Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Isabukuru y’amareresi FESTICAB yatanguje ihiganwa ku ncuro igira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Isabukuru y’amareresi FESTICAB yatanguje ihiganwa ku ncuro igira (...)

Isabukuru y’amareresi FESTICAB yatanguje ihiganwa ku ncuro igira icumi

samedi 5 mai 2018

Mw’ijambo yashikirije, umukuru w’Isabukuru mpuzamakungu y’amareresi FESTICAB, Léonce NGABO, yamenyesheje ko isabukuru y’uno mwaka ije mu gihe kidasanzwe kuko bihuriranye n’ihimbazwa ry’imyaka 10 iheze, isabukuru FESTICAB ibayeho.

Léonce NGABO, yavuze ko amareresi ari mw’ihiganwa ry’isabukuru FESTICAB azokwerekanwa mu bibanza biri mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’ibibanza biri hagati mu gihugu, nko mu ntara za Gitega, Bujumbura Rural, Cibitoke, Ngozi na Cankuzo.

Umukuru w’Isabukuru mpuzamakungu y’amareresi FESTICAB, yaboneyeho akaryo ko gushimira ababandanya bafasha kandi bashigikira FESTICAB, kugira ngo igende neza kandi ishike aho itegerezwa gushika.

Amareresi 69 niyo yatowe kugira aje mw’ihiganwa, muri ayo 8 yatunganijwe n’abarundi, 29 ari mu mahiganwa mpuzamakungu, 10 yo mu karere ka EAC, hamwe na 22 yaronse ubushimwe mw’isabukuru FESPACO kuva mu mwaka w’1972 gushika mu mwaka wa 2015.

Isabukuru mpuzamakungu y’amareresi igira icumi, itunganijwe ku civugo : «  Urwaruka, kwitunganiriza akazi n’uburongozi »,ikaba ihagarikiwe n’umukinyi w’amareresi ava mu gihugu ca Cote d’Ivoire Nastou Traoré.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.