IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ingendo > Ibikorwa vy’ihuriro rya Crans Montana biriko birabera i Rabat

Ibikorwa vy’ihuriro rya Crans Montana biriko birabera i Rabat

samedi 21 Ruheshi 2014

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari mu gihugu ca Maroc, aho bitegekanijwe ko yitaba ihuriro rya 25 rya Crans Montana, izorangira kuri uwu wa 22 Ruheshi 2014.

Mu bikorwa vy’iryo huriro birongowe n’umwami w’igihugu ca Maroc Mohamed wa 5, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ari kumwe n’abandi bategetsi baserukiye ibihugu bitandukanye nka Blaise Compaoré umukuru w’igihugu ca Burkina Faso, umukuru wa Monténégro Filip Vujanovic, Umupfasoni Marie Louise Coleiro Preca wa Repuburika ya Malte, Gordon Darcy Lilo umushikiranganji wa mbere wo mu mazinga ya Salomon, umushikiranganji wa mbere wa Madagascar Roger Kolo hamwe na Abdulaziz Othman Altwaijriumuyobozi mukuru wa ISESCO.

Mwokwibuka ko ihuriro Crans Montana ryigeze guha umudari w’inzahabu Reta y’Uburundi n’abarundi bose ribicishije kuri Gerevazi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, ku mwete n’ubushakashatsi mu guteza imbere igisata c’ubutunzi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nkiryo huriro atari ugusrsahura itunga ry’ihihuhu harico rizanira igihugu? Ntakundi kweli, ibintu vyarayangaye iwacu!

  • Amata Arera. Kenshi Ivyo Dukora Bibonwa N’isi Nabayibako. Nta Wutoshima Ko Mu Burundi Hari Ivyiza Vyinshi Bimaze Gukorwa, Maze N’amakungu Akaba Abibona. Hasigaye Kumenya Ko I Burundi Twambaye Ikirezi. Ko Twobinezereregwa Maze Tugatsimbataza Urukundo Hagati Yabarundi, Ntitugume Twambikana Ibara, Kuko Ibibazo Vyacu Nta Muntu Wo Hanze Azoza Kubitorera Umuti Atari Twebw Nyene. Kira Noneho Nabo Tubwira Ibitugoye Ntibabuze Nabo Ibibagoye.

  • Nagomba mbwire uyo avuga ngo yambaye nacambarane nanyina na se.apana kuvugira abarundi base.nuko wiwe aracishwa kubuhomba.turazi iyi leta yica benshi igakiza bake.

  • Le Chien aboie la carvanne passe toujours des regrets ngomutwawe nabi nayoshwi mwifuza gutwara ivyo mudashobora?muzokwama mwidodomba ukwo nyene toujours les ingrats sont malheureux

  • Le Chien aboie la carvanne passe toujours des regrets ngomutwawe nabi nayoshwi mwifuza gutwara ivyo mudashobora?muzokwama mwidodomba ukwo nyene toujours les ingrats sont malheureux

  • UTWO DUSHIMWE NIMBA ARI NATWO NUTWO GUHENDA ABATAZI NGENE ISI IKORA ..NI AMA LETA Y IVYO BIHUGU YAMUHAYE UDUSHIMWE CANKE NI UTU ASSOCIATIONS ..ARAHENDA ABATABIZI..ABA DD NICO BABONA DUKWIYE KUKI GOUVERNANCE ADASHOBOKA ???ABARYI GUSA BABA GENERAUX NKA BA GIHAHE COMPLETEMENT ANALPHABETES ATAWUVUGA ABA AKUBISWE !!!!

  • Akazi k’abandi ni kuvuga gusa kuko gukora birabagora hama abakozi nabo bagakora nibo babishoboye hama Imana ikabashimira

  • PAPA WA BURUNDI SONGA MBELE. TUBITEZEKO VYINSHI MUMISI IRIMBERE, NTIMWUMVIRIZE IZOMBURA KIMAZI ZITAZI IYO IBIKORWA BIKORERWA!!!!!!!!! CIZA NAWE NOKUBWIRA KO WEWE UTAZOHAGARIKA ABAPFA, KUKO ABANTU BAZOKWAMA BAPFA!!!!!!! NA WEWE UMUSI WAWE NIWAGERA NTUZORUSIMBA!!!!!

  • Nawewe Sihondi ntuzorusimba ushimagiza ureka witabandi imburakimazi aho wosanga arimwe muri imburakima.

  • Ariko abarundi murantwenza iyo mubona bamwe muntwaro bariko barakora kubwo inyungu zabo,bamwe nka ba kaburungu hamwe nabandi baza bavyitamwo.ehe nkuko turi bato tuvyihorere.hanyuma turindire kugira natwe dushikigwe natwe tuzomenya ico twikorera hanyuma.yari impanuro yagusa.

  • Komera nyakwubahwa President kuri runo rugendo hari abari bamaze imisi bata umwanya NGO ntimukiva my Burundi!!! Bamaramare nyakwubahwa kuba mugihagarariye igihugu cacu n,agaciro beshi batabona , reta nazo z,ama cout d,etat twarazisezereye!!!! Nawe tuzokwita vuba irindi zina ry,ubuhizi kuko ntituribagira ko waharaniye democratie ugoregwa mW,ishamba kandi uhevye icubahiro cawe co kwita LECTEUR. May the Lord bless you abundantly

  • urugendo gwiza muzee.intovyi ntizizobura baze bihende kandi.NGO kabiri karazigwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.