwamwo imirimo y’umukuru w’igihugu, hamwe n’ibikorwa vy’ugutunganya uruzi Gasenyi, ibindi vyose bibaye birahagarikwa vy’imfatakibanza mu bice vya Gahahe, Gatunguru na Carama mu kurindira ko ivyigwa vy’ingene hokwubakwa imigende y’amazi y’imvura, mu turere tubangamiwe n’imvura bisozerwa.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko ibikorwa bimwe bimwe bituma ivyigwa bitogenda neza biba birahagaze mu kurindira ko itunganwa gushasha ry’aho hantu rihera.

Muri iryo tangazo bibutsa ko bibujijwe kwubaka mu bibanza bikingira inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura, hamwe no ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.