IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CENI ivuga ko abiyandikishije kwitaba amatora barenze ku bari (...)

CENI ivuga ko abiyandikishije kwitaba amatora barenze ku bari bategekanijwe

mardi 20 février 2018

Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora ,Pierre Claver NDAYICARIYE mu kiganiro ku bamenyeshamakuru yamenyesheje ko abiyandikishije mu gihugu hagati bose bangana 4.987.871, mu gihe abari bategekanijwe kwandikwa bangana 4.452.679 .

Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko igitigiri c’abagabo biyandikishije kingana n’abagabo 2.717.775 bangana n’ibice 47,6 kw’ijana hamwe n’abagore 2.616.096 bangana n’ibice 52,4 kw’ijana.

Mu murwi CENI bavuga ko abiyandikishirije mu bihugu aho Uburundi bufise ubuserukizi bangana 7.284, naho mu gihugu ca Centre Afrique hiyandikishije abashika 782 mu gihe mu gihugu ca Somariya hiyandikishije abangana 4.805.

JPEG - 42.9 ko
Pierre Claver NDAYICARIYE,umukuru w’umurwi utegura amatora CENI

Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko icatumye abantu bitabira ku bwinshi iyandikwa, ari ihimiriza ryakozwe n’abajejwe intwaro,abakuru b’imigambwe,amashengero hamwe n’amashirahamwe ategamiye inyungu za poritike.

Uwo arongoye umurwi CENI yasavye abiyandakishije bose kubika agapuporo bahawe kuko ariko kazobafasha kuja kwiraba ku ntonde ko banditswe hamwe n’igihe co gutora ikarata y’amatora.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • NIVYIZA KUBA HARABAYE IHIMIRIZA KANDI DUSABE ABABIJEJWE BAZOFATIRE INGINGO ABATAJA GUTORA KUK TWASANZE HARUWUTAJA GUTORA ARIKO AKIRIGWA ARAYORA UMUSHAHARA WA LETA AKANARONDERA KUDUZWA IGITI NIVYIZA KO NK,UMUKOZI WALETA BASANZE ATITABA AMATORA NUKUMUFUTA MUKAZI KUK NTABAKUNDA IGIHUGU HARI BESHI BAGIKUNDA KANDI BATAGRA AKAZI BAMA BARIKO BARITANGA MURI VYOSE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.