’’Nta caha na kimwe nakoze mu kuvuga Oya.’’-Hon. RWASA Agathon

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 21 mai 2018 saa 10:25
93600
0 0

Umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, umushingamateka RWASA Agathon, amenyesha ko ata caha na kimwe yakoze mu kuvuga Oya kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro, kuko vyemewe kandi bitegekanijwe n’amategeko.

Mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika, umushingamateka RWASA Agathon, arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi avuga ko ata caha na kimwe yagira, mu kuba yarerekanye aho ahagaze kw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro.

Umushingamateka RWASA Agathon avuga ko abasaba ko apfungwa ari iterabwoba bariko baragira, kandi ko ataho rishingiye, ata nico rivuze, ahubwo mbere bisa n’ukwimaramaza.

Muri ico kiganiro, umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, avuga ko ibiriko biba mu Burundi biteye isoni n’agahinda, kuko bitumvikana igituma hoba abahagarikwa bagirizwa gutora Oya canke kuja mu myiyamamazo yo kwigisha gutora Oya.

JPEG - 75.1 ko
Umushingamateka RWASA Agathon, arongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi

Umushingamateka RWASA Agathon, avuga ko ata murundi akwiye guhanwa kubera yatoye Oya, canke akurikiranwe kubera ivyiyumviro vyiwe, mu gihe twemera ko igihugu kiri mu ntwaro rusangi.

Mwomenya ko, umushingamateka RWASA Agathon, arongoye urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi yamaze kumenyesha ko mu Runani arongoye batazokwemera ibizova mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro kuko yaranzwe n’utunenge.

Mu mugambwe FNL urongowe na Yakobo BIRIMANA, hamwe no mu mugambwe UPRONA bobo baramaze kwemera ivyavuye mu matora, bakavuga ko ayo matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yagenze neza mu gihugu cose.


Kumenyekanisha

1
Deo 13-06-2018 à 21:46

Komera Uvuga Oya Uvuga Ego Bose Ntaciza Barondera Banyagihugu Atari Inda Zabo

2
Nyabenda Manweri 22-05-2018 à 21:28

Andika hano Amahro Gwasa Ndagushimira Ko Wanyuranije Ntawokundwa Nabose Ariko Mumenye Ko Abantu Bakwanse Imana Itakwanse Atakintunakimwe Bashobora Kukugira Kuko Uba Uri Mukubokokw’ Imana Haburana Babiri Hagatsinda Umwe Mwemere Aho Intahe Ishize Nkabakunda Igihugu Murakoze.

3
B.RENE 22-05-2018 à 16:49

Benewacu nkunda nabumvirije nsanga ntimuzi ico imana idushakako nimwitonde mukuvuga ntimuze muhanwe mutazi ivyo mwavuze, kimwe nobamenyesha n’uko imana yacu, ari umunyakigongwe, none nibaharire mwavuze ico mutazi.nimwirinde kuvuga ibitagira mvura.gutora ego canke oya mwebwe muzungukiki ? kimwe gusa nimusonere izina ry’Imana.

4
eric 22-05-2018 à 09:40

EREGA WEW WATEGEREZWAKUVYANKA BIRAZWI UKO

5
Mama 21-05-2018 à 23:31

Komera mutama ntuhire ubwoba Kuko turakomeza guhendahenda ababiligi bakomeze gushigikira abantu bamezenkamwe.

