IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Kigingi Summer Comedy : Hasigaye amasaha make Kigingi n’abatumire biwe (...)

Kigingi Summer Comedy : Hasigaye amasaha make Kigingi n’abatumire biwe babatwenze

mercredi 26 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Iminsi ibiri gusa n’amasaha makeyi niyo isigaye kugira Kigingi n’abatumire biwe basubire kubanezereza, nk’uko yama abikora mu gihe nk’iki. Nk’uko twabibamenyesheje mu makuru y’ibanze yerekeye ico giteramo, amazina y’abahinga mvamakungu bazofadikanya na Kigingi yamaze kumenyekana. Abo nabo ni aba bakurikira :

1. Charly : Cameroun,
2. Joyeux : RDCongo
3. Michael : Burundi/ Rwanda
4.Divin : Burundi/Rwanda

Icahindutse n’uko umuhinga mu gutwenza ava mu kibanyi ca Congo, ariwe Djassa Djassa atazoba ari ico mu giteramo, nk’uko twari twabibamenyesheje.

Iruhande y’abo, hari n’abaririmvyi n’imirwi y’abatamvyi bo mu Burundi nabo bazoteramisha abantu. Abo ni nka :
1. Arthur Ban& Rivaldo,
2. Gitoro,
3. Rule Big,
4. Live Band : Umudiho Groove,
5. Magic Guards.

Muri abo hiyongerako igihangange mu muziki, Big Fizzo.
Mu gisata c’aba DJs, hazoba hari: Dj Israël, Dj Flow, Dj Be, Dj Black Jim.

Kwinjira mu giteramo citiriwe "Kigingi Summer Comedy" ni ibihumbi bitanu.

Ico giteramo kizoba kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 29 Mukakaro kuri La Bamba


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.