Incamake

Sentare ijejwe kwubahiza ibwirizwa nshingiro yemeje ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 31 mai 2018 saa 03:32
42720
0 0

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye kuwa kane, igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Umukuru wa Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, Charles NDAGIJIMANA , avuga ko, sentare imaze guca hirya no hino ivyashikirijwe n’umurwi utegura amatora CENI, basanze amatora yabaye hisunzwe amategeko.

Charles NDAGIJIMANA yavuze ko, ku bantu bitavye amatora yo kwemeza ibwirizwa nshingiro, Ego yatsinze ku majwi 73,24 kw’ijana, Oya ku majwi 19,23 kw’ijana, abataco babivuzeko aba amajwi 4,1 kw’ijana, ayabaye impfagusa nayo aba 3,24 kw’ijana.

Ku birego vyashikirijwe n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, Umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, amenyesha ko ibirego vyabo ku bijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, basanze bidafashe.

Umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI, wari watangaje ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora, kuwa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018.

Evariste NGAYIMPENDA, icegera c’uwurongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, yari yavuze ko batazokwemera ivyavuye mu matora kuko habayemwo amakosa menshi.


Kumenyekanisha

1
moon 1er-06-2018 à 15:41

twemere rero ah’intahe ishize kuko hatsinze abarundi bose,ok !

2
Nzokira p claver 1er-06-2018 à 08:32

Imana ni shimwe !abarundi twaritwazindutse kwitorera ibwirizwa shingiro tudyohew none bagomba baducumutima !nirihangame rero !

3
Ukuli 1er-06-2018 à 07:34

Abo b Amizero y inda zabo, ntaco bashikako kuko abarundi barabahinyuye, bamenyeko abarundi banyotewe amahoro no kwikorera imirimo ya minsi yose ibateza imbere Kandi Nyenecubahiro NKURUNZIZA ari kubibashikanaho no muri 2020 ba zamu tora cane gose. Abikorera utwabo n abanyamahanga nabandanye bikorere urudandazwa mu mutekano ukwiye, Abanyagihugu babarundi babayeho neza mu buzima bworoshe kubera Imana yabahaye NKURUNZIZA si nko mu Rwanda abanyagihugu barushe gose, bashonje, bahora batotezwa nubutegetsi, bambuwe amatongo yabo nubutegetsi, amashule meza ashigwamo abana babategetsi, n’ayo mabi akaba azimvye, kwivuza bizimvye Kandi bidashamaje, itunga n ibikogwa vyose arivy ishaka rirongoyeyo, mu Burundi ntaco leta idakora ngo ifate neza abanyagihugu n abahatuye

4
Baziruwiha emmauel 1er-06-2018 à 01:37

Abo ntaco bovuga ni bandabusavye gusa nzi Kenya yari yaberetse akarorero ko kudakore muvumbi kumuvumba

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha