IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ingendo > Ivyambu bihuza Uburundi na Congo mu karere Rusizi vyugawe

Ivyambu bihuza Uburundi na Congo mu karere Rusizi vyugawe

mercredi 19 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubuyobozi bw’Akarere ka Rusizi bumenyesha ko bwafashe ingingo y’ukwugara ivyambu bihuza ako karere ka Rusizi n’ibihugu vy"uburundi hamwe na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kubera ikibazo c’umutekano n’urudandazwa rwa magendu ruhakorerwa.

Mu kiganiro Harerimana Frederic, Umuyobozi w’Akarere ka Rusizi yagiranye na IGIHE, yamenyesheje ko vyakozwe mu ntumbero yo gukingira inyungu z’umutekano hamwe n’ukurwanya urudandazwa rwa magendu.

JPEG - 229.5 ko
Harerimana Frederic, Umuyobozi w’Akarere ka Rusizi

HARERIMANA yasiguye ko ubuyobozi bw’akarere ka Rusizi bwari bwagerageje kworohereza abanyagihugu bo mu Burundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bashiraho ivyambu bitandukanye vyifashishwa n’abanyagihugu bo muri ivyo bihugu vyompi. Ariko ko kubera ikibazo c’umutekano, ivyambu vyo ku mupaka w’Uburundi vyose vyugawe, kuko muri ubwo buyobozi bw’akarere ka Rusizi, babonye ko umutekano ugenda urahungabana.

HARERIMANA yamenyesheje ko ivyambu vyugawe bigera kuri bine ku ruhande rwa Repubulika Iharanira intwaro ya Congo, ivyo navyo akaba ari ivyambu vya Nkanka, Nkombo, Mururu na Gashonga. Ubuyobozi bw’ako karere bukaba bufise umugambi w’ugusubira kuraba n’ibindi vyokwugarwa, abanyagihugu bakaza baraca ku mupaka wemewe n’amategeko.

Ku ruhande rw’Uburundi, ivyambu vyugawe ni Bugarama, Gikundamvura, Butare, hamwe na Bweyeye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.