IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Igiciro c’ikawa ihishiye cashizwe ku majana atanu mw’isizeni 2018-2019

Igiciro c’ikawa ihishiye cashizwe ku majana atanu mw’isizeni 2018-2019

vendredi 30 mars 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 28 Ntwarante 2018, umushikiranganji w’uburumyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA, yamenyesheje ko bimaze kuboneka ko habaye akarusho n’imyidogo iragabanuka ku barimyi b’ikawa, naho hakiri bamwe mu bagura ikawa bariha abarimyi batevye.

Deo Guide RUREMA amenyesha ko umwimbu w’ikawa wagiye uriyongera ku mwaka ku mwaka, kuko mu mwaka wa 2016 ushira uwa 2017, umwimbu wabonetse wangana itoni 14674 y’ikawa ishoka hanze, mu gihe mu mwaka wa 2017 ushira uwa 2018, habonetse umwimbu ungana n’itoni 15864 w’ikawa ishoka hanze.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yasiguye icatumye umwimbu w’akanovera wongerekana, avuga ati : « Iryo yongerekana ry’umwimbu w’akanovera tubikesha gukorana neza vyibonekeje mugukurikirana abarimyi twishikiye ku kivi, hamwe n’ibindi bikorwa bitandukanye vyagiye birakorwa n’abahurikiye bose, mu gisata c’ikawa. »

Mu gihe mu bice bimwe bimwe vy’igihugu isizeni y’umwaka wa 2018 ushira uwa 2019 watanguye, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yavuze zimwe mu ngingo zafashwe kugira iyo sizeni igende neza.

JPEG - 134.3 ko
Deo Guide RUREMA, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi

« Nta bibanza vy’iyegeranirizo ry’ikawa ihishiye birekuwe mu turere dusanzwe turimwo amatonorero, itonorero ryose ritegerezwa kuba rifise umunzane ukwije ivya ngombwa, guhemba amakashi birabujijwe, ihemba rizoba mu biringo bibiri, mu mpera y’isizeni hazoba isuzumwa ry’ingene urudandazwa rw’ikawarwagenze kw’ishirahamwe ryose ryadandaje ikawa. »

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA asaba abajejwe intwaro, umutekano, abakorera mu gisata c’ikwa hamwe n’abanyagihugu, kwunga urunani mu gufasha gutuza abashora ikawa baciye mu nzira zitazwi n’amategeko.

Igiterwa c’ikawa ni kimwe mu biterwa njabukamazi vy’Uburundi, ikaba yinjiza ibice 60 kw’ijana vy’amafaranga y’agaciro yinjira mu gihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.