IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL wagiriza Ubufaransa gusohora itangazo ku Burundi rifise aho (...)

Umugambwe FNL wagiriza Ubufaransa gusohora itangazo ku Burundi rifise aho rihengamiye

mercredi 30 mai 2018

Nk’uko biri mw’itangazo umugambwe FNL wasohoye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 Rusama 2018, uwo mugambwe umenyesha ko, umaze gusoma ibiri mw’itangazo ry’Ubufaransa, ushima ko cemeza ko cabonye ivyavuye mu matora, ariko ukiyamiriza ibiri muri cio cegeranyo uvuga ko bifise aho bihengamiye.

Muri iryo tangazo, umugambwe FNL umenyesha ko watangajwe no kubona Ubufaransa bwerekana ko hari uruhande rw’abatutsi bushigikiye, kandi no mu kwiyamamaza hari abatutsi bigishije gutora Oya hakaba n’abigishije gutora Ego.

Umugambwe FNL, usaba igihugu c’Ubufaransa gusubiramwo iryo tangazo cashikirije, bagaha ijambo abegwa bose, kugira ntibatume igihugu gisubira kuja mu ndyane zifatiye ku moko, no gukinga ko batogira ishusho y’abantu bacanishamwo.

Umugambwe FNL, umenyesha ko ivyashikirijwe n’igihugu c’Ubufaransa ari agasuzuguro ku barundi baciye mu magume akomeye cane, no kutamenya ibijanye n’igihugu c’Uburundi.

Umugambwe FNL urangiza usaba Reta, abajejwe umutekano n’abajejwe intwaro, kuguma barikanuye, kugira ntihagire inkozi z’ikibi zitinyegeza inyuma y’iki gihe, kugira zihungabanye umutekano.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • we know they bigan many years a go but they failled.burundians found different foreigners."no thing to fear but fear itself."

  • Jewe nibaza kubufransa buzosaba imbabazi uburundi nabarundi kubwokubera uryamuriro baribadometse bacishije mwaruryarwete ! Gusa abarundi babahutu nabarundi babatutsi barabahinyuye abobafransa ahotwaritwararyaniye ntikwarikwirebera gusa bisekera babonye abafise vyishibasangiye baryana bapfa akantugato batumvikanyeko !

  • Barundi mwese,

    Ni mwereke amakungu ko muri mature, ni mureke kwagiriza Abazungu ko aribo bari muryane zanyu ni kwikebuka mukiraba mu cirori ko atari mwebwe mwenyene muriko mwishira mu menyo ya basetsi. Ubutegetsi bubi nibwo bwica igihugu, bukitera igorane bwonyene.
    Kuraho : Corruption, Nepotisme hanyuma justice igakora igihugu coca gitora akoyoko.

  • Ngo abarundi b’abahutu ngo n "abarundi b" abatutsi !! Ibi nivyo vyishe Uburundi, kubona ibintu vyose mu moko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.