IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Inyuma y’imyaka itanu ihiye, isoko nkuru ya Bujumbura ntirasanurwa

Inyuma y’imyaka itanu ihiye, isoko nkuru ya Bujumbura ntirasanurwa

samedi 27 janvier 2018

Ushitse mu kibanza cahoramwo isoko nkuru ya Bujumbura, uretse ko mu bumanuko hari igituro c’imodoka zija mu bumanuko bw’igisagara, mu buraruko ukahasanga, imodoka zunguruza abantu zibajana mu burengero bw’igisagara, ahandi wakirwa n’ibisigarira vy’ibisakazo, umucafu, ibiti bimaze gukura, n’ivyatsi bikikuje ivyo bisigarira vy’impome.

Bamwe mu bakorera hafi y’aho hahoze isoko, bagizwe ahanini n’abahora bafise ibibanza mw’isoko nkuru ya Bujumbura, bavuga ko iyo babonye ibisibarira vy’isoko yigeze kuba ibafasha kubaho, no gutunga imiryango, bumva intuntu n’agahinda mu mutima.

HABONIMANA Massoud ni umugabo aba muri quartier ya Kanyosha,arubatse afise abana babiri, yahoze adandaza impuzu mw’isoko nkuru ya Bujumbura, avuga ko isoko ariyo yari imutunze, kandi muri rusangi yari itunze n’abantu benshi.

HABONIMANA Massoud avuga ko yisunze ikiringo giheze isoko itarasanurwa, ata cizere bafise ko igihe kimwe bazosubira kubona bariko barangurira ibikorwa vyo kudandaza muri ico kibanza, afata nk’isoko y’ubuzima.

Asaba Reta gukoresha uburyo bwose bushoboka, n’utwigoro twose dushoboka kugira iyo soko isanurwe, gutyo abigeze kuba bahafise ibibanza, nabo basubire kuronka aho bakorera.

Mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, bamenyesha ko kuba isoko nkuru ya Bujumbura itarasanurwa,inyuma y’imyaka itanu, habaye ikibazo co kubura abaza guhiganirwa amasoko yo kuhasanura.

Bavuga ko Reta yabikoze yisunze amategeko, ihamagarira abantu guhiganirwa isoko, ariko ikiringo c’amezi atatu kirekurwa n’amategeko, caheze batararonka abofata mu minwe ivyo bikorwa.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • nubundi iyo soko yari ishaje. yubatswe muri 1987 amasoko nkayo akwiye gusenywa hakubakwa izo bita malls ; canke business centres.
    jewe ìciyumviro canje nuko banshaka nkabaha iciyumviro co guhindura harya hantu. burya buzu bwo kuri bata bwose tiya cini.

  • Ubundi ico kibanza cari gikwiye kubakwamwo isoko nziza isobanutse kuko ari mu muji hagati.
    Nikibanza ciza kibereye mwo malls nini kanzi nziza. Birababaje kubona aho hantu hatarubakwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.