IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ireresi "BIRASHIKA" izokwerekana intambamyi zihanze urwaruka

Ireresi "BIRASHIKA" izokwerekana intambamyi zihanze urwaruka

samedi 21 Ruhuhuma 2015

Ishirahamwe "Believers Company" rigira rishire ku mugaragaro ireresi ya mbere ikozwe ku buhinga bugezweho bw’amareresi. Ireresi ivuga ahanini ku bibazo bihanze urwaruka, haba mu kuronka ubuzi canke gutora umufasha w’ukuri wo kwubakana nawe.

Mbega iyo reresi ivuga iki muri make?

Amakuru atangwa na Bella, umwe mu bakinye iyo reresi, atubwira ko iyo reresi yitwa "BIRASHIKA" itangura umuhungu ari muhira iwabo ataco akora, akirirwa ayerera ari ico bita "imburakimazi". Muri ako kanya haza abashitsi aho babaza nyina igituma uwo muhungu ata kazi afise, yirigwa ayerera. Uwo muhungu amaze kuva hasi akarondera akazi, yagize ingorane zo gutora umukobwa umwe muri babiri bagendana, bivuye ku kutabona uwo bakwiranye muri abo babiri. Ireresi irangira wa muhungu yaratoye umugore w’ukuri wo kwubakana.

Iyo reresi ahanini ivuga ubuzima bw’urwaruka rwa none aho rugira ingorane zo kubaho nko kubura akazi, bigaca bituma ruja mu bikorwa bigayitse, nko kunywa ibiyayuramutwe hamwe n’ubusambayi.

Kw’itangazo ry’umunsi wo gushira ku mugaragaro iyo reresi, yateguwe amezi ashika icenda kandi ikaba iri mu rwego rw’amareresi maremare "Long metrage", hariko ikibanza c’umuririmvyi "Artistes". Ariko Bella avuga ko uwo muririmvyi azovugwa hageze "surprise".

Ireresi "BIRASHIKA" y’ishirahamwe Believers Company" izoja ku mugaragaro kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2015 muri SOURCE DU NIL kuva igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba

Raba uko bizoba bimeze ku rupapuro ntangazabirori


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.