6
casimil 21-05-2018 à 21:20

ewe mutama ntitwaseko wigishije gutora oya nuko oya itazopfa bitsinze kugera yesu agarutse mutama wihangane imana yaraseko oya ijahejuru ya ego imana yashize hejuru ego ego ego ego

7
kabuga 21-05-2018 à 17:55

Nagira mbamenyeshe ko Imana yamaze guhimwa n’intwaro zitowe n’abana b’abantu ikaba iheruka kumenyesha ugiye kurongora uburundi atazohereza abarundi ku gafuni. Demokarasi ni intwaro iryanisha kandi ntabwo ibuza kugarukana za ntwaro ryogora ubone nk’uko tubibona uno musi. Intwaro iva ku Mana ico tuyibonerako n’uko ikora ivyo Imana igomba : Kutica, kudaca iza ngondagonde, kwirinda amacakubiri, kutaryanisha abantu, kwiba, gusambanya abantu mu kubaha akazi, kuraguza, n’ibindi.
Mbarize ko koko Nkurunziza yarungitswe n’Imana kuza kugendera ku mugongo w’abarundi ?

8
Baziruwa Emmanuel 21-05-2018 à 17:35

Komera ntakibi nakimwe uravuga ntuvura ariko nta joro ridaca imvungakuri nticike intege Igor kizogera

9
Mandela 21-05-2018 à 16:52

Jewe numva iyo hatabaho gutora Oya ntabwo yarikuba ari Demukarisi uwuvuga ngo abatoye Oy bafungwe ntazi ivyavuga ahubwo ni umugumutsi nuko yabivuze nabony ameze nkuwataye umutwe ntamuntu yize yavuga amajambo nkarya atagira urupfasoni

10
Mama 21-05-2018 à 15:07

Rwasa Agathon, kubawarigishije ngwabarundi ntibatore ibwirizwashingiro ntangirane kuko ariko vyarabonekana ko ariwewe uriko urerekana ahubwengebwawe bugarukira nokwimaramaza wewe ubwawe nabomwarikumwe, ibibabaje bizoteba bikananirana kwihanganira nukwokutemera gutsindwa kandiwumva abahaniwe amakoshayabobakoze ukaca wigamba ngonuwawe ! Noneburya wewe hsrahuhuriye nabashaka gutora kabiri ?

11
Bugaboburihabwa 21-05-2018 à 13:49

Komera Nyenicubahiro Mutama Wacu !Abo Bakwanka Tuzoraba Aho Baguca Badashaka Ko Tubabagira Ibisiga Bazorabe Kuko Ingwe Uyisomborokeje Irakwivuna

12
Jearm 21-05-2018 à 13:41

Komera Kumuheto Nyenicubahiro Mutama Wacu Abo Bafis Imigambi Yo Kwa Satani Ntaho Bazoshika Murikumwe N’imana Yomwijuru Abo Baryohew Nubusuma Bakoz Mukutwiba Ariko Ivyo Bakora Vyose Bitebe Bitebuke Bazovyishura Kandi Vuba Cane Kuko Jacque Avugivyo Kuko Ari Munyo Ya Cndd Fdd Arik Nibarindir Tuzobereka Ico Turi.

13
ndayiragije 21-05-2018 à 13:08

Andika hano rwasa ahendwa nabarya bahunze kugira umugambi wogutembagaza ubutegetsi 2015 bari bateguye ntibakwirikiranwe nubutungane ihi bambewe nibatatwe iyo bari hose barenguke iburundi ubucamanza bukore akazi kabwo kandi na rwasa afatwe

14
Wilfred. 21-05-2018 à 12:19

Kwisi Mwijuru hari Imana imwe ihoraho. mwebwe mwize natwe tutize twitwa ivyaremwe vyayo. Abami bose bokwisi bashigwaho nawe siko biri. mwibuke ayo Kora na Detani babonye soma bibliya yera mupfa ubusa Abize muri beshi ariko tukeneye Perezida umwe twitoreye kugira ntitwihende tubaza Imana yacu. simwese muzoba aba Perezida Abatoye Ego nibeshi abatoye Oya nibake nimwemere ikigereceko siguza Imana. bake mutogira ubwoba beshi nabo gute ? muri Demokaras Abanyagihugu mumatora turi abacamanza bukuri amakenga nahere 2020 muzoze kumitumba mwirabire. reka gutuma turafise ibibazo tuzobabaza.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha