IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’ Kuba twaratanze intererano y’amatora ntibisigura ko twivuguruje’’

’’ Kuba twaratanze intererano y’amatora ntibisigura ko twivuguruje’’

vendredi 2 février 2018

Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA avuga ko abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’barundi batigeze banka intererano, ahubwo banse interera zo gukandamiza abantu, aho bakatwa ku mishahara.

Pierre Celestin NDIKUMANA amenyesha ko abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi batanze intererano uko umwe wese abishatse ku gushaka kwiwe, kuko nabo bashigikiye ko umuntu aterera uko avyumva bivanye n’uburyo n’ubushobozi afise.

Ati : « Nta kete twanditse tuvuga ko twihenze, twanditse ikete dushimangira ko tudashigikiye ko abantu bakatwa amahera ku nguvu, tubereka akarorero k’ingene intererano yategerezwa gutangwa k’ugushaka kw’umuntu. Twaratanze amahera uko umuntu abishaka mu gushaka kwiwe, kuko ntitwigeze tureka gushigikira intererano, twanse intererano zo gukandamiza abantu, aho bakatwa ku mushahara. Dushigikiye intererano umuntu ashobora gutanga uko avyumva bivanye n’uburyo n’ubushobozi afise. »

Kubwo umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA, ni muri iyo ntumbero yo kwerekana ko bashigikiye igikorwa co guterera amatora ariko batanize amategeko, begeranije uduhera duke duke bivanye n’uko umwe wese avyumva, baratanga ariko barungikana n’ikete, ryibutsa ko badashobora kwemera ko amafaranga y’intererano atorwa ku mishahara yabo.

JPEG - 80.9 ko
Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA, yatowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi

Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA yemeza ariko ko, abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bagihagaze kw’ikete bandikiye umukuru w’Inama Shingamateka Pascal NYABENDA bamwereka amakenga arangwa mu gikorwa co gutoza intererano y’amatora, kandi ko intererano idasabwa ku nguvu.

« Turacari kw’ikete twanditse, turarishigikiye, turaryemanga , turarigendera, kuko nta ntererano y’amatora yakwa ku nguvu. Kuba twaramubwiye ko tumurungikiye intererano k’ugushaka ikurikije amategeko uko yategerezwa kugenda ,ntibisigura ko twafuse ivyo twanditse ubwa mbere. »

kur’uyu wa kane igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018, umukuru w’Inama Nshingamateka ahejeje gutanga intererano y’amatora yavuze ko abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi batanze intererano yabo kandi bari baranditse berekana amakenga k’ukungene igikorwa co gutoza intererano kiriko kirakorwa.

Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal NYABENDA yavuze ko abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bashobora kuba basanze barihenze mw’ikete banditse, ari naco coba catumye batanga intererano yabo.

JPEG - 42.2 ko
Pascal NYABENDA, Umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, atanga intererano y’amatora

Pascal NYABENDA yavuze ko mu rwego arongoye bariko baregeranya intererano y’amatora nk’uko vyakozwe mu bindi bisata, kandi ko mu minsi ya vuba bazoyishikiriza ku mugaragaro.

Umukuru w’inama Nshingamateka y’Uburundi Pasacal NYABENDA yatanze intererano y’amatora ku ruhande rw’umuryango wiwe y’amafaranga imiriyoni zine n’ibihumbi amajana umunani y’amarundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Andika hano NIVYIZA KO TWESE ABARUNDI TWIYUNVAMWO GUTERERA AMATORA KUKO IGIHUGU NICACU, KAND TURASHIMA KO MUHAMAGARIRA ABARUNDI BOSE KWIYANDIKISHA BAGATORA TURABASHIGIKIYE KANDI NATWE TUZOTERERA

  • Uko ni "ukwigovyoru". Umwe niwe yigeze kuvuga ngo " ingabo z’intambwe zirongowe n’intama zirutwa ingabo z’intama zirongowe n’intambwe". Ayo Mizero akirongowe nurya Mutama azokwama ariko arajuragurika. Ko twamubonye yitavye ibiganiro vya CNDI hariya i Kiremba, vyagenze gute ngo yivuguruze ku bijanye n’Ibwirizwanshingirol ?

  • Uwuzorusha abandi gutanga menshi niwe azotorwa. Ubu rero uwoshaka yotangura kugira liste kuva, ku milioni 5 umanuka.

  • sha ababipfa nababisangiy tw duteze umutwe nkumumobwa

  • Mbega none abashingamateka b’amizero y’abarundi bagarukira ku kwivugira ko batokatwa ku mishahara bonyene ?? kuko batabandanya bavugira abarundi bose vyega, ko umwe wese yotanga kuko avyipfuza kandi uko avyumva ?? Mbega abo bobo baserukira DD, kuki bavugira mu ntamatama kandi aribo bari bawirijwe guhagarikira amategeka ntibayarenge, kubera iki basha coba, bagategekwa n’aba ministres babiri kandi ku bwa ngingo aba ministres bategerezwa gukurikiza amategeko yatowe akemezwa n’abashingamateka ??? Hagararira amategeko Bashingamateka, bibananiye naho, tega umutwe batumwere hamwe. Murabona ko Ingarukiragihugu ntazikiriho, hasigaye Ingarukiranda.

  • Andika hano:natere Dushigikire Amatora Ibindi Avyihoze Kuko Abariko Ateshumutwe Abarundi Bamwize Ashukira Ubusa Ntaho Vyakabaye K’umunyagihugu Aterera Igihugu Ciwe Natwe Dushomereye Dutegerezwa Guterera Igihugu Cacu Kuko Ejo Niheza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.