IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Isekeza ryo guhimiriza abanyagihugu gutora EGO canke OYA ntiriratangura’’

’’Isekeza ryo guhimiriza abanyagihugu gutora EGO canke OYA ntiriratangura’’

jeudi 18 janvier 2018

Mw’itangazo ku bamenyeshamakuru ryo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 18 Nzero 2018, ryateweko umukono n’umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE,ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu, bumenyesha ko abipfuza kuja mw’isekeza ryo guhimiriza gutora EGO canke OYA borindira uwo mwanya, utegekanijwe n’amategeko agenga amatora mu Burundi.

Naho biri ukwo,ubushikiranganji bumenyesha ko ku ruhande rwa Reta y’Uburundi ishimishwa n’intambwe igikorwa co gusigurira abanyagihugu ibiri mw’ibwirizwa shingiro rishasha gishitseko.

Ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu no gukundisha igihugu, bumenyesha ko mu vyegeranyo baronka kuva mu makomine gushika ku rwego rw’intara, vyerekana ko abanyagihugu barushirizaho gutahura impinyanyuro nshasha ziri mw’ibwirizwa shingiro.

JPEG - 64.4 ko
Pascal BARANDAGIYE, Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Mu mugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye basangiye uko babona ibintu n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,Keffa NIBIZI arongoye uwo mugambwe amenyesha ko igihe co gusigurira abanyagihugu gutora ego canke oya ku banyeporitike kitarashika, akemeza ko ubu ari akaryo kuri Reta kugira isigure ivyo vyahinyanyuwe mw’ibwirizwa shingiro.

Mu gihe hari bamwe bahejeje gusigura bagenda basavye abitavye gutora EGO, Tatien SIBOMANA ari mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi asigura ko naho boba bariko barasigurira ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa shingiro, ata burenganzira bafise bwo kwigisha gutora EGO kuko ata tegeko ry’umukuru w’igihugu rirasohoka rihamagarira amatora.

Igikorwa co gusigura impinyanyuro ziri mw’ibwirizwa shingiro rishasha bitegekanijwe ko rizokwemezwa canke rigahakanwa mu matora y’abanyagihugu bonyene (Referendum), mu kwezi kwa gatanu 2018, catangujwe n’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 12 Kigarama 2017, i Bugendana mu ntara ya Gitega.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.