IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Umukuru w’umurwi CNTB asaba abafasha gutanga uburyo kugira umurwi ukorere (...)

Umukuru w’umurwi CNTB asaba abafasha gutanga uburyo kugira umurwi ukorere neza abawitura

mercredi 15 Ntwarante 2017

Umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB usaba Reta kwongereza uburyo iha uwo murwi kugira ushobora gutunganiriza neza abawitura.

Ashikiriza ivyaranguwe n’umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo kuva mu mwaka wa 2015,umukuru w’umurwi Martin MBAZUMUTIMA yamenyesheje ko naho hari abategerezwa gutanga uburyo batabutanze ,umurwi CNTB washoboye gutunganiriza abawituye.

Martin MBAZUMUTIMA yavuze ko hari amadosiye ibihumbi 12 akiri mu mirwi yo mu ntara ,mu gihe ayandi madosiye 2300 akiri mu murwi w’iyungururizo.

Umukuru w’umurwi CNTB amenyesha ko ashima kuba abanayagihugu baratanguye gutahura ko ata nyungu iri mu kuguma wiboheye ku bintu vya murundi, aho hari abamaze gufata ingingo yo gusubiza ivyo bafise atari ivyabo.

Martin MBAZUMUTIMA arongoye umurwi wo gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo, asaba abafasha mu gisata c’agateka ka zina muntu gufasha umurwi CNTB kugira ushobore gutunganiriza neza abanyagihugu bawitura.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